IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Léonce Ngendakumana : "Ndayicariye tugiye kumwicarira"

Léonce Ngendakumana : "Ndayicariye tugiye kumwicarira"

mercredi 17 Nyakanga 2014

Amakete agera kuri atatu yose niyo abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri bamaze kwandikira umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI, ariko bakavuga ko atanyishu yigera abaha kuri ayo makete.

Leonce Ngendakumana arongoye ADC Ikibiri

Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe FRODEBU asanzwe ari nawe arongoye urwo runani, akavuga ko bagiye kwicarira umukuru w’umurwi CENI ujejwe amatora mu Burundi, nyabuna aze arakora ibihuye n’amategeko, atari kuzana amategeko batazi iyo ayakuye, canke amwe muyo bavuga ko aba ategetswe n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Bamusaba kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, itegeko rigenga amatora, hamwe n’amasezerano abanyamigambwe bateyeko urukumu mu ntara ya Kayanza.

Leonce Ngendakumana agasigura ko amakete atatu yose banditse berekana ibitagenda neza, bizotuma amatora agenda nabi bikazoshobora ndetse no kuzotuma haduka induru nk’izabonetse mu mwaka w’2010. Ariko kuri ayo makete yose, Ndayicariye akagirizwa kutishura, inyishu yatanze bikavugwa ko yayicishije ku muvugizi Prosper Ntahorwamiye. Abo bahurikiye muri urwo runani, bagatangazwa n’ingene umukuru w’umurwi CENI avuga ko adakunda kuvugana n’abanyamigambwe, kandi uriko ategura amatora y’imigambwe.

Umukuru w’umurwi CENI bamusaba kutica amatwi kuri ayo makete bamwandikira, ku bijanye n’ugutegura amatora yo muri 2015. ADC Ikibiri ikavuga ko kuva ikirangamisi c’amatora kigiye ahabona, hakerekanwa ko giteye amakenga, hari ibimenyetso vyinshi vyerekana ko ico kirangamisi casubiwemwo, ndetse Ngendakumana akavuga ko CENI iriko iragikorerako. Ivyo rero Ngendakumana akavuga ko uwo murwi uriko wigenza nk’uwuriko ukorera umugambwe CNDD FDD, ndetse batazovyihanganira na gato, kuko badashobora kwemera ko amatora abamwo indyane n’ingorane mu gihugu nk’ayaheruka. Amenyesha ko badashobora kwemerera Ndayicariye ko ategura ayandi matora mabi, ahubwo bagiye kumwicarira.

Petero Karaveri Ndayicariye arongoye CENI

Aristide Nizigire

Messages

  • ego da! nibagire ndabe.

  • ubwo n’ubwoba bubarembeje nimugumye umutima! none burya ceni irategekwa canke irigenga?

  • ewe Leoncia uratwenza ngo mumwicarire erega twari tuzi ki ata matora muzojamwo mwe ko murorereye reta mfatakibanza mugomba ko ONU ibafasha rorera mwamenyereye kurya ababtu barijo bapfa ntimugire tuzobibemerera naho ivya CENI nurwitwazo turabizi ko atanivyo ushizeko umutima ico ubabaye ninzira yotuma haba imfatakibanza uko ata banywanyi mufise urahumba sha reka uprona ikugire igikoresho na msd impembo nimwe kagame yaha twagiramungu

  • gerageza ntasubire kumenja kumenja mukwibira amajwi aba dd. none yankira iki gutanga inyishu ku makete bamwandikiye?

  • Ndabarahiye ko CNDD FDD itivye amatora itoshobora gutsinda,biragaragara neza ko itinya Rwasa Agathon ko yoyitsinda .Cndd Fdd ntizogaruka

  • abobagabo bavuga ko amatora batazotsinda ko batazoyajamwo sinzi niba bazotsinda kunguvu

  • Minani,harinzego nimwe ishigwaho na leta uzi yigenga?Ntaco uba wigira umunyamahanga!Utegerezwa kumenya uko igihugu cawe kimerewe mugihe bikunda!Mwabo ubona birigwa bakominduru benshi canke bose barafise ibibatunze bitandukanye nivyo wibaza ko barondera!Ok nimwibereho!

  • AMATORA YIBWA NUMUGABO, NIMBAMWISHINGA KUJEBAJEBA NUGUCIRA INKONDA!!!!!!!!!!! IMPEMBO YANYU IRAHARI

  • AHUBWO LEONCE NTUMARAMARA!!!!!!!!!!! MURI 2010 WABWIYE ABARUNDI NAMAKUNGU KO INTWARO YA CNDD-FDD ATANUMWAKA IZOMARA!!!!!!!!!!! NONE RABA IMYAKA IBAYE INE!!!!!!!!!!!!!! NTALETA NFATAKIBANZA UZORONKA KANDI NA JENOSIDE WIFUZA NTIZOBA!!!!!!!!!! NDAGUHANUYE GUSANGA NZABAMPEMA KUKIRAKA MWAMUHAYE UMUFASHE KUDUZA IKIVI NUTAKIRWA IMBERE HEHEHEHEHE

  • Yesu ashimw cane mwene data Leonce namw mwese mwagize icomushikiriza nashaka ndabahamagarire kwakira Yesu christo kuko ntahandi amahoro, umugambw wivyiyumviro vyiza Atari muri Yesu tegura kazoza kanyu nabana banyu muri we soma Bible Gus muvyagezw 6:4-5,6

  • ako kagabo katazi ico kavuga ntikohora. ngo amatora yibwe ataranaba, karayiciyumurya!!!! iyaba nagwasa avuga hoho Atari wewe wamye ushima kunuranura kuri mporona dans l’entre temps bagucira imanza za genocide.
    erega kajuju burya wahakuwe n’iyo DD wankurunuka ahandi ho uba ubazwa ivu. wibagira ningoga kweri uri mu bwoko butazwi gushikubu!!!!!!!!!!!!

  • MBEGAKO ABONA ATEGURA AMATORA MABI BAMUSABA INYISHUKUBERA IKI NIBITUMYE BASHIRE AHO INTAHE ISHIZE NONEKO ABOBOSE BASHAKAKURONGORA UBURUNDIBABONA BUZOBAKWIRA UKIRANIRA INKOTA IKAGUCA INTOKE UBURUNDI NTIBURAGIZWA ABABONETSE BOSE MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.