Accueil > Amakuru > Amashuri > Ngozi : Bimwe mu bikorwa vyaranze abanyeshure bari mu kiruhuko
Ngozi : Bimwe mu bikorwa vyaranze abanyeshure bari mu kiruhuko
jeudi 8 Myandagaro 2013
Abanyeshure bari mu kiruhuko c’ishure ntibakwiye kurera amaboko, ahubwo niwo mwanya wo gukura amaboko mu mpuzu mu gukora udukorwa dutandukanye, bagafasha n’umuryango mu kugira ico bahereza amaboko.
Mu ntara ya Ngozi, abanyeshure bari mu kiruhuko c’ishure baravyigenjejemwo neza mu kwitegurira umwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014.
Kwoza imiduga, gufyatura amatafari, gupakira amabuye n’amatafari mu mabeni, abasahiriza abubatsi n’utundi dukorwa tubafasha kwikenura no gufasha umuryango, ni bimwe mu bikorwa abanyeshure bo muri komine Ngozi, intara ya Ngozi babaye barakora mu kiruhuko c’ishure. Ivyo bikorwa bikabinjiriza amafaranga yo kwikenura mu kwitegurira umwaka w’ishure ugiye gutangura.
Abanyeshure bo mu ntara ya Ngozi bakaba bitandukanije n’abandi banebwa, aho usanga abatari bake bamaze nk’umunsi wose ataco bafashije umuryango, haba mu gufasha abavyeyi canke mu gukora udukorwa tubinjiriza amafaranga. Abandi nabo, baca baja mu maligala kwicaraho, ari naho abatari bake bakurira imvugo n’inyifato bitabereye canke bagatangura kwigenza ukutariko.
Abanyeshure bo mu ntara ya Ngozi baje bava muma komine atandukanye, baja hamwe kugira bagwanye kuguma bareze amaboko no kuguma barindiriye ivyo abavyeyi babazaniye gusa. Baca bashima kurondera icobinjiriza amafaranga na makeyi kugira bafashe imiryango yabo.
Mu bikorwa bakora vyo mu kiruhuko, bahembwa hagati y’amafaranga 5000 na 20 000 ku munsi bivanye n’ibikorwa baba bakoze. Kubwa Elvis Niragira, umwe muri abo banyeshure bari mu kiruhuko i Ngozi, n’ubwo ayo mafaranga atari menshi, barafashe ingingo yo gukura amaboko mu mpuzu, kugira bafashe abavyeyi kurondera ibikoresho vy’ishure.
Bahamagariye abandi banyeshure bari mu kiruhuko bo mu ntara zose z’Uburundi, gukura amaboko mu mpuzu, barondere ibikorwa bakora ataco binuvye, bahagarike kuja muma ligala.
Mariella Bukuru