Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mu mpera z’indwi iheze harabaye igiteramo gikomeye mu ntara ya (...)
Mu mpera z’indwi iheze harabaye igiteramo gikomeye mu ntara ya Cibitoki
lundi 18 Ruhuhuma 2013
Mu mpera z’indwi iheze kw’igenekerezo rya 16 na 17 ruhuhuma 2013 kuri hotel Hozanah place ,mu ntara ya Cibitoki muri komine Rugombo harabereye igiteramo gikomeye ca bamwe mu bariririmvyi bakomeye bo mu gihugu c’u Burundi, aha twovuga nka Lolilo, Rally-joe, Mkombozi,R-flow,Chanelle,Nova Miss Arlene, Bidondo generator ndetse n’abandi batandukanye.
Ico giteramo cari categuwe mu rwego rwogususurutsa abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoki no gutangura k’umugaragaro ibikorwa vyose vyategekanijwe gukorerwa aho kuri hozanah place nk’uko twabibwiwe na nyene iyo hotel.
Abanyagihugu b’aho bari bavyiteguriye cane kuko abaririmvyi bagishika muri iyo ntara kuwa gatandatu k’umugoroba wabona ko abanyagihugu baje ari benshi kubategera mu nzira ngo kuko kuri bo ngo ni iteka rikomeye kwibonera bamwe mu baririmvyi bumva batabazi muri iyo ntara aho twovuga nka Lolilo yari ahashitse ubwa mbere.
Ico giteramo catanguye k’umugoroba wo kuwa gatandatu kirangira isaha imwe z’ijoro kuko bwaca gibandanya kuw’Imana ,ico giteramo cari kiryoheye amaso cane kuko abaririmvyi baririmba mu midiho itandukanye bamwe bakaririmba live kuko abacuraranzi b’abahinga bari babizaniye aha twovuga nka Nova,Rally-joe, ndetse na Mkombozi zimwe zimwe, R-flow na chanelle wiwe nabo ntibaryamishije abafana abandi nka Lolilo bakoresha umuziki bakoze yagara hagati akazimya umuziki akaririmbana n’abafana ubona ko indirimbo ziwe zizwi na benshi.
Igiteramo kuwa gatandatu carangiye abantu batabishaka kubera kuryoherwa kandi bari benshi cane bavuye kure bari bazi ko bakesha, k’umurango wo kuw’Imana igiteramo carabandanije kirangira k’umugoroba abaririmvyi baca bagaruka i Bujumbura kuko bari bafise ikindi giteramo kuri Muse vivant mu ntumbero yo kurondera infashanyo ku kibazo c’isoko nkuru yahiye.
Joel Sengurebe