Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Abasirikare 2 bakubise abarovyi barafunzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Makamba : Abasirikare 2 bakubise abarovyi barafunzwe

Makamba : Abasirikare 2 bakubise abarovyi barafunzwe

vendredi 14 Kigarama 2012

Abantu 3 harimwo abasirikare 2 bakubise abarovyi muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane. Bamaze gufatwa n’igipolisi kirabafunga.

Abo baisrikare bafunzwe bakora mw’ikambi y’i Nyanza-lac mu ntara ya Makamba. Ngo bakubise abarovyi babanje kubaboha n’ibiziriko iruhande y’ikiyaga Tanganyika mu gice ca Nyanza-lac nyene. Abo barovyi bavuga ko hari n’amafaranga arenga ibihumbi 50 basahuwe hamwe n’amatelefone ngendanwa 4.

Abarovyi bo kuri ico cambu bavuga ko hari nk’igihe c’isaha 4 z’ijoro aho babona abantu 3 harimwo 2 bambaye impuzu za gisirikare. Ngo baciye batabaza kuko bashaka kubiba utwabo, abajejwe intwaro baca bahamagara abarongoye ikambi ya gisirikare. Niho rero 2 bamnyekana ko ari abasirikare harimwo uwufise ipete rya lieutenant.

Igipolisi camaze kubafunga kugira hakorwe amatohoza aramvuye. Abarovyi bavuga ko atari irya mbere abajejwe umutekano bashaka kubiba utwabo amafaranga, amalefone n’ibindi.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.