Accueil > Amakuru > Poritike > Nyabenda : "Inama nshingamateka ya Buraya yakoreye ku majambo (...)
Nyabenda : "Inama nshingamateka ya Buraya yakoreye ku majambo y’ibinyoma"
dimanche 21 Nyakanga 2014
Inyuma y’ivyashikirijwe n’inama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya aho yagiriza urwaruka rw’umugambwe CNDD FDD gukubagura abatavuga rumwe n’uwo mugambwe hamwe n’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umugambwe uru kubutegetsi uvuga ko iyo nama nshingamateka yakoreye ku majambo y’ibinyoma.
Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD avuga ko ikibazo ca Petero Karaveri Mbonimpa kiri mu minwe y’ubutungane, kandi akavuga ko mu Burundi atarwego na rumwe rwinjirira urundi, ari naco gituma ico kibazo c’umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH bokirekera ubutungane bukagikora. Nayo kubijanye n’ikibazo c’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD kivugwa buri munsi n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu yaba ayo mu Burundi na mpuzamakungu ko zibangamira abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, umukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga amanama menshi aba hagati y’abarongoye imigambwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, atuma icuka kiba ciza ahagati y’imigambwe.
Pascal Nyabenda akavuga ko iyo ko iyo nama nshingamateka yakoreye ku majambo y’ibinyoma,arico gituma abo bashingamateka bokwishikira mu Burundi bakirabira uko ibintu vyifashe.
Aristide Nizigire
Messages
21 Nyakanga 2014, 12:32, par majos
NONE KO MWASE AMATOHOWA TUFATE GUTE? NIMWEMERE BAKORE AMATOHOZA EGA BENEDATA NIVYIZA KUBANA NEZA NKABAVANDIMWE NGAHO AMAKUNGU NGO AKOREA KUBINYOMA ABARUNDI BARAYAMAWE BATI: URUKURUKURU NIYO NKURU NKUMBURE VYOBA ARIVYO NONE KOMWANKA AMATOHOZA YIGENGA
21 Nyakanga 2014, 13:23, par maza.
Hahahaaa ibisaka vyimbwa birahiye ko mwama mwishira hejuru nimurinde mumugumize turabe
21 Nyakanga 2014, 16:36, par Mama
None uwomurwi wa Bulaya bamwenabandi konumva murimurishimira ko bitabiriye akamo Alexis Sinduhije yabateye, nibikimwibaza komuciyemwunguka? Umva igihugu kirakomeza gutwarwa mumahoro nubutungane, hanyuma mumwaka wa 2015 Sinduhije wanyu nabobafatikanije sinziko bazohamagara abobashingamateka ba Bulaya bakaza kubaha amakwi mumatora twebwe ukomuduteza abanyamahanga gusuzugura igihugu cacu niko bitwongerera inguvu zogukunda igihugu cacu nabakirongoye nambamugira turabesha rindira muzovyibonera mumwaka uza wa 2015 Ndashaka kubwira abobose bumvabashaka gutwara uburundi bikuremwo mumitweyabo kwibazako kugenda mubihugu bitandukanye kuvugayo ayamuhe ivyosivyo bizobashikana kubutegetsi, ariko muzokwunguka kubacishamwo ijisho kukomwenayomajambo mubwira makungu atandukanye harihabandibaheza bakabasigurira idonido uko ibintu bimezeneza nabobahejeje kwumva ukuri batangura kubwirana ngo’ uryamuntu canke baryabantu nimwazoza murumva amajambo avuga murayitondera! Buryarero keshi numvabantu babanye nabobazungu bavugako bakunda umuntu abahinkuru, ngwariko ivyowababwiye bagezigihe bagasanga bwarububeshi ngobacabakwanka urunuka. Ariko ndasaba ko abarundi mumenyako uburundi bwikukiye iyorero igize ikikudidanira ukacawiruka kuribabandi badukoroniza bisigurako wewe wishakira kwigumira mubukoroni. Abobazungunabo kugirabatwereke ko aribobadutegeka umuntu akoze ikosha muburundi acahungira iwabo, mukumukoresha interviw ntibibandakokukugira bamenye ukuri icobibandako ni’ ubutegetsi ububonagute? nawekubera abavuyeyo akoze ishano acavuga ayamuhe, abobazungubababashakakugera kuki? Icobababashaka nukutwerekako nubwotwigamba kotwabirukanye tukikukira bakitujegeza tukiri mububashabwabo, uhejeje kubabwirarero vyose nahucubona umurwi wabantu runaka badutse bakifatira mugahanga igihugukizima ngo’ turavuze koraguti, bwabwengebuke bwabarundi ukacawumvango ’ agasakakimbwa karahiye! urashobora kubwira sowawe igihe asuzuguwe nuyundimuntu amajambo nkayo?
21 Nyakanga 2014, 17:04, par @#
nkuyavuga ibinyoma atazi kwariwe yabitanguje ntanisoni agira.IKIMBABAJE NIKO NZI KO HARIHO ABA DD BAFISE UBWENGE KANDI ATAMANYANGA BOJAMWO .ARIKO BONONEWE NIVYO BISUMA BIBASERUKIRA NIBAVYIKUREKO.ATARUKO BIKORWA NABO BIKITIRIGWA BOSE
21 Nyakanga 2014, 18:37, par mukobwajana
aba DD bararushe kuko bakora ibidakorwa?
21 Nyakanga 2014, 19:52, par Claude
Wewe wiyita mama tu as rate l’occasion de fermer ta guelle,aho ubona wavuze iki ww nuwo NYABENDA wawe,aho avuga ngo nibishikire mu BURUNDI birabire erega niho bari utwo mwigira nk’utwo inda zigira mw’ibutura mubigira barorera.
Kananira abagabo ntiyimye,mugumizeyo ko muri abagabo,ewe DD temba uragatemba
21 Nyakanga 2014, 20:11, par BWARIKINDI
NIVYO NYENE NIBAZE BABIRABE BAREKE KUVUGIRA KUMBUGA..MUBURUNDI NTANZU IRIKO IRASHA MBEGA NIHEHE MW IBI BIHUGU HUBAHIRIZWA AGATEKA KAZINA MUNTU NKO MUGIHUGU CACU C UBURUNDI?NIBABE BARITURISHA IMIBE ; UMWANA AHETSWE NEZA ASOHORA UKUBOKO...
21 Nyakanga 2014, 21:12, par nwari
21 Nyakanga 2014, 21:32, par matwi
Emwe, ndadamwe. Ati abanyaburaya barabesha, imbonerakure nabo ni abamalayika! Je ngira n’uruyoya rukivuka rurazi icarico imbonerakure. Mwahinyutse pe.
21 Nyakanga 2014, 22:29, par bosco
none ubuturemeye ko abantubimbwa bipanga abariko baratwara babafate uko bishakiye?
22 Nyakanga 2014, 08:01, par obama
Abobanyburaya nibihende bahahonyore barabe kobatabona ayoyaboneye kumugezi.Mazenibaza bazotumbere muburaruko bwigihugu bazorabe kobahakura agahanga.Hariya nimubashababu hatavuze Umukuruwigihugu ntawundi abahagarika.
22 Nyakanga 2014, 08:01, par obama
Abobanyburaya nibihende bahahonyore barabe kobatabona ayoyaboneye kumugezi.Mazenibaza bazotumbere muburaruko bwigihugu bazorabe kobahakura agahanga.Hariya nimubashababu hatavuze Umukuruwigihugu ntawundi abahagarika.
22 Nyakanga 2014, 10:11, par manzi
Hahahahahah imisi yikisuma iraharuye wewe wiyita Mama ivyo mwivye nabo mwishe birakwiye!barakwiye!
22 Nyakanga 2014, 19:30, par soso
lbirabahinyukanye rarera turabe rera ubu
22 Nyakanga 2014, 20:55, par Bicamajerwe
Aaah,mbe abo bashingamateka baba nyamahang bashaka gutera ubwoba CNDD FDD?Nibatekane.
24 Nyakanga 2014, 17:40, par John
abbdd ntabwo bumva?kuko bahemukiye abarundi.
10 Gitugutu 2014, 12:10, par NZIKORURIHO
hehehe,AKABI GATWENGWA NKAKEZA. Ngo imbonerakure zirarenganywa? Jewe ntizari zinyirahiye i Bujumbura? Hazogera igihe turonke aho tuvugira kandi tuzobavuga.Murantunge ndarute kuko abaraho si abo kubwirwa ngo bumve... Bakiraza abantu mugahinga mukubaturatuza bakabicisha intekera kumutwe,aho ndavuga inyeshamba za CNDD-FDD,bavuga ngo bariko baharanira Démocratie. Akabazo gato: Harya i Burundi habaho Démocratie? Ko basheshe amaraso n’ayandi y’ubusa nubu bakibandanya,burya baribaza ko bazohava kandi intahe ikabakubita mugahanga?Nayo kuvuga ko ivyo inama nshingamateka ya Burayi yakoreye kubinyoma,niki bapfa n’uburundi kigatuma babubeshera? Ntakindi kizokiza uburundi atari uko PETERO NKURUNZIZA yova kubutegetsi,ntanivyo yishoboreye murundi.