Accueil > Amakuru > Poritike > Manwangari : Ubwo urabona ko jewe nokwifadikanya na Concilie (...)
Manwangari : Ubwo urabona ko jewe nokwifadikanya na Concilie Nibigira!
lundi 28 Mukakaro 2014
N’agatwengo k’ugutangara, Manwangari Jean Baptiste avuga ko yatangajwe n’umuntu yamwagirije ko yinjiye muri UPRONA irongowe na Concilie Nibigira, akamurungikira isanamu ari kumwe na bamwe mu bari ku ruhande rwa Concilie Nibigira.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Manwangari Jean Baptiste akaba yasiguye uko vyagenze, kugira ashike ku Mugumya, ahari icicaro gikuru c’umugambwe wa Rwagasore. Manwangari amenyesha ko yaciye aho ku Mugumya, igihe yari avuye kuraba abari bafashwe, bajanwa gupfungirwa muri BSR, ari nakwo guca ku Mugumya, kuraba abari bitavye ibirori, inyuma yaho we, n’abo basanzwe bari kumwe mu murwi wishinze kwambika umutamana UPRONA, baburagirijwe n’igiporisi kwinjira ku Mugumya. Manwangari avuga ko ashitse aho ku Mugumya, yashoboye kumenya abantu nka Gashatsi Abel, Gaston Sindimwo, umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru Tharcisse Nkezabahizi, hamwe na Concilie Nibigira yaciye ahashika ubwo nyene. Ariko aremeza ko mu bandi bantu yabonye, atawe yamenye, kuko yari amasura mashasha mu mugambwe UPRONA.

Manwangari Jean Baptiste akaba yemeza ko yicaranye n’umushikiranganji Nkezabahizi, na Gaston Sindimwo, nk’uko biri ku sanamu, barayaga, aho yanababwiye ko uburyo bafise, batari gushobora gutegura iryo koraniro rukokoma, ko baronse imfashanyo ahantu, aho naho, abo mu mugambwe UPRONA batavuga rumwe na Concilie Nibigira, bakavuga ko ubwo buryo buva mu mugambwe CNDD-FDD, umugambwe bagiriza gufashanya n’urwo ruhande mu gusambura umugambwe wa Rwagasore.
Jean Baptiste Manwangari akaba yaremesheje abo bari kumwe mu mugambwe UPRONA, uruhande ruyoboka umushingamateka Karori Nditije, ko mu bantu bohava bifatidikanya n’uruhande rwa Concilie Nibigira mu gusambura UPRONA atarimwo, ahubwo ko hari umuntu yamufashe isanamu iyo nayo, ica itangura gutemberezwa, mu ntumbero yo kumucafuza. Avuga ko abo bari kumwe yanabahamagaye mu nyuma kugira ababaze namba aribo bamufotoje, barabirahira.
Aristide Nizigire
Messages
28 Mukakaro 2014, 11:09, par MUGAMBA
Nimufurahe jewe ndabakeje kukuntu muhejeje gusubiza ibintu kumurongo!!,ababanka babandureko,basaze tubabitse kumpimba yo kumurembwe.
28 Mukakaro 2014, 13:52, par mukobwajana
MUGAMBA NGO ABABITSE KU MPIMBA !!!!UKURI GUCA MU ZIKO NTIGUSHA ,,AHO BWA GASTON BUGIRA NGO NI AFFAIRE BAGIZE???YOOO DD NTAYO MUZI IZOBAHINDUKA UMWANYA ITAZOBA IBAKENEYE ..BARIHE IKORANIRO MUGIRA NI GUSAA..YEMWE NDAHA NIYO NGORANE UPRONA YAGIZE NA MBERE ...ARIKO UKURI KUZOBONEKA BASHA...
28 Mukakaro 2014, 14:54, par manzi
Abahutu nta mutima mugira!
28 Mukakaro 2014, 15:03, par MANZI
Ikinyamakuru IGIHE sinarinzinzo ko namwe muraba DD ndatumwanya ngo ndiko ndAndika inkuru. Zanje sinzibona kumbe!ivyo mukora vyose mukorubusa nkuwina akaheze!
