Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Nyangoma : "Impera n’imperuka Reta y’Uburundi izoja ku meza y’ibiganiro"
Yanditswe taliki ya 28-09-2015 - isaha 10:17' na Van Naris Mugisha

Leonard Nyangoma ukuru w’umurwi w’igihugu wishinze gukingira amasezerano ya Arusha n’intwaro ishingiye ku mategeko CNARED amenyesha ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza atari we atora abo baganira.

Umukuru wa CNARED avuga ko naho biboneka ko Reta y’Uburundi idashaka kuganira nabo batavuga rumwe,impera n’imperuka izoja ku meza y’ibiganiro,kuko n’abatwaye igihugu ubwa mbere ariko vyagenze.

Leonard Nyangoma avuga ko bitebe bitebuke umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoganira n’urunani CNARED rugizwe n’imigambwe mikuru mikuru itavuga rumwe na Reta hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro ya politike.

Umukuru wa CNARED avuga ko hari uguhangana hagati y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’urunani CNARED kandi ko bitebe bitebuke umukuru w’igihugu azoganira n’urwo runani uko yova ku butegetsi mu cubahiro,gutyo hakurikire intwaro mfatakibanza izotunganaya amatora y’ukuri,yitabwe na bose kandi abaye mu muco.

Naho Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ibiganiro bizobera mu Burundi,kandi hadakenewe umuhuza,Leonard Nyangoma avuga ko ibiganiro bbitegerezwa kubare hanze y’igihugu bihagarikiwe n’umuhuza w’’izo mpande zibiri.

Mwomenya ko urunani CNARED rwashinzwe mu kwezi kwa Myandagaro,rurimwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta,hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Ivyiyumviro vyanyu

Nyangoma arazi aho yadutaye kandi ndazi yarabonyeko atariho twagumye ubu turi mugisirikare cuburundi rero niyaba aziko ahoyadusize arihotukiri arazoza abe infata kibanza akabaziko turimugisirikare no mugi PNB azozeyitonda kuko kurasa niwe yabitwigije araziko kurugamba twaguma dusonga tujimbere tumubwiye duti sumurenga sumurenga

31.10.2015 à 05:03
bacemwo

"Le combat des criquets enchante l’epervier"(traduction...) ! L’Etat burundais et ainsi que les opposants au pouvoir dont je qualifierais "illégitime" doivent engager des négociations tacites pour délivrer du sort le bas peuple,victime des confrontations entre les 2forces concourantes. Cela n’est possible que grâce àl’intermédiaire d’un tiers diplômate dans les conflits fraternels comme l’avaient fait defunt Mwalimu Julius Kambalage Nyerere,defunt Nelson Mandela, S.E.Jacob Dzuma,Hn Tabo Mbeki et autres dans ce même fameux pt du monde,le Burundi ! Je jette le tort surtout àl’observateur tant international que régional,seuls qui voient ce qui se passe au Burundi et restent les bras croisés sans rien faire ! Je donnes àtitre d’exemple l’O.N.U,l’U.A,l’E.A.C,les U.S.A et autres. S’il vous plaît,deux parties au conflit ne peuvent nullepart se trancher l’affaire ;faut un intermediaire !!Autorités burundaises,autorités en opposition,nous le bas peuple nous sommes vraiment lassés. "Bibwirwa benshi bikumva benevyo !!"...

17.10.2015 à 12:11
Félicien

Nyangoma muhaya mubona yomariraiki abarundi ! iconzi mumubaze ibisusu vy’abagore aho hoho arabasobanurira ibinini ni ibitoya.

11.10.2015 à 15:40
Iyumenya

Jewe ndu mututsi nahongirewe mubuhungiro singapfe ntwawe na Nyangoma numuhemu yaratwishe 93 aratugeseza none ubunaho avyiyumviye gute gufasha abatutsii yahonyeje imbere nije ndomwirasira ubwanje

8.10.2015 à 06:20
mwene harimesh

MBE NYANGOMA NTURABONA KO URI IGIKORESHO ? KOVYANSE URI MUGIHUGU UBU URI EXILE HO ? BARAGUHENDA REKA PLAN ZOKUDUHONYA KUKO UMUNTU AGUTUTSE NGO URAGAPFA UYERERA NKA NYANGOMA ABA AKWISHE KUKO WEWE URI INSTABLE KUVA KERA.

7.10.2015 à 17:29
NSUMIRINDANYANGOMA

MBE NYANGOMA NTURABONA KO URI IGIKORESHO ? KOVYANSE URI MUGIHUGU UBU URI EXILE HO ? BARAGUHENDA REKA PLAN ZOKUDUHONYA KUKO UMUNTU AGUTUTSE NGO URAGAPFA UYERERA NKA NYANGOMA ABA AKWISHE KUKO WEWE URI INSTABLE KUVA KERA.

7.10.2015 à 17:28
NSUMIRINDANYANGOMA

nibazak ivya nyangoma na CNDD FDD vyahereye iyobari mw’ishamba abandi twobibarekana

7.10.2015 à 15:32
J.Baptiste

Ariko jewe datangazwa n,amajambo y,abapagani hamwe n,inyandiko z,ibitutsi zabo.ko nei mu Burundi nka 95 kW,ijana Bose ari abakristo none ayo majambo ahumanye bayavana hehe ? Ngira ngaruke kuri abo ba maze abantu Babica ngo ni prezida nkurunziza abica ,ngira ndababaze.,ninde yatanguje akagume yigisha urwaruka Gusara mu mabarabara,komeza we muhenda abantu b,imburakimazi ahokubigisha amahoro none muriko mubahonereza mu migumuko namwe mugaca mwidugira mu bicu Gusa mubi era imivyimba yabo who irunze .ni babishinge

