IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ngozi : Abantu 20 barishwe mu mezi 6 aheze-Ligue Iteka

Ngozi : Abantu 20 barishwe mu mezi 6 aheze-Ligue Iteka

jeudi 20 Kigarama 2012

Icegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka cerekana ko abantu bagera kuri 20 aribo bishwe mu mezi 6 aheze, abarenga 20 barakomereka. Hari n’abakenyezi bafashwe ku nguvu.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rimaze iminsi ritanga ivyegeranyo vy’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu mezi 6 aheze. Mu ntara Ngozi, Ligue Iteka rivuga ko hishwe abantu barenga 20, abandi barenga 20 barakomereka, abakenyezi barenga 40 barafatwa ku nguvu.

Iryo shirahamwe ryerekana ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryibonekeje cane muri iyo ntara mu mezi 6 aheze.

Abadomwako urutoke ni igipolisi, imigwi y’abasuma bitwaje ibirwanisho hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k’ubutegetsi.
Ligue Iteka ribabazwa n’uko abakoze iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu batahanywe hisunzwe amategeko.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.