IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ingaruka zo kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi

Ingaruka zo kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Ubwo buryo bwo kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi ni uburyo bukorwa cane n’abantu batari bake,tutibagiye imiryango ifise kimwe bita “piscine”, aho usanga n’umwana wese azi kwoga mu mazi. Ni ubuhinga bukorwa n’ababwize kandi benshi bavuga ko ari ikintu ciza ku magara y’abantu.

Kubw’umurongo ngurukanabumenyi www.utile.fr ,ivyiza dusanga muri ubwo buryo bwo kwoga mu mazi, benshi bita “natation” mu gifaransa ni vyinshi cane,ntawobidondagura abiheze,ariko umuntu ntiyoca aja narwo. Bifise akamaro gusa,kuko iyo asanze atabizi bishobora kwonona amagara yiwe,n’ubuzima akabusiga.

Aho hantu bogera “piscine”,ni ahantu hakundwa cane n’abantu bazi kwoga mu mazi,yaba imiryango,canke hagati y’abagenzi kuko hashobora kuba n’ikibanza co guteramiramwo. Abatazi kwoga naho iyo babonye abandi bari muri ayo mazi, n’abo nyene baca bipfuza kubimenya ningoga kugira nabo bajemwo.

Kimwe mu vyiza vyo kwoga mu mazi,bituma umuntu yumva amerewe neza n’umubiri unonotse. N’iyo umuntu agiye kwa muganga akavuga ko umubiri wiwe utameze neza, akenshi bamuhanura kwoga mu mazi “natation”kuko aribwo buryo bufasha kuvura abantu ata ngorane zihabaye.

Kwoga mu mazi ni uburyo buvura indwara zitari nke,nko kuvura umugongo, kugorora amagufa yoba yakonyotse, kuvura amahasima, eka na barya bantu usanga bapima ibiro birengeye,birabafasha kugabanuka.

Ubwo buryo bwo kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi,bukaba butandukanye no gukina rugby, handball(umupira w’amaboko) canke gukina umupira w’amaguru kuko vyo bisaba inguvu nyinshi.

Ikindi ciza co kwinonora imitsi mu kwoga mu mazi n’uko ikomeza amagufa, abafise ingorane z’umutima zirahera na barya bafise ingorane z’imyitwarariko “stress”, iyo bagiye mu mazi bumva baruhutse mu mutwe no mu mubiri.

Abantu benshi bibaza ko kwoga mu mazi bisaba uburyo bwinshi canke bisaba ko baja “hanaka” kugira bamenye kwoga. Haba namba! Burya abarundi barayamaze bati,”Uwushaka akeza aragahebera”. Iyo umenye ko ico ugire ugure kizokugirira akamaro, ukigura udahigimanga. Niyo umuntu amenye akamaro ko kwoga mu mazi n’ingaruka zavyo, acarondera kubimenya hasi hejuru ataravye ikiguzi bizomutwara.

Kuboga mu biyaga, babahanura ko boza barambara vya vyuma bahemeramwo kugira bibakingire mu guhema neza igihe bari mu mazi.

Kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi ni ivyankenerwa ku muntu wese na cane cane kuri abo bagendana ubumuga. Ishirahamwe ry’abafaransa riraba abagendana ubumuga riharura abantu barenga ibihumbi bine bafise impapuro z’umutsindo mu kwoga mu mazi. Ingararuka zo kwoga mu mazi ni nyinshi ku ruhande rwo kugira amagara meza kurusha ku ruhande rwo kwinonora imitsi. Ntimutangwe kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu mazi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.