2.10.2015 à 12:32
Andis

NKURUNZIZA komera. NYANGOMA komera. Mwese mupfa ubugabo ariko ikibabaje n’uko aho impfizi zibiri ziniganiye ubwatsi aribwo buhasigara. Jewe ico novuga noshigikira ibiganiro kuri bose atamwana n’ikinono. Umuhuza mva makungu akaza kubumviriza utsinze kuvyiyumviro vyiwe vyiza akaba ariwe agarukira abarundi kuko barushe nukwama bicwa abandi bomoka. Nayo gushira imbere intambara, yoyo irasambura ntiheze ngo yubake. Kandi iyo iteye umwansi n’umukunzi barajana. Abashingantahe nico babereyeho, nimwemere mwese mwicarane muvugane, maze amahoro agaruke mugihugu.

30.09.2015 à 00:07
DUSABE Karori

uwo mutifu avuga ngo nyangoma atwaye azoca arasa usanga igihe intambara igihe yaba yari mu burengete yiyagaza aho ashaka. Rindira uzorasa maiantusige inyuma kuraswa

29.09.2015 à 11:05
kabuga

Hinge nkubwire Nyangima wewe mugo runani ntiwihende nahogoja mubiganiro ntiwihende ngowogirwa umukuruwimfata kibanza ukayirongora nindwi imwe gusa tuzoba tutazi kurasa jury a muhaye muburagiza reta Niko namwe bizobagendekera noneho iyo Mindoro urikurota kumutaga urindire 2020 burya nicogituma mwanse kuja mumatira ngo murindiye itwaro zimfata bibanza muragowe pe

29.09.2015 à 01:56
Frodebu

Bantu Mwese Twaremwe N,imana Ni Tureke Guterana Amajambo Kurya Yavuze Ko Icabona Ko .Ari Imana Erega Ntiyabeshe Imana Niyo Nkuru .Izo Duhinyuriza .Nimuze Dufatane Munda .Mwese Ndabipfurije Ijoro Ryo Umwasi Numukunzi .Thenk You !

28.09.2015 à 21:35
Muhanuzi

Komera Nyenicubahiro mutama Nyangoma,ivyo bitutsi vyizi mbonerakunya ntibikubabaze,wewe bandanya ibikorwa kandi dushaka ko bija mungiro atari umunwa gusa,rekana nuwo mukoma wurutwe n’imirazi NKURUMBI,komera President wacu Nyenicubahiro LEONARD NYANGOMA.

28.09.2015 à 20:06
Falcon

Nibumvikane gko bose nabarundi kand bamenye ko hari umucamanza abasumba vyose arabibona akinumira.

28.09.2015 à 19:23
Ndarengewe

uwo mugambwe bazowukunyanganya nkakurya bakugize kuri CNDD. ba uretse uzoraba igihe umwimbu uzoba ugira uboneke.

28.09.2015 à 18:30
kkkk

Nyangoma ubwenge bwawe buracuritse. mbe ibazako twibagiwe uko wataye mukaga umuhari CNDD FDD turi mukubira ? wibagiweko tuzi intererano zarizahawe aba ZURU ko wahenzwe n’abatutsi biwanyu BURURI bakwemerera amaheraurabugurisha ? Ubwato bwitwa COSOVU bwaribwahawe aba ZURU ntiwaburiye ukavugako aba ZURUbawe bakomeye bazogendan’amaguru kugira bafatwempiri ? nyangoma urigipfu mumutwe cokimwe n’abakurinyuma. nawe uzoshima haricugezeko. mbe uzokwama mubuhungiro gushikaryari ? tekereza,ataraho uzopfuyerera nk’umufa wok’urujo !!!!

28.09.2015 à 18:02
Karikurubu

EWE NYANGOMA UBONEKA UNANIWE MUMUTIMA ?VINYUMA YA PORITIKE .KUVA NDADAYE APHUYE WAHISEMWO KUGUMA WICA ABANTU KUGIRA UBE PREZIDA MUGABO VYARANSE.ENDA HEBA IYONGENDo.kuko uzorinda upfa utamubaye kuko amaraso arahuma

28.09.2015 à 16:53
RICHO

ntawutazi ko nyangoma asara mumutwe erega nyangoma ni umurundi nkabandi barundi ntabwo nyangoma ari uburundi, ivyo iyaza akabivugira mugihugu ahari abavuga ko ahaye aharanira uretse gusa huhimba imikate nivyayi hama agahamagara abanditsi bamakuru mugushaka guhonya abarundi kunyungu ziwe mukwitiranya ibihe aho yiyumvira ko abarundi bakiri hahandi
"hewe abarundi ubu turi maso"

28.09.2015 à 16:49
mbona

ntawutazi ko nyangoma asara mumutwe erega nyangoma ni umurundi nkabandi barundi ntabwo nyangoma ari uburundi, ivyo iyaza akabivugira mugihugu ahari abavuga ko ahaye aharanira uretse gusa huhimba imikate nivyayi hama agahamagara abanditsi bamakuru mugushaka guhonya abarundi kunyungu ziwe mukwitiranya ibihe aho yiyumvira ko abarundi bakiri hahandi
"hewe abarundi ubu turi maso"

28.09.2015 à 16:45
mbona

Komera mutama Leonard.Mais turipfuza kubabona mubikorwa apana mumajambo.Kuko vyaturambiy ivya 3em manda ! Urwaruka batumaz,nacanecane muma Quartiens yiyamirije 3e manda. Nimugir ico mukoz vuba nabwango,si no muzosanga twes batugiz ibimuga !

28.09.2015 à 16:38
François
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.