Accueil > Amakuru > Poritike > Morgan Tsvangirai ubu nawe ari ku rubuga kwiyamamaza
Morgan Tsvangirai ubu nawe ari ku rubuga kwiyamamaza
mardi 9 Mukakaro 2013
Mu gihugu ca Zimbabwe ubu ni ihiganwa mu myiyamamazo y’imigambwe isanzwe iriko irahiganwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, haba mu mugambwe wa Robert Mugabe wariko uriyamamaza kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Mukaakro, mu gihe bwakeye umukeba wiwe ari nawe asanzwe ari icegera c’umukuru w’igihugu Morgan Tsvangirai nawe aja ku rubuga kwiyereka abakunzi biwe.
Umukuru w’umugambwe MDC ariwe Morgan Tsvangirai yagaragaje impungenge ku bijanye n’ukwiyamamaza, aho yerekana ukubura umwidegemvyo muri iki gihe barimwo c’ukwitegurira amatora. Ukwigiza amatora inyuma yari yasavye ntikwemewe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Kubw’amajambo yashikirijwe na Morgan, amenyesha ko ari ukugira umutima ukomeye kuko kuzoja mu matora y’umukuru w’igihugu n’abakenguzamateka yo kuwa 31 Mukakaro, batagira umwidegemvyo mu kwiyananaza ari ibitoroshe. Ariko naho biri ukwo, abanywanyi biwe ku kibuga ca Rudhaka y’i Marondera ahabereye iryo koraniro, bari bakubise harazima, aho ijambo ryiwe ryashimikiye ahanini ku kurwiza akazi.
Nk’uko umuvugizi w’umugambwe wa Morgan Douglas Mwonzora, umugambwe uharanira ihinduka ry’intwaro rusangi yabivuze, abantu 50. 000 bari baje ku kibuga kwifadikanya n’umukuru wabo Morgan Tsvangirai. yabandanije avuga ko, umugambwe wa Morgan ushira imbere imigambi y’iterambere mu butunzi, no kurondera kurwiza akazi. hari ibice 80% vy’abanyazimbabwe batagira akazi arico gituma avuga ko bakeneye kurwiza akazi. Abandanya avugo bakeneye kandi imitahe ivuye mu gihugu hagati no mu makungu.
Ngo bafise kandi intumbero yo gutorera inyishu ibibazo bihanze imigenderanire ya Zimbabwe n’amakungu. Ariko ico gikorwa ntikizokworoha. Uwo bahanganye, ari nawe arongoye igihugu ubu Robert Mugabe, asa n’uwutagomba kurekura ubutegetsi inyuma y’imyaka 89 y’amavuko, ashaka kw’iyongeza ikiringo kigira gatandatu atwara Zimbabwe.

Prosper Ndayikeza