IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > PAFE yemeje ko Guillaume Harushimana yari mu Rwanda

PAFE yemeje ko Guillaume Harushimana yari mu Rwanda

samedi 24 Nzero 2015

Igiporisi kijejwe kugenzura uruja n’uruza (PAFE : Police de l’Air et des Frontieres et des Etrangers) cemeje ko Guillaume Harushimana yafashe urugendo rwamushikanye mu Rwanda kuva ku genekerezo rya 6 gushika kurya 8 Nyakanga 2014. Muri ico giporisi bamenyesha ko ibidodo vyakoreshejwe iyo ngenzi isohotse igihugu ari ivya kera, ariko ko muri PAFE babizi.

Kuva aho hari umunyagihugu amenyesheje ko yari mu nama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira b’Abatariyano, zabereye mu bunywero bita "Iwabo w’abantu" bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, Guillaume Harushimana akora mu kigo Centre Jeunes Kamenge, akaba n’umwe mu bavuzwe ko bateguye bongera barashira mu ngiro ubwo bwicanyi, yamenyeshe ko ivyo yagirizwa ari ikinyoma, kuko yari mu gihugu kibanyi c’Urwanda kuri ayo magenekerezo. Akivuga ko yari mu Rwanda kuva ku genekerezo rya 6 gushika kurya 8 Nyakanga 2014, bagenzi bacu ba RPA bashoboye kuganira n’igiporisi kijejwe uruja n’uruza (PAFE), babwiwe ko batazi ikidodo kiri mu gitabu c’inzira cerekana ko Guillaume Harushimana yari mu Rwanda kuva ku genekerezo rya 6 Nyakanga 2014. Amatohoza yaciye akorwa na bagenzi bacu ba RPA yerekana ko ico kidodo ari ica magendu, bakavuga ko cakorewe mu Buyenzi kw’ibarabara ry’icenda, ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 9 Nzero 2015, isaha zitandatu z’umurango.

JPEG - 42.5 ko
Guillaume HARUSHIMANA

Mu giporisi kijejwe kugenzura uruja n’uruza (PAFE : Police de l’Air et des Frontieres et des Etrangers), inyuma y’umunsi umwe gusa, baciye bamenyesha, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ko ivyo bidodo biri mu gipapuro c’inzira ca Guillaume Harushimana, vyerekana ko yasohotse igihugu aja mu gihugu c’Urwanda kuva ku genekerezo rya 6 Nyakanga 2014. Kuba ubwa mbere bari bavyihakanye, muri ico giporisi basigura ko Guillaume Harushimana asohotse igihugu hakoreshejwe ibidodo vya kera vyo mu mwaka w’2013, ariko bakemeza ko muri PAFE bazi ivyo bidodo, naho bari babanje kuvyihakana ubwa mbere.

JPEG - 106.5 ko
Ibidodo biri mu gitabu c’inzira ca Guillaume HARUSHIMANA (Photo : Roland RUGERO)

Egide Nduwimana

Messages

  • None niwe yasotse wenyene hakoreshejwe ibidodo vya kera? Igihe cose yari amaze ataco avuga niho yaracibuka ko yagiye mu Rwanda? abavuze ko ari ibidodo vya kera ibindi vyari vyakwamye cank vyari vyagiye he? nuko nyene abantu batakimaramara aba polisi bakwiye umudari w’ikimaramare kwivuguruza. narengutswe abazwe igituma akoresha ibidod bitari vyo usag et usage de faux.

  • Il serait mieux de vérifier dans les registres d’ entrée et sortie du Rwanda lá bàs pas de corruption on saurait définitivement la vérité nayo Police du Burundi il est capable de lui donner un nouveau passeport et de mettre tous les cachets nécessaires nous connaissons leurs manoeuvres .

  • PF Muratey’isoni Muzosha kuki muvuga kwari ivyakera mbe mwabikoresheje kuriwe wenyene murabesha ukuri kuzoja ahabona kandi namwe muragowe

  • Jewe ico mbona no hanura nti muntu wese wiyeza kandi ubwaw uzi ivyo wiyagiriza icoba ciza nukwihana naho kwiyeza wiyeza kubantu but kumana yo ibona vyos izobagaragaza umusuraho nayo abarengana bihangane igihe kiri hafi

  • Jewe ico mbona no hanura nti muntu wese wiyeza kandi ubwaw uzi ivyo wiyagiriza icoba ciza nukwihana naho kwiyeza wiyeza kubantu but kumana yo ibona vyos izobagaragaza umusuraho nayo abarengana bihangane igihe kiri hafi

  • Jewe ico mbona no hanura nti muntu wese wiyeza kandi ubwaw uzi ivyo wiyagiriza icoba ciza nukwihana naho kwiyeza wiyeza kubantu but kumana yo ibona vyos izobagaragaza umusuraho nayo abarengana bihangane igihe kiri hafi

  • tous le monde connait que Bob Rugarika est en prison parce que il a fait des révelations sur un crime d’Etat ,la PAF est l’État mais comme ils sont doués dans le mensonge et dans les rementanyas ils nous fabriquent des histoires contradictoires mbega ibara ! ibidodo vyakera ? genda murazi kwikurako agashambara!

  • Mbeyemw karashizingani abobantu batwaruburundi bafatabantu nkukwarintama nkuko nabo arintama?ibidodo bamaz kwitwa ivyakera nuko haba hari bishasha non bishoboka gut gukoreshivyakerakndi bishasha bihari

  • karashizingani abarundi dufatwe nkibijuju nimuduhamagar twiyamiriz iyireta yaba dd yiharijw nibinyoma ibiturir ubwicanyi ubusuma gufata kunguvu nayandi mabi menshi mbega abobakozi ba pafe bardmeye koko gutamikwa ijambo kandi ubwamber bari bahakanye icokidodo ukonukwisuzuguza turasavye mubandany amatohoza mushike nokumupaka wurwanda murabe koko koyagiyeyo hamaduhe umuco ikinyoma kijahabona .

  • Ariko abarundi turi ibijuju kuko sinovuga abadutwara kuko ni banyakubahwa ntanuwobahangara ariko sinzi ko nabo bari muri nombre yabarundi eka murantunga ndibaza harigihe nibaza ko abarundi ari banyarucari nacane cane twe tutize tutazi gutandukanya A na Bi. Ariko basha bureau ya migration isigaye ikoresha ibidodo vyakera na bishasha. sha abarundi turahendwa kweri. Nukuri nimba abadutwara basenga nibikebuke imana itarabarandura bose. Niharambe intahe nijambo muburundi nubwo namwe nabigabuje amafaranga ninzoga.

  • we cndd.fdd ugeze habi, mugabo banyina nimwigire uko mushaka kuko murabona ko abarundi basinziriye.

  • Birateye isoni n’agahinda kweri ivyo mu Burundi na cane cane mu gipolisi . mbega nta kuntu mwikwegera police du coté Rwanda naho mubaze kandi babereke ibidodo boba baramushiriye mu passport mwumve? Murakoze cane.

  • Birateye isoni kubona PAFE yisubirako kubera igitsure Ca CNDD-FDD !none ico kidodo ca kera bakigongeye Guillaumegusa ko tuzi ubu hakora ibidodo bishasha!emwe ayo manyangayabatwarauburundi yamaze gusesema abantu ,ariko barabeshaukuri guca mu ziