IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ntaburyo bukwiye bwo kuzimya isoko nkuru ya Bujumbura-Igipolisi

Ntaburyo bukwiye bwo kuzimya isoko nkuru ya Bujumbura-Igipolisi

mardi 29 Nzero 2013

Umuvugizi w’igipolisi amenyesha y’uko abanyagihugu batota umwikomo kun gipolisi kuko ngo ntaburyo bwo kuzimya isoko cari gifise. Ku mudokari 5 zo kuzimya umuriro, 1 gusa ngo niyo yakora neza.

Elie Bizindavyi, umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko bibabaje kubona isoko nkuru ya Bujumbura isha igatokombera yose. Ariko ngo igipolisi carakoze uko gishoboye mu kuzimya ariko biranka.

Amenyesha ko igipolisi ata buryo bukwiye cari gifise bwo kuzimya isoko nkuru ya Bujumbura. Elie Bizindavyi avuga ati :‘’ Abantu ntibate umwikomo ku nzego z’igipolisi zijejwe kuzimya. Hari imodoka 5 gusa zijejwe kuzimya bita kizimya-mwoto muri izo, zibiri gusa nizo zakora bukebukie. N’ukuvuga ko 1 yonyene ariyo yakora. Murumva ko imodoka 1 ata kintu na kimwe yari gufasha kugira umuriro wadutse kw’isoko nkuru ya Bujumbura izime’’.

Elie Bizindavyi avuga ko igipolisi cahavuye gihamagara izindi modoka zo kuzimya ziri hagati mu gihugu kugira zifashe. Ariko naho nyene ntakidandazwa na kimwe caharokote. Igipolisi c’u Burundi kirashimira Reta y’u Rwanda yarungitse indegeyo gufasha kuzimya ariko nayo nyene yaje inyuma y’umutaga ibintu vyamaze kuyangara.
Amenyesha ko igipolisi camaze gutangura amatohoza kugira hamenyekane icatumye umuriro waduka hamwe n’agaciro k’ivyononekaye.

Haravugwa ko hari abantu 4 bapfuye ariko igipolisi kivuga ko hataragera kumenyesha ibitigiri vy’abahasize ubuzima ariko cemeza ko hakomeretse abantu barenga 70.

kw’ifoto:Elie Bizindavyi, umuvugizi w’igipolisi


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • iyo mutwemerera hakiri kare twari kuza muminota zero ariko mwabanje za negotiations ngo indege zinjire mugihugu cyanyu

  • @ Alice ibyo uvuga nibyo? bibaye aribyo u burundi bwaba bugeze kure cyane, nigute wakwangako umuturanyi aza kugutabara ngo nuko azanye indege??? gusa ndizerako atari ukuri.

  • birababaje. imana igarukire uburundi bugeze ahamanuka.

  • none se ziriya modoka mwerekanye muri defile ya 50 ans d’anniversaire zagiye he? cyangwa se nazo zari ibisharizo gusa. ariko uburundi bugeze ahamanuka, imana igarukire icyo gihugu

  • weho afande uravugishije ukuri ngira nturi muri systeme twama twumva uravye nabi baragukura murico kibanza urimwo??ndafise ico mbaza nne zirya zose twabonye muri defile le 1/7/2012,zagiye he?cnke baramaze nazo kuzirya nkuko bameyerey barya vyoose!na police muri defile yari yambaye impuzu zabigenew mbega aho isoko yasha zari zirihe?ariko ntimubona ko koko biteye isoni nagahinda mwari mukwiye guhindura ubundi Uburundi buri mumanga!!

  • uburundi murababaje niba twarashatse kubatabara mukabanza negotiations uwo muntu muzamuhane

  • Ngo "Abantu ntibate umwikomo ku nzego z’igipolisi zijejwe kuzimya. Hari imodoka 5 gusa zijejwe kuzimya bita kizimya-mwoto muri izo, zibiri gusa nizo zakora bukebukie. N’ukuvuga ko 1 yonyene ariyo yakora. Murumva ko imodoka 1 ata kintu na kimwe yari gufasha kugira umuriro wadutse kw’isoko nkuru ya Bujumbura izime’’.
    Tubashimire rero ngo mwakoze neza?!!!! Nta n’ isoni? Ni nk’ ukuvuga ngo" mumbabarire nambaye ubusa kuko impuzu zanje zitabutse none nkaba ntakizambara " Aho kuzidodesha kwa tailleur!!! Nta excuse n’ imwe mufise rero muceceke. Murateye isoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.