Ivyigwa vyahungabanye kuri uwu wa gatanu ku mashure atatu yisumbuye yo ntara ya Muramvya, igihe abakozi b’igendereza hamwe n’abaporisi baja gufata abanyeshure bagera kuri 15 bagirizwa ko aribo bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero iri mu bitabu abo banyeshure bigiramwo.
Mu kwiyamiriza ihagarikwa rya bagenzi babo, abandi banyeshure baciye basohoka ishure bagira imyiyerekano yabashikanye mu kibanza citiriwe ukwikukira. Mu gushwiragiza abo banyeshure, abaporisi baciye barasa amasasu yakomerekeje bikomeye abanyeshure babiri, hamwe n’umuntu umwe yunguruza abantu akresheje ipikipiki.

Tubibutse ko n’mashure atanu yose yo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha baheruka kwirukanwa bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu ikaba yanditswemwo amajambo atyoza umukuru w’igihugu.



Nagomba nkubwire wewe wamugabo wi yita pastor Berenarudo, abo wita kobavumwe, canke kobikwegera umuvumo, kuba bavuga ico kigirwa mana ngo ninkuru nziza. nkubwizukuri uwo wita ngo niperezida niwe yavumwe,ati kuki ? raba amaraso ya bantu yirirwa aragotomera muvyuma akaja gutukisha Imana rwagiye mumasengero, nkubwizukuri uwo asubwa nuwutabona umuryango wurusengero.