Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Inama yo kwihweza ivy’urupapuro rw’inzira ntaco yavuyemwo
Gitega : Inama yo kwihweza ivy’urupapuro rw’inzira ntaco yavuyemwo
vendredi 24 Gitugutu 2014
Naho umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya niyuw’Ubumwe bw’Afrika yose yipfuza ko abiswe abakinyi ba poritike bogira uruhara mw’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka w’i 2015, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu s’uko babibona. Ku bwa Edouard Nduwimana aburongoye, abakinyi ba poritike ntibazwi n’amategeko.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asaba abo biswe abakinyi ba poritike - acteurs politiques- ko bokwinjira mu yindi migambwe gurtyo bagashobora kwiyamamaza canke kwegera abanywanyi babo bitagoranye. Atari aho, abo bakinyi ba poritike aribo Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA co kimwe na Chauvineau Mugwengezo wo muri UPD Zigamibanga bamenyeshwa ko umwanya wo kuzokwegera abanywanyi babo, ari indwi zibiri gusa amatora agira abe.
Mukamenya ko aho abanyeporitike bariko bararabira hamwe uko urupapuro rw’inzira gwateweko umukono mu ntara ya Kayanza rwagenze kuva rushizweho muri Ntwarante 2013. Uguterana amajambo gusa kukaba arikwo vyaranze abo banyeporitike mu ntara ya Gitega aho bari bakoraniye hamwe kuri uyu wa 23 Gitugutu uyu mwaka, ndetse abo muri ADC Ikibiri bakaba barasohotse bari kumwe n’abakinyi ba poritike, mu nyuma barasubira barinjira n’aho atakinini cashitsweko.







Aristide Nizigire
Messages
24 Gitugutu 2014, 12:10, par Bumwe
CNDD FDD irakwiye kuraba ko atababateranya n,abanyagihugu cane cane abantu binjiye mu mugambwe kuko baje kwinyegezayo batinya ivyo bakoreye abagumyabanga n,abandi barundi.kuko mubiravye abo bantu barimwo kandi ivyo bakora ntaho bitaniye nivyo CNDD FDD yarwanya.
24 Gitugutu 2014, 14:24, par mukakaro
hahahahahhahaha ndabira utwo dutebe, nako ga salle bicayemwo. Abahutu nzabagire gute????
24 Gitugutu 2014, 15:57, par ndayizeye
biboneka neza yuko ceni ikorra kuvyumugabw cndd_fdd wabategts kubera ivyukora nivyaray bibay nahobitaniy ahubwo ceni nitangimihoho ataruko amatora yamaze kwibwa vyarangiy
24 Gitugutu 2014, 17:28, par john
Jewe numiwe pe ntaco nfise novuga.Arikobamenye ko igihe cabo kiozoshika.Amatora baramaze kuyibna
24 Gitugutu 2014, 22:02, par BWARIKINDI
NAHO GUTANGICIYUMVIRO HAKORESHEJWE UYUMUHORA WOMENGO NTACOBIVUZE KUKO TUDAHEZA NGO TUMENYE, AKAMARO KAVUYE MUVYIYUMVIRO VYACU. HARAKWIYE NOGUSHIGWAHO UMUHORA. WINYISHU,ZIVYIYUMVIRO VYATANZWE. mugaborero tubiravye naho bavugango mugufintajambo. mumugabwe cndd-fdd harabantubawugiye bahawe igikogwa cokwankanisha umugambwe nabanyagihugu kuko ibiriko birakogwa ubu, biratandukanye rwose nintumbero umugambwe warufise batarasinya amasezerano.ntawubizi, imbeyagasema hatangura ndayubusa, burya abanyagihugu bubu baraciyubwenge burakeye tubirabe.,
24 Gitugutu 2014, 22:22, par theogene
mugaborero tubiravye naho bavugango mugufi ntajambo. mumugabwe cndd-fdd harabantu bawugiyemwo ubaravye womengo nabagumyaba naho bahawe igikogwa cokwankanisha umugambwe nabanyagihugu kuko ibiriko birakogwa ubu,ntibihumuriza. biratandukanye rwose nintumbero umugambwe warufise batarasinya amasezerano.ntawubizi, imbeyagasema hatangura ndayubusa, burya abanyagihugu bubu baraciyubwenge burakeye tubirabe., ikizi nuko bazokwbukakuyora basheshe. harakwiye umwanya ukwiye. wokumenyesha abanyagihugu imigambi mishasha izokorwa ikabaniyo tuzotora.ivyokuryanira mumanama bakabireka.
25 Gitugutu 2014, 07:29, par EMMANUEL
NTACO YARI GUSHIKAKO KK NINKINAMICO,UBUTEGETS NTIBUSHA KO ACTEURS POLITIQUES BAKORA KUK BOBATWARA ABANYWANYI ARIK BARIBESHA IMANA IZOBIKORA
25 Gitugutu 2014, 17:07, par Ku kivi
Turiyabirije abobose bakomeje gukoresha imvugo yitwa ngo ’ mugufi,izonimvugo zagasuzuguro nokwerekana ko mubasangiye ishirahamwe (umugambwe) harimwo abatagira ijambo nabagira ijambo ahomubamuriko murashaka kuvugako muri dd harimwo babugabobwigaba bavugarikijana ndababwizukuri ayonamacakubiri mushaka kwigisha, arikwamahirwe amatwi ansumira ngo abobahutu nabatutsi na batwa baba dd batarashika kubutegetsi ngobaribabizi ko hazozaharabaho abashaka kubateranya nabobasangije amabanga, nimurekerero gutumwanyawubusa iyomuvugango hariho abinjiye muri dd bashaka gutoba ukwonugushaka ko mwocanishamwo aboba dd ayo namacakubiri. Harakaramba umushikiranganji wacu wintwaro yohagati mugihugu Edouard Nduwimana nabobakorana bose (CNDD FDD)
26 Gitugutu 2014, 11:38, par kanyarwanda
Nta soni koko abarundi mufite zo kwicara kuma chaises nkayo koko muri kinyejana tugezemo na salle nkiyo sha ndumiwe pe nako ndabagaye ntacyo mfite navuga ntago murinyangamugayo puuu murasahura gusa ntimwivuke ingombyi ibahetse ariyo gihugu cyanyu
26 Gitugutu 2014, 19:26, par sikitu
uwoyiyise KUKIVI wovyanka wovyemera, ivyo vyo gukumirana nokwima ijambo bamwe.kandi bafise icoboterera. mwitunganywa ryigihugu, numugambwe barahari.uzobibona niba utarabibona, nivyagushikako. umenyeko umugambwe ataruwabizegusa. niwaba urumu dd nubimenye,