IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Maragarita Barankitse : "Buyoya atwaye OIF kwoba ari nk’ugushimira (...)

Maragarita Barankitse : "Buyoya atwaye OIF kwoba ari nk’ugushimira umwicanyi!"

samedi 13 Nyakanga 2014

Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi, umukenguzamateka Petero Buyoya ari mubariko bariyamamaza kugira bazorongore ishirahamwe "OIF" ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Umupfasoni Maragarita Barankitse arongoye ikigo "Maison Shalom" amenyesha ko adashigikiye ukwo kwitoza kwa Buyoya, kuko vyoba bisa nk’ugushimira umwicanyi"

Mu gihe yagirizwa ko yatembagaje ubutegetsi kabiri kose, mu kiganiro yaheruka kugirana n’insamirizi RFI, Petero Buyoya yabajijwe namba abona akwiriye gutorwa mu burongozi bwa OIF (Organisation Internationale de la Francophonie), ishirahamwe ry’abakoresha ururirimi rw’igifaransa. Petero Buyoya yishuye ko igikomeye atari ingene umuntu yashitse ku butegetsi, ahubwo ari ukuraba ingene yabusubije, kuko ku bwiwe mu bihugu vya Afrika kugeza ubu hari ingorane y’ingene abakuru b’ibihugu basubiza ubutegetsi.
Petero Buyoya yemeza ko yabaye akarorero mu kubuvako, ari navyo ahubwo vyari bikwiye guha icigwa n’abandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.

JPEG - 25.8 ko
Petero Buyoya

Maragarita Barankitse, ari nawe yatanguje ikigo "Maison Shalom" co mu Ruyigi, yamenyesheje, nawe nyene ku nsamirizi RFI, ko gushikiriza Petero Buyoya uburongozi bwa OIF, kwoba ari nk’ugushimira umwicanyi. Ku bwiwe abona ko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu, Petero Buyoya, yari akwiye kugumizwa mu Burundi, agasigura ingene urwimo rwo mu Burundi rwatanguye, kuko hapfuye benshi cane. Mu rurimi rw’igifaransa yagize ati : « Ce serait récompenser un criminel ! Pierre Buyoya devrait plutôt rester au Burundi et nous expliquer comment les évènements se sont produits. Il y a eu tellement de morts, et il n’a rien dit ! »

JPEG - 35.5 ko
Maragarita Barankitse

Tubibutse ko umukenguzamateka Petero Buyoya Buyoya yatembagaje ubutegetsi kabiri kose rimwe mu mwaka w’1987, ahandi mu mwaka w’1996, akavuga ko ico gihe yasubije ubutegetsi ku neza. Nk’uko yabibwiye abamenyeshamakuru ba RFI, igihe yatembagaza ubutegetsi bwa Yohani Batista Bagaza, yabusubije mu mwaka w’1993 neza, abuha Melchior Ndadaye yari ahejeje gutsinda amatora ashigikiwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu. Nayo mu mwaka w’1996 atembagaje ubutegetsi bwa Sylvestre Ntibantunganya, Petero Buyoya avuga ko yabusubije neza, ndetse hagatunganywa n’ibiganiro, amasezerano ya Arusha agaterwako umukono, ari nayo yazanye ku bwiwe amahoro n’umutekano mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Maragarita urakoze cane kuvuga utarya umunwa ivyo abarundi bose batinya kuvuga kandi ico wibagiye nuko Buyoya ariwe yahitanye Ndadaye Melchior.Buyoya nagaruke mu Burundi ahubwo nyabuna atubwire abantu yigeretse hamwe naba Ntega na Marangara

  • Nguyo umupfasoni atagira amarangamutima we azi aho ukuri kuri uwo mugabo buyoya ingorane zose igihugu kirimwo ubu niwe yaziteye avuga ngo igihambaye sukumenya ukuntu yagiyeho ngo ahubwo tumenye ukuntu yahavuye basi asiguye ukuntu yahavuye naho umuntu yo kwibaza muri 1993 yahaye ndandaye ubutegetsi ata aramwica atarengeje amezi 3 abatutsi isinzi baricwa nabahutu kubera ishavu muri 1996 abafrodebu ubona ko bakunda gutwara kandi barabona ko ataho Bari butwarire aragaruka akuraho Ntiba ati toka ivyabereye ibugendana nawubiyobewe muguhereza ubutegetsi uwovuga ko yabusubije kuneza nuwutibuka mwibuke ko yariyarafatiwe ibihano zamine zategwa abasirikare ubona ko beshi barabo muncutiziwe akirigwa ahamba buri munsi araheza aragondozwa yemera ibiganiro.nukuri uwomubuyoya akaba ashaka ko abakuru bibihugu bakura akarorero kuriwe nukuntu amagume nibisebe dufise kumutima bere wanashaka abarundi bose bomubwoko bwose nukuri turagowe azoze yitoze iburundi turabe ko aronka narimwe nabatutsi ntibomutora kuko abagizwe impfuvyi nabapfakazi kubera we nibeshi cane

  • Mbonye Umupfasoni wa kabiri(inyuma ya Alice Nzomukunda) mu Burundi avuga ukuri adatinye igitugu c’uwo yagiriza!«Buyoya n’a rien dit», on attend beaucoup de choses de lui! Kandi nawe yarishe akwiye kuzobibazwa!

  • Uyo Margarita ntazi ivyo avuiga kuko nawe nimba hari abantu bariye iki igihugu cacu nawe arimwo kuko uravye IKIGO CIWE CA MAISON SHALOM kigizwe nubwoko bumwe nareke kuvuga umushinhantahe Buyoya kuko iyo hataba we Uburuindintibuba ari Uburundi dufise uyumusi vyari bikwiye ko ayembagaza ubutegetsi bwa Bagaza kuko intwaro yari ririhho ico yari inttwaro yabantu bamwe kandi vyari bikwiye ko aytembagaza ubutegetsi bwa Ntiba kuko abantu bariko barapfa KOMERA BUYOYA

  • NAKOMERE KUMUHETO UWO MUVYEYI.NAYO BUYOYA NAKIZWE ARYE AYO YABITSE,KK NTAWUPFA ABIMAZE

  • Petero buyoya arakwiye gushirwa muri sentare akishura ingora bene burundi bagize.

  • Mbeg,ugumuvyeyi ewe Muvuyeyi Imana yarakwaritse kumutima abantu nkawe nibo bakwiye gutwar,uburundi muri kino gihe nay,abo bandi bose nabicanyi!

  • Mbe Buyoya kuki yipfuza gutwara OIF atarasaba Abarundi ikigongwe erega niwe yatumya amaraso aseseka mugihugu c’Uburundi.Ntashire agati muryinyo ngo vyaraheze ataraja murukiko.

  • Margarita we UNTEYE AKOBA Uramwubahutse,UMUNTU na C.N.D.D F.D.D Itinya Uramukoze mu gahanga!!!

  • MARGARITA NAWE NTIWERA

  • MARGARITA NAWE NTIWERA

  • ariko nukuri abahutu Imana yaratuvumye cndd fdd ihaguruke itange amatike yabasigura umwicanyi buyoya iribagiye ivyo yatwigisha mwishamba?indandende zabo zizotuma bata impano Imana yabahaye uwomugabo buyoya asimbire kwisunzu ryinzu ngo<<Ngo narica ngafata ubutegetsi nkwije ngasubiza ngo nibutse ako nibagiye ngasubira nkagaruka nkwije nkagenda mbonye akandi nkagaruka nkwije nkagenda ngo niwe biratwa muri Africa?mukwicana ubwenge nuwambere ndasavye abagifise agatima kogukunda benewabo bishwe nuwo mwicanyi muhaguruke tumwiyamirize ariko yice nuwaraje kutuvura marariya KASIMARA muvuze impundu?dd yoyo ntintangaza bafukanira ivyo bakoraniye ibaze,abakuru beshi muriyo biga kuri Kaminuza umwaka Kagame yereka buyobe ukobica abahutu bincabwenge mugabo narabuze numwe yovugako bibukwa murabo barikumwe banacitse kwicumu bagahungira mukibira nonengo umwicanyi abifitiye impamya bushozi ngonatware ikintu nkakirya cisi afashijwe na DD emwe dupfuye tukiriko kuko DD yabaye nkumwatanga abana biwe ngwatunge DD,mwibagiye zandirimbo mwatwigisha zanka Buyobe?ahanyene niwe mushira hejuru?mwaraduhenze kumbe nimuyomba wanyu ntaco Imana izoturokora AMEN

  • Avuga ukuri agomba kurengutsa agasigura abarundi yanigaguye nawe ivyo arombagigwa ngo 93 ngo yatanze ubutegetsi abuha Ndadaye ndadaye yarafise igisoda najanyatwe ese mwibaza urupfu abatutsi batwishe kotuzo vyibagira nibahore ryibagira uwarivuz ntibagira uwaribwiwe ibiturire yahaye ba nkurumbi nico catumye barurya

  • Benabo bapfasoni bimvuga kuri baharurigwa kuntoki mu burundi,ese ubundi usivye kunyegeza ubwicanyi bwabaye mu burundi buyoya twita buyobe yozofasha iki OIF,leta yu Burundi imushigikiye kugirango natsindira kurongora OIF nawe azoyikingire mu bwicanyi imaze imisi ikoreara abanyagihugu.Muvyeyi Maragarita Imana ibandanye kukuja imbere.Buyobe nabazwe iva Ntega na Marangara nabazwe ivya Ndadaye,asobanure ivya Gahutu Remy n’ibindi bijanye nubwicanyi bwakozwe kuntwaro yiwe.

  • Margueritte BARANKITSE afise amacakubiri y’intara mbere nkabo mukigo Shalom barazi ko bibujijwe kurongorana n’uwuvuka i Bururi. Cette Dame est ingrate Buyoya niwe yamufashije kugira amenyekane mumakungu none ariko avuga ngo ni Umwicanyi. Iyo aba ariwe yatwara inzigo n’urwanko afise yari kumara benshi. Kubera udufaranga abazungu bamuha yaciye yibaza ngo ni Igitangaza.

  • MAGGY YAMAZE KUJA MUVYA POLITIKE!!!!!?????????? YOOOOOOOOO ARANTEYE IKIGONGWE, KUKO BUYOYA ATAWE AZI!!!!!!!!! IVYO MAGGY AZI KURI BUYOYA YOBIVUGIYE MURI CVR!!!!!!!!! UBU NABE ARIMBISHA IKINOGO CIWE, AHOBAZOMUHAMBA MURI MAISON SHALOM!!!!!!!!!!!!!!!!! NABE ARANDIKA IBINDI AMUZIKO ABITANGE MURI CNDH IMBERE YUKO ASEZERA IVYO VYAPOLITIKE YISHIZEMWO!!!!!!!!

  • we ntuzi kwabantu bavugishukuri baheze,ntaryumunwa maguy wacu nintwari
    kandi umuntu yemera buyoya sintahura conscience yiwe ahihagaze nukuri

  • Hakenewe abapfasoni nkabo mugihugu bataryumunwa inyuma ya Buyobe hace haza CNDD FDD nayo isigure ihonyabwokoryabo batavuga rumwe bariko baramara nukubashgengeza

  • muvyukuri buyoya numwicanyi Ari KO 1996 vyaribikwiye kwagaruka nonegayemwe umukuruwighugu amaze guterwa amazirantoke haba hasigayiki ntimwibagire kwabasanzesheke nabasandefete bari batumariye mumapine ababarehonse birirwa ubu bacirinkonda,ngomuburundi harubwinyi ngobagomba guhinduribintu icogihe sibobari kubutegetsi none iyo,buyoya atahaseruka ubu leonse abavugirabande sibuyoya yabahereje mumpimba ikibabaje nuko bapasifike baribabarongoye ubu bingeje muri sosiete sivil bigizintungane buyoya yakoze amabi meshi mugabo ntimwibagire kwariwe yagaritse iyurutwsa ryabahutu mumiduga nayo mwemushima uyo mugore nuko mutamuzi ahubwa ari muri babatutsi banka buyoya urunuka ngo yaratesheje kumarabahutu 1996 end 1997 namwe umenga akanwa kanyu ntakindi kovuga atargutuka CNdd FDD nobahanura gusubiraneza murikahise kigihugu namba mwarutsejo murabaza neza barayamaze bati uwukizisemu yibagiricamwirukana

  • Mbe amaraso yabatutsi azobazwande bbinzirakarengane guher 62 bicw gushikub buyoya nawe ntiyera mb ubutungane bwagiyEh arik siwe gsa dukikijwe namabingira

  • Maggy nawe ntiwera wuzuyemwo ubwoko gusa uyo mutama buyoya na cndd iramwubaha niwe umwubahutse

  • Emwe,bwa bundi uburundi buzotinda buva mu manga bwari bwaratawemwo!

  • D’après Agathon Rwasa, mu Burundi ntanumwe yera ariho.Nimureke uyo mutama yitwarire iryo shirahamwe,murundi siwe.Ubwicanyi bwabaye mu Burundi ntibwobazwa Buyoya gusa.

  • Ivyomaragarita Avuganivyo Ahubwobuyoya Akwiyeguhana Cokimwe Nankurunziza Yahenuye Amasezerano Ya Arusha Cokimwe Naniyomari Yakubisekudeta Binka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.