IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Lion Story na Mkombozi bazomenera inda ku rutoki ku bijanye n’uko bariko (...)

Lion Story na Mkombozi bazomenera inda ku rutoki ku bijanye n’uko bariko batotezwa

samedi 10 Nzero 2015

Mu gihe hari abaririmvyi b’Abarundi bariko bahigwa buhongo kubera vyiyumviro vy’abo basohorera mu ndirimbo, umurwi wa Lion Story na Mkombozi bazoremesha ikiganiro aho bazomenera inda ku rutoki ku bijanye n’ihigwa buhongo bariko bagirirwa.

Haraheze iminsi abaririmvyi bari mu murwi wa Lion Story bavuga ko bariko bagirirwa itera bwoba bakanabuzwa gukora ibiteramo vy’abo bivuye ku butumwa bacisha mu ndirimbo zabo butaryohera aba canke bariya. Mu nyuma hakurikiye umuririmvyi N John yatwaye "Isanganiro Awards" n’ururirimbo "Ndasavy’Ijambo". Uwo nawe yatanguye gutotezwa kuva aho bamwubakiye icibutso mu ntara ya Karusi. Ico carabomowe ariko guhigwa ntivyaheze, ari nako guta akomoka agahunga igihugu. Eka na Mkombozi nawe nyene avuga ko ariko agirigwa itera bwoba inyuma yaho asohoreye ururirimbo "Nzeyimana", ururirimbo benshi bavuga ko atawe yatyoje, atuke canke yifatire mu gahanga.

Aho bukera kw’igenekerezo rya 12 Nzero, mu kiganiro "Uburundi Buraririmba" gica kw’Isanganiro isaha zibiri z’igitondo(8h00), umurwi wa Lion Story na Mkombozi bazoba ari abatumire baheze bamenera inda ku rutoki ku bijanye n’uko bariko batotezwa. Muri ico kiganiro haratumiwe kandi Memba arongoye ishirahmwe ry’abaririmvyi.

Umviriza ururirimbo "Nzeyimana" rwa Mkombozi hama utange iciyumviro cawe

Umviriza ururirimbo "Ndasavy’Ijambo" rwa N John hama bishobotse utange iciyumviro cawe

Umviriza ururirimbo "Rekura umu Rasta" rwa Lion Story hama ubushoboye utange iciyumviro cawe


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Yaba abarundi dufise umutima ushima twari dukwiye gushimira uwaririmvye iyi ndirimbo nzeyimana ha kumutoteza yavuze ibibangamiye igihugu catwibarutse mumpande zose turengere ibidutandukanya canke ico turi hama dushigikire ivyiyumviro vyincabwenge zishima kwereka abato aho ukuri kugeze muri rusangi. Murakoze

  • None lions story cg Mkombozi bazira iki? jewe mu ruririmbo rwa Mkombozi numva avuga ibijanye nintwaro ibereye pe. Kubera yaririmbanye ubwenge buhanitse jewe numva akebura abacamanza batarangura umwuga wabo neza kdi ntiyabeshe kuko urwo rwego ntawokwemeza ko rwigenga. Mkombozi yerekana ko hari inkozi zikibi iyo zifashwe zitamara kabiri mu munyororo bivanye numugambwe uwo muntu avamwo, canke IKASHI afise canke uwo muntu yafashwe ashobora kwe implika aba dignitaires mu manyanga bamufashemwo. Mkombozi arongera akerekana ingene ubucamanza bushobora gukwegerako muguca IZANGONDAGONDE.Mkombozi yishira mukibanza cabakora ayo marorerwa.Mu ncamake bibwirwa benshi bikumva benevyo, kandi ukuri kurababaza,kdi UKURI NTIKUVUGA UWUKUZE KUVUGA UWUKUZI ariyo mpavu bamwirukako eka na lion story ntibarya umunwa kuko bavuga ivyo babona namaso yabo kdi nta politique barimwo ntanibiti bariko barasaba reta kiretse kubakebura. Ariko twizere ko bazobandanya umwuga wabo kuko ngo IGITI KIRAKURIRA MUBABAJI KDI NGO IRAHOTORA IHIRWA.

  • azira ubusa kabisa avuga amabi akorwa impande zose

  • Nibabareke bikorere kuko bavuga ivyo babona bikorwa.so bagume kumuheto ntibatinye ntarugendo rubura intambamye muga inyuma yigihuhusi akazuba kararasa abana baridagadura.ndabatey intege bokomere.

  • Jew ico nibaza nuko izondirimbo kwataco zivuze kuko abaririmvyi bobo mukuririmba batanga msg kandi nimba bafata abaririmvyi nibafate nabo baririmba ivyinkundo

  • Chapeau àcette jeunesse qui ose dire tout haut ce que la vieillesse pense tout bas. Mu gihugu cacu abantu biyumvira kandi bakavuga ukuri atabwoba kandi atawe batutse si benshi. Si mfise ico notanga mu buryo bw’amafaranga.Muga nk’uko Mkombozi yabivuze kuri radioubu heze ici twokora dusabire igihugu cacu, dusabire abaririmvyi n’abo bose bitanga bakavuga ukuri kandi bazi ko bashobora kukuzira. Twisuzume ubwa nyuma umwe wese ku ruhande rwiwe kuco twategerezwa gukormuga tudakora kugira, umwe wese ashobore guteza imbere igihugu cacu mu vyo ashoboye.Mana kiza Uburudi bwacu.

  • rema rema ncut zacu ntamvura idahita igikuru nukurinda umugabo arinda akaje nimudushirire indirimbo shasha àla ligne

  • Ndimuto Mais Nsomwe Izonkur Nimureke Acndi Babeh Kuk Twese Turi Ibiremwa Vyarugira

  • Ebana Yahanuru Murundi Nibamurek Jw Ndamushigikiy100%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.