IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > OTAN iragabisha igihugu ca Siriya

OTAN iragabisha igihugu ca Siriya

jeudi 6 Kigarama 2012

Turikiya isaba ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN gushinga ibisasu bitegera ibishobora kuva muri Siriya.OTAN yoyo iragabisha igihugu ca Siriya ko hamwe coramuka gikoresheje ibirwanisho vy’ubumara ruhonyanganda, amakungu azoca agihagurukira

Ivyo vyavuzwe n’umunyamabanga mukuru w’urwo runani OTAN Anders Fogh Rasmussen mu gihe intambara zikomeye zibandanya hirya no hino y’ umurwa mukuru wa Siriya, no mu yindi mihingo y’ igihugu.

Abagize urwego rwa OTAN bateganya gukorana ngo basabe Turikiya gushira ku rubibe bahana na Siriya, ibisasu bitangira bigahushisha ibindi bisasu intumbero.
Intambara zabaye ndanse muri Siriya zatumye ishirahamwe ONU rigabanya abakozi baryo mur’ ico gihugu. Nayo ishirahamwe rya Bulaya ryabakuyeyo bose.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.