28 Mukakaro 2014, 19:54, par kmr
ebana ndabona ndufise ibibazo, @manzi sivyiza kuvuga ibintu nkivyo... nayo niya ba uri umuporona wukuri iyo mvugo urayita, ahubwo ukoreshe ubwenge urabe ko mutijiranywe...nsindi umuporona mugabo uprona ntaho izoja... ariko cndd harigihe tuzoyivuga nkazimwe nimba ari ubu
28 Mukakaro 2014, 20:04, par Nwari
Reka manwagari kabisa ntashobora guhemuka kuko ntagwaye :::reka ndabahe inkuru kandi atagushikuza mushaka n ’igihe . ice igenda isuzume ’abo bose barwaye SIDA nuwo ndayizamba yijiye numuhwera ’gaston ’concilia volume 1000%’ vice pre’ genda mubabaze ko batari kumiti ncanke mubaze association de sida :::none jewe ubu ndabuva nibahomba homboka hageze ko uprona ibuga urundi rugamba ’’gaston ategerewa kuriha imiti numugore muri canada ubuhungiro vyarase
28 Mukakaro 2014, 21:07, par Nwari
Ariko mwaba DD mwe mwandika ??andika mureke gukosora abandi nkawe uriko uvuga ivyo Mazi yanditse andika gwawe???mbega imana yabaremye gute????ibintu vyose twebwe twebwe
29 Mukakaro 2014, 03:12, par Mama
Uwitwa Manzi, arinawe yatanguriye abandi gutanga iciyumviro, numvawarengereye, ariko nubwabamwenabandi bashobora kuvugango ntawigaya canke ngumwewese ashimivyiwe, Ariko nikikinyamakuru gikwiye kuzakiradufasha gukurikirana abantunkaba niyabananjendimwo ntimuzonsige inyuma.
29 Mukakaro 2014, 11:10, par Ihorihoze
@ Nwari,asha ivyuvuze nanje
nokwemeza ko arivyo.Kuko nimuburiburi ariko bimeze bica bigira insiguro,kuko abantu bose bahora biyumvira ikibibatuma none finalement caza cimvikana.n’uko rero,abaporona n’abandi barundi bave hasi ntibemere ko abantu ataco bacera kur’iy’isi basiga batabatanze kazoza ka bana bu Burundi.Gusa,iyo baba abandi ntibarikwiraba cane bari gukubitiza agatima mpembero bakibuka canke bakagirira ikigongwe abana babo.Ese kubera iki badashobora kwiyumvira igituma uy’umusi nta muntu yitwa Micombero canke uwumukomokako avurwa mu Burundi!!!
29 Mukakaro 2014, 19:41, par RUTOVU
Mwebwe nwari na manzi,muri mubatutsi batagira umutima,icibagiwe co nubwonko!!!.mwebwe muri abantu bato caaaane muvyitunganywa ry’IGIHUGU,guma mukubita iminwa conyene,kuko ntakindi mushoboye.ivyiyunviro vyanyu mwama mushikiriza ntabwo vyubaka birasambura!.
30 Mukakaro 2014, 10:02, par manzi
Rutovu wurumukeha bwenge enda sha we bandanya akazi kawe ku taxi velo ivya politique ivyihorere kuko ntavyuzi kandi nto muzohurira burya bugabo3 mwishimiriza buca tufata mpiri budahwa maraso yabantu bwanyoye bube bury,ivyanyuma!
30 Mukakaro 2014, 16:56, par SIHONDI Levis
YAYAYAYA NDARYOHEWE NITSINDANA RYIMIRWI IKOMEYE YAHUYE KUWIMANA. MURAZIKO BARI BABATUMIYE MURUKINO RWUMUPIRA, RWAHUZA ASPANYE NA HOLANDE INTSINZI IKABA YATAHANYE ABAHOLANDE, MBERE BACA BAGURA MUGICE CA KABIRI CURUKINO, UMUKINYI AKINAHAGATI MANWANGARI ACENGACENGA ATANGA IMIPIRA YOVAMWO IBITEGO, NKUKO MUMUBONA AHO KWIFOTO YICARANYE NIVYEGERA VYUMUMENYEREZA WA EKIPE YA HOLANDE.