IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mme Dawn M. Liberi niwe asigaye aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu (...)

Mme Dawn M. Liberi niwe asigaye aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi

dimanche 13 Nzero 2013

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi yagenywe italike 10 Mukakaro umwaka uheze w’2012. Ariko aheruka gushika mu Burundi vuba. Afise icubahiro nk’ic’umushikiranganji.

N’umukenyezi w’icabwenge. Imbere y’uko aja gukorera mu gihugu ca Irak no muri Afganistani, uwo mukenyezi azwi nk’uwanonosoye amashure atari makeya ya kaminuza. Yari amaze kuza muri Afirika. Mme Dawn M. Liberi yararongoye igisata ca Amerika USAID citaho iterambere mu kiringo c’imyaka 20 cane cane muri Nigeria,Uganda,Ghana,Senegal no muri Niger.

Kuva mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2006, yatwaye igisata USAID muri Irak aho yari ajejwe gutunganya no gukoresha amafaranga arenga imiriyaridi 5 z’amadorari y’abanyamerika mu migambi y’iterambere n’ubutunzi. Mu mwaka w’2012, Mme Dawn M. Liberi yaragarutse muri Afirika mu gihugu ca Libye aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugwa mukuru Tripoli.

Mme Dawn M. Liberi afise urupapuro rw’umutsindo bita Baccalaureat rw’ahitwa Hampshire College hamwe n’urupapuro rwa kaminuza ruhanitse bita Maitrise mu gisata c’amagara y’abantu kuri kaminuza yiitwa Berkeley muri Reta ya Californie. Yarize no muri kaminuza y’amahinguriro na gisirikare ahitwa National Defense University aho yitayeho cane cane umutekano w’igihugu. Avuga igifaransa neza.

kw’ifoto:Mme Dawn M. Liberi, aserukira USA mu Burundi


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.