Makamba: « Harakabaho Brarudi yazanye ihiganwa rya Primusic »

Yanditswe na Joel Sengurebe
Kuya 10 Myandagaro 2013 saa 07:30
5085
0 0

Ihiganwa rya Primusic ririko rirabandanya ibikorwa vyaryo mu ntara zitandukanye z’igihugu. Kuri uyu wa gatanu wa 9 Myandagaro ihiganwa rya Primusic ryabandanirije ibikorwa vyaryo mu ntara ya Makamba, aho mbere n’abanyagihugu baho bavyitabiriye biboneka, baca bashiraho n’icivugo kivuga kiti : « Harakabaho Brarudi yazanye ihiganwa rya Primusic ».
Mu gatondo ko kuri uyo munsi ihiganwa ryaberako, akanama kajejwe ivy’ubuhinga kazindutse karondera abaririmvyi icumi bahiganwa imbere y’abantu (...)

Ihiganwa rya Primusic ririko rirabandanya ibikorwa vyaryo mu ntara zitandukanye z’igihugu. Kuri uyu wa gatanu wa 9 Myandagaro ihiganwa rya Primusic ryabandanirije ibikorwa vyaryo mu ntara ya Makamba, aho mbere n’abanyagihugu baho bavyitabiriye biboneka, baca bashiraho n’icivugo kivuga kiti : « Harakabaho Brarudi yazanye ihiganwa rya Primusic ».

Mu gatondo ko kuri uyo munsi ihiganwa ryaberako, akanama kajejwe ivy’ubuhinga kazindutse karondera abaririmvyi icumi bahiganwa imbere y’abantu bitabiriye igitaramo ca Primusic cabereye ku kibuga gikuru c’umupira w’amaguru mu ntara ya Makamba. Abaririmvyi cumi batowe babaye ni Dusabeyezu Angelo, Ndikumwenayezu Egide , Marandura Nassor , Ndikumwenayo Jean Claude, Nsabimana Alain Fleury, Niyobuhungiro Jean Fleury, Nshimirimana Riziki Laetitia, Yamuremye Renovat, Niyukuri Eric hamwe na Ndayisenga Protais.

Abo cumi batowe, baririmvye imbere y’isinzi ry’abantu muri ico giteramo ca Primusic i Makamba canashigikiwe n’abaririmvyi nka Sat-B, Rally-Joe na Mkombozi yanakunzwe cane muri ico giteramo kuko asanzwe avuka muri iyo ya ntara ya Makamba.

Abaririmvyi babiri batowe kuzoserukira iyo ntara ya Makamba, ni umusore Angelo Dusabeyezu n’umwigeme Nshimirimana Raetitia, akaba ari abanyamakamba bose ariko bakaba bakorera umuziki wabo i Bujumbura.

JPEG - 71 ko
Babiri batowe mu ntara ya Makamba

Muri ico giteramo, ishirahamwe Brarudi ryarakoresheje amatombora y’ibintu bitandukanye harimwo amakinga, imitaka, imipira yo kwambara n’ ibindi bitari bike. Uko umuziki waryoha, niko banarusha kwivuna akanyota ku binyobwa vya Brarudi ngo baronke amahirwe yo gutombora batahukane nabo utuganuke batomboye.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba bakaba bashima ibikorwa vya Primusic na cane cane ishirahamwe Brarudi ryiyumviriye iryo higanwa ry’abaririmvyi kuko bashoboye kuhabonera ibitari bike kandi vyabashimishije.

Twobibutsa ko kuri uyu w’Imana wa 11 Myandagaro, ihiganwa rya Primusic rizobandaniriza ibikorwa vyaryo mu ntara ya Bururi, bikazobera muri komine Rumonge y’iyo ntara nyene.


Kumenyekanisha

1
DUSHIMIYUMUKIZA 7-05-2015 à 08:43

None ihiganwa rya 2015 rizotangura ryari turabashigikiye cane kandi Je ndi muyinga colline cibari turafise abaririmvyi babiri basaba yuko bofashwa mundirimbo bashaka gusohora twashaka tubasabe yuko mwobarondera mukabafasha nabo bakaduga umwe yitwa D-Alba-s undi ni libra-s-dodie mwoba mukoze cane mubarondeye imana yobashimira.baba muyinga colline cibari

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha