IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Lycée du Saint Esprit : Ibifungurwa vy’amafaranga imiriyoni 33 vyahatswe (...)

Lycée du Saint Esprit : Ibifungurwa vy’amafaranga imiriyoni 33 vyahatswe gusahurwa

mercredi 28 Nzero 2015

Abaporisi barafashe imbere y’umutaga wo kuri uwu wa kabiri, kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Mutima Mweranda "Lycée du Saint Esprit, umuntu yagira yibe akoresheje amayeri, ibidandazwa vy’amafaranga agera ku miriyoni 33 z’amarundi. Abajejwe ububiko bw’ivyo bidandazwa basaba ko uwo muntu yohanwa hakurikijwe amategeko.

Imbere ya vyose, habanje kuza umuntu yiyita NDIHO Franck, yavuga ko arongoye umugambi ujejwe kurwanya inzara muri USAID. Uwo yiyise NDIHO Franck yasavye ko yogura imfungurwa zigizwe umuceri, ifu y’ibigori hamwe n’isukari bisanzwe bidandazwa muri "Cantine" y’iryo shure, bikaba vyari biciye amafaranga agera ku miriyoni 33 z’amarundi. NDIHO Franck yavuze ko ashaka kugura izo mfungurwa kugira aje kuzifashisha impunzi zavuye muri Tanzaniya.

Yahavuye arungika imbere y’umutaga wo kuri uwu wa kabiri, umuntu gutora izo mfungurwa. Salvator Ntakarutimana ajejwe iyo "Cantine" yamenyesheje ko uwo yarungitswe yaje azanye urupapuro rwemeza ko yarishe amafaranga y’izo mfungurwa muri BANCOBU.

Uburongozi bw’iryo shure ryisumbuye ryitiriwe Mutima Mweranda "Lycée du Saint Esprit" bwaragize amakenga, baca bafata ingingo y’ukubanza kuja kubaza muri BANCOBU, ari naho baciye basanga atarivyo, akaba yari amayeri yakoreshejwe mu ntumbero y’ukwiba izo mfungurwa.

Salvator Ntakarutimana ajejwe iyo "Cantine" asaba igiporisi ko cokurikirana aho uwo musuma yaje ava, hamwe n’abandi basuma bakoresha ubwo buryo bagatuzwa kugira ntibabandanye gusahura igihugu n’abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.