Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwaro : Ikibazo c’inkuba yahora ikubita abanyeshure catorewe (...)
Mwaro : Ikibazo c’inkuba yahora ikubita abanyeshure catorewe umuti
mercredi 26 Ntwarante 2014
Umuvyeyi wese afise umwana yiga mu ntara ya Mwaro, asabwa kuriha amafaranga 300 kugira hagurwe icuma gikinga inkuba, mu gihe buri mwaka inkuba yama yiha inkumbi muri iyo ntara.
Nk’uko bivugwa na Simon Ngendakumana arongoye intara y’indero ya Mwaro, amenyesha ko ico cuma kizofasha cane kuko inkuba yahora ihekura abavyeyi, itagisubira. Asaba abavyeyi bose kwitabira ako kamo, kugira bakingire impanuka abana babo, mu gutanga amafaranga amajana atatu, kandi akavuga ko ayo mafaranga atavunye namba.
Amashure menshi rero akaba ariko arubakwa muri iyo ntara ya Mwaro, cane cane amashure nshingiro, kugira abana baze baronke aho bigira, na rirya ubu, igitigiri c’abana baja kwiga kiguma kiduga, ariko hagera hagati mu mwaka w’ishure, bagaca baheba. Ikomine ya Rusaka ikaba iza ubwa mbere muri iyo ntara mu guheba amashure. Umuyobozi w’amashure muri iyo ntara akavuga ko ikibazo c’ubukene arico abavyeyi bitwaza, ariko rero agahanura abavyeyi kurengera ubwo bukene bavuga, bagumize abana mu mashure, kuko hari benshi bize mu bukene, baraheza amashure, ndetse baritunga, barafasha n’imiryango yabo.
Aristide Nizigire
Messages
26 Ntwarante 2014, 12:28, par Komera
MBE KO BASABA AYO MAHERA 300frbu KU MUVYEYI. ICO CUMA NTIBAVUGE AYO KIGUGWA NIBAVUGE AYO KIRIKO.