IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Hamwe ibikorwa vy’umugambwe MSD biraba ahandi bagatwarwa (...)

Muyinga : Hamwe ibikorwa vy’umugambwe MSD biraba ahandi bagatwarwa amabendera

mardi 29 Mukakaro 2014

Mu makomine atandukanye y’intara ya Muyinga, abanywanyi b’umugambwe MSD batanguye gusubira guhura, inyuma y’aho bamariye amezi ane bari mu bihano.

Muri komine ya Gasorwe, abanywanyi b’uwo mugambwe urongowe na Alexis Sinduhije, bakaba bariko barigishwa uwo mugambwe, aho ndetse bari banadugije ibendera ry’umugambwe wabo, mu mpera z’iri yinga. Abari muri uwo mugambwe bagasaba kworoherezwa mu bikorwa vyabo, nk’uko n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD woroherezwa ushatse kubonana n’abawuyoboka.

Bamwe mu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE muri komine ya Gasorwe mu ntara ya Muyinga, bakaba batumenyesheje ko bakurikije ibihano bari bafatiwe baravyubahiriza, ariko bakizera ko ihohoterwa ryagiye riragirirwa abanywanyi b’uwo mugambwe ritosubira. Ku murwa mukuru w’iyo komine ya Gasorwe ahari hakoraniye abantu batandukanye bari baje bava mu mitumba ihegereye, bakaba bariko barigishwa imigabo n’imigambi y’uwo mugambwe usanzwe unahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD, imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri.

Mukamenya ko n’aho muri ayo makomine yose y’intara ya Muyinga ibikorwa vy’umugambwe MSD vyatanguye, abanywanyi b’uwo mugambwe bagiriza musitanteri wa komine Gashoho kuba yarabatwaye ibendera, ndetse akabandanya akoresha imvugo z’iterabwoba ku ndongozi z’uwo mugambwe muri iyo komine, iyo zihirahiriye ngo ziraja kwishuza ibendera ry’umugambwe wabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bavukanyi bomumugambwe MSD harihiconshaka kubabwira ariko nabandi bomuyindi migambwe birabareba, Nashaka kubabwirako ivyovyokwirirwa mwirukanka muvyimigabwe ntanakimwe bizigera vyungura uwarisanzwe abayeho akenye ahubwo kubera mwishinga kwiruka murivyo vyimigambwe bituma ububabarebwubukene bwiyongera kuruta, arikosinshatse kubabuza kwiruka muvyimigambweyanyu oya ahubwo icoshaka nukomworwiza gukora udukorwa twahomuba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.