Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR yafashe amatungo ya APRODH - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > OBR yafashe amatungo ya APRODH

OBR yafashe amatungo ya APRODH

jeudi 29 Munyonyo 2012

Ikigo OBR kijejwe gutororokanya amatagisi n’amakori, kiremeza ko arico cahagaritse amafaranga ari ku ma konte y’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu nakabapfunzwe APRODH. Amafaranga arenga imilioni 59 y’amarundi yarafashwe.

Abarongoye OBR , ikigo kijejwe kwegeranya amatagisi n’ amakori bavuga ko bisunze amategeko agenga ico kigo kugira bahagarike amafaranga yose ari ku makonte y’ ishirahamwe APRODH riharanira agateka kazina muntu n’ka bapfunzwe.

Domitien Ndihokubwayo icegera c’uwurongoye OBR, yemeza ko atayindi mvo n’imwe yatumye ico kigo gifata iyo ngingo, atari umwenda iryo shirahamwe riheraniye reta bivuye ku makori ryategerezwa kuriha, ariko ntiribikore mugihe ngo ryabimenyeshejwe ariko rikabandanya kwica amatwi .

Ishirahamwe APRODH ryro rivuga ko ryatangajwe n’ ukubona OBR ifata iyongingo yo guhagarika amafaranga arenga ilioni 59 ari mu mabanki atandukanye, aho kubanza kwegera APRODH kugira babanze kuvugana no guharura amafaranga iryo shirahamwe ryoba riheranye.

Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH yemeza ko hari imyaka yarishe ikori ariko OBR ikimeza ko iryo shirahamwe ritigeze ririha. Pierre Claver Mbonimpa yamenyesheje kandi ko ishirahamweishirahamwe arongoye ritanse kuriha amakori. Agasaba ko hobanza kuba umwumvikano hagati ya OBR na APRODH ku makori y’imbere yuko ikigo OBR gishingwa.

Kuri ico kibazo c’amadeni y’imbere yishingwa rya OBR, Domitien Ndihokubwayo icegera c’uwurongoye OBR avugako amategeko atomoye muguha uburenganzira ikigo OBR kwishuza amafaranga yose yategerezwa kwinjira mu kigega ca reta n’imbere y’ishingwa ry’ikigo OBR.

Domitien Ndihokubwayo asaba APRODH kwitura ubutungane mugihe ryoba ribona ko ryarenganijwe, ataruko naho rikihutira kuriha umwenda riheraniye ikigega ca leta.

Ishirahamwe APRODH ribona ko ari uburyo bwo kuriburabuza mu kazi ko guharanira ageka ka kiremwa muntu. Rtikeka ko hari izindi mvo ziri inyuma ariko umukuru waryo ntiyashatse kuzivuga.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.