Accueil > Amakuru > Amashuri > Lycée Africain: Isabukuru y’imyaka mirongo ibiri n’itanu
Lycée Africain: Isabukuru y’imyaka mirongo ibiri n’itanu
samedi 11 Rusama 2013
Ishure ryisumbuye « Lycée Africain ryahimbaje kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Rusama 2013, isabukuru y’imyaka mirongo ibiri n’itanu ritanguye gutanga ubumenyi mu gihugu c’Uburundi.
Inyuma y’inkuka y’imisa yo gushimira Imana, abarezi, abavyeyi n’abana bahuriye hamwe kugira biginane, baganire ku ntambwe bagezeko, bongere bahanahane ivyiyumviro ku ntumbero ya kazoza.

Uwuserukira imbere y’amategeko ishure « Lycée Africain », Njangwa Gilbert-Becaud arashima intambwe iryo shure rigezeko, aho bamaze gusohora imikangara itari mike mu bisata bitandukanye vy’ivy’igwa batanga kuri iryo shure haba mu gisata c’ubutunzi, indome za none n’ubushakashatsi. Yakengurutse kandi utwigoro tw’abavyeyi na Leta y’Uburundi babafashe mu mugongo muri iyo myaka yose bamaze mu gisata c’indero mu Burundi.

Naho biri uko, umushingantahe Njangwa Gilbert-Becaud amenyesha ko bagiye barahura n’ingorane nyinshi ariko ko bakoze ibishoboka vyose kugira ntizibabuze gushika kw’ihangiro bihaye, aho mbere anegura ingendo ya bamwe bamwe yo gushaka gucanishamwo amashure ategukira Leta kandi bose barerera Uburundi.
Ku bwiwe, amashure yose nyabuna yofashwa, agahabwa amahirwe yo gukora imigambi y’iterambere kuko abana bose b’igihugu botoshobora kwiga mu mashure ya Leta.
Mu migambi bategekanya ya kazoza, Njangwa Gilbert-Becaud yamenyesheje ko bamaze gutegura umugambi uzofasha abanyeshure kumenyera gukoresha ubuhinga bwa none. Uwo mugambi mbere ukaba umaze gushikirizwa ubushikiranganji batwarwamwo, na Leta y’Uburundi muri rusangi, ukaba uzotuma abanyeshure bose baronka imashine zimwe bita inyabwonko, ivyo navyo bikazofasha abo bazozikoresha kuronka ubumenyi biciye ku buhinga bwa none, eka mbere n’abavyeyi bakaba bazoronka akaryo ko gukurikiranira hafi abana babo kuko hazoba harimwo ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru hagati y’abarezi n’abavyeyi.
Mu gihe uwo mugambi wokwemezwa, igitigiri c’abanyeshure bahagarika amashure cogabanuka cane, kandi abana bohatorera akayokwe kuko naho boba bari muhira bazoba bashobora gukurikirana ivyigwa biriko bitangwa n’umwigisha, canke babandanye bakora imyimenyerezo izoba iri muri izo nyabwonko. Koba kandi n’akaryo ko kwinjira mw’ihiganwa n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
Yarangije asaba ko ababijejwe bonyarutsa kwiga ibijanye n’uwo mugambi.
Ishure "Lycée Africain" rikaba rimaze gutanga impamyabushobozi 469 mu gisata c’indome za none kuva mu mwaka w’1991-1992, 214 mu gisata c’ubutunzi kuva mu mwaka w’2003-2004. Abanyeshure bamaze guhabwa urupapuro rwo kurangiza amashure gushika mu mwaka w’icumi bagera ku majana icenda na mirongo icenda. Muri rusangi iryo shure rikaba rimaze kwakira abanyeshure baharurwa mu bihumbi icenda n’amajana ane na cumi.
Yisunze rero ivyo iryo shure aserukira imbere y’amategeko rimaze kurangura muri iyi myaka rimaze rikora, yasavye Leta ko yoza irafasha n’amashure ategukira Leta mu migambi yayo, nk’ukubaronsa ibitabo, aho abanyeshure bakarihiza ubwenge bisunze ivyo baba bize n’ibindi, kuko vyagaragaye ko mwene ayo mashure afasha cane mu mugambi wa Leta wo kwigisha abana mu kuramura burundi bw’ejo. Njangwa Gilbert-Becaud yijeje ko ishure « Lycée Africain » rizoba akarorero muri kazoza.

Abirori vyarangiye abana n’abavyeyi bariko bigina iyo tsinzi y’imyaka mirongo ibiri n’itanu, mu munezero w’imvyino n’intambo zateguwe n’abanyeshure.


Egide Nduwimana