Accueil > Amakuru > Muyinga:Umwana w’umukobwa yaturiwe mu bihimba vy’irondoka na muka (...)
Muyinga:Umwana w’umukobwa yaturiwe mu bihimba vy’irondoka na muka se
jeudi 27 Kigarama 2012
Uwo mwana w’umukobwa afise imyaka 6, ngo mukase yamuhoye ko asoba aho aryama aca amuturiza imbugita ishushe. Uwo muka se igipolisi camufashe.
Hari mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu italike 26 Kigarama 2012 aho umwana w’umukobwa afise imyaka 6 yaturirwa na muka se ku musozi wa Ruhagarika muri komine intara ya Muyinga.
Uwo muka se ngo yagiye aho umwana aryama asanga umwana yasovye ku gitanda. Ngo yaciye afata imbugita arayishusha amuturira mu bihumba vy’irondoka arasha aratokombera.
Umwana yarakomye induru hanyuma ababanyi baja gutabara. Ariko ngo basanze umwana yababaye cane ibihimba vyiwe vy’irondoka bitakimenyekana.
Amakuru ava mu bababanyi b’uwo muryango avuga ko se w’umwana atariho yari.
Igipolisi camaze gufata uwo mukenyesi yaturiye umwana.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba ko uwo kuneyezi yohanwa hisunzwe amategeko agenga igitabo mpanavyaba.
Pierre Claver Niyonkuru