IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ni gute twofungura neza

Ni gute twofungura neza

jeudi 2 Rusama 2013

Kuva aho ubushakashatsi bwerekaniye ko gufungura nabi no kutinonora imitsi bifise uruhara runini ku ndwara nyinshi nkaza diabete, ingwara z’imitima, ubuvyibuhe burengeje, n’izindi ndwara, gufungura neza vyagarajwe nk’ikintu nyamukuru ku magara y’abantu mugushiraho icivugo nyamukuru kivuga « Gufungura n’imiburiburi ivyamwa bitanu n’imboga ku munsi ».

Aho umuntu yoca yibaza, kubera iki ico civugo? Ni kubera ari mu mboga no mu vyamwa gusa dusangamwo ivyankenerwa mu mubiri, bitikekwa. Kuko ubwa mbere nta kamaro kanini babibonamwo haba mu vyunyunyu bitanga, haba mu mazi, bifise ibice bigera kuri mirongo icenda kw’ijana. Kugira bitume ibiro n’ibinure birengako mu mubiri bigabanuke. Muri kino gihe, akaba ari mu mababi y’ivyamwa n’imboga dusangamwo ivyankenerwa bituma n’amara yo mu mubiri akora neza, muri sanganyangaburo, mu vyunyunyu.

Mu gufungura amagarama yababa hagati ya 400 na 600 y’imboga n’ivyamwa ku munsi (vyerekana ibice bitanu biri hagati ya 80 ni 100 y’ivyamwa n’imboga), bituma indwara ziterwa na cancer zigabanuka ku bice mirongo itanu kw’ijana, n’ibice mirongo itatu kw’ijana bigabanuka ku ndwara zivuye ku mutima.

Gufungura “ivyamwa bitanu n’imboga ku munsi” ntibisigura”ivyamwa bitanu n’imboga zitanu ku munsi” ,ivyo bisigura “ubwoko butanu bw’umugwi w’imfungurwa zirimwo ivyamwa n’imboga”, ivyo navyo bikangana n’icamwa ,n’isahani y’isupu, urutomati, inkere ziri hagati ya 6 na 8, ikirahuri c’umutobe w’inanasi.

Nivyankenerwa gufungura ivyamwa n’imboga bitandukanye ku munsi, ni ukuvuga kuza uraguza, uhindagura namba bishoboka kugira afungure ubwoko bwose bw’imfungurwa zitandukanye, n’ivyunyunyu bitandukanye.
Gufungura imicungwe itanu ku munsi bizana ivyunyunyu vyinshi biri mu mugwi wa C, ariko gufungura umucungwe umwe, amakaroti, umuhwi n’ishu bizana mu mubiri ivyunyunyu biri mu mugwi wa A, C na E, ivyunyunyu B, potassium, magnesium , amafibre n’ibindi.

Akenshi abantu bagira urwitwazo ko ata mwanya uhari wo kubirondera kubera usanga ari udufungurwa dutoduto,bakirikura gusa ibimenyerewe gufungurwa, ivyamwa ntibabihe akamaro. Namba mudafise umwanya wo gutonora ivyamwa canke kubitegura, mwoca mugura ivyo mu makopo, ashobora kuba ari imitobe y’ivyamwa canke imboga zisanzwe ziteguye mu buguriro, n’ubwo bizimvye bikagurwa uko nyene kuko na kare "Akeza karigura."

Uburyo mwobigenza kugira mufungure cane ivyankenerwa:

Hakwihatira cane gufungura ibisosa vyinshi dusanga bikozwemwo mu mata, aho twovuga amagato, ibitumbura, ama keke, amashokora, n’ibindi benivyo, mwokwihatira cane ku vyamwa. Namba ari umuntu akunda ibisosa cane, yobisubiriza n’ivyamwa bisosa nk’imihwi, inanasi, inkere n’ibindi. Ivyo bikaba bifasha na bamwe bafise ingorane yo kuza baratoragura ku mwanya ku mwanya.

Muri ku rugendo, mwibuke gutekera n’icamwa. Hageze gufungura naho, mwuzuze asahani imboga, imfungurwa ndimwa nk’umuceri, ibiraya kuko vyo bigabanya igisukari mu mubiri kurusha imfungurwa zifise ibinure nk’inyama, n’ibindi vyo mu makopo.

Namba mufise ingorane zo gufungura ivyamwa bitanu n’imboga, ntimwiyagirize na gato. Mwofungura ivyo mushoboye,ariko mukongerezako utuboga duke, n’icamwa muhejeje gufungura. Ivyo navyo bikazotuma mukingira amagara yanyu mu kwirinda indwara zitandukanye.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.