IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Mbega umubiri nawo woba uvuga

Mbega umubiri nawo woba uvuga

vendredi 3 Rusama 2013

Umubiri ni nk’inzu umuntu abamwo. Kurya ata muntu akomeye kandi yiyubashe ashobora kuba mu nzu uko ariko kwose atayikoze neza, niko n’umubiri iyo utawukoreye uko vyategerezwa kumera, utaguha agahengwe kugira uwubemwo neza.
Mushobora kwibaza muti ni gute umubiri uvuga atari umuntu ?

Umubiri uturungikira ibimenyetso vyinshi bihambaye usanga tutumviriza kenshi, ariko bitarenze urugero. Uratwibutsa, ukatuburira, ukaturungikira ibimeneyetso, hama ukitabariza igihe tuwinuvye n’igihe tutawumvirije « ku mwanya bikwiriye ».

Kenshi turafatwa n’ingwara zitari nke kubw’ukutitaho amagara yacu. Umubiri ni ikintu co kuvuga kidufitiye akamaro kurusha abandi. Urasobanura ibigumbagumba bitaboneka, ivyipfuzo vyinyegeje, ariko kandi n’imibabaro, ivyo twanka, ivyo dutinya, n’ibizikiriye imitima yacu.

Kwumviriza ibimenyetso vy’umubiri wacu, bidushoboza, bukebuke, kumenya no gutahura ivyo uvuga, ivyo ushaka kutubwira, ubutumwa ushaka gutanga ; uratubwira kandi kugenza buke bike, imbere yo kugera kure, ukaduhanura kuruhuka mu mwanya bikwiriye, kwinezereza, kwitaho imigenderanire yacu n’abandi ; muri make kwifata neza.

Gutahura ivyo umubiri ukubwiye

Ibimenyetso vy’umubiri bidutuma twiyumviriza, tuganira na twebwe nyene. Intumbero y’ikimenyetso n’ukugira gitange ubutumwa bw’umubiri. Nico gituma ari vya nkererwa kwumviriza, tugatahura imibabaro twumva iminsi yose imbere y’uko iza kwigaragaza n’uburibwe bwinshi hama ihave « idutesha »umwanya wacu wo kurinda kuja kwa muganga no gufata imiti myinshi.

Uturorero tumwe tumwe dusanzwe tw’ibintu bibabaza bitaboneka
Uburibwe ku mubiri hose (aho ntaco ushobora kwikura ko wovuga ko kiriko kirakubabaza), amaguru akubabaza ( ugashaka kuva aho uri n’ingoga ariko muri uwo mwanya ntibikunde), kugira iseseme (bikanka ko unadahwa),ukaribwa mu mushishito (kubw’ivyo wafunguye bitakumereye neza), Kumeneka umutwe udahera, ingwara z’umutima, kugira ibisebe bitaboneka, …

Dufatiye kuri utwo turorero tubonye, turashobora kuvuga ko n’umubiri uvuga ku bimenyetso utwereka biri muri twebwe kugira tugire ico dukoze. Iyo naho ataco tubivuzeko, urivugira mu buryo bwawo, ari na hamwe usanga umuntu yagize ingorane atamenye ico vyavuyeko.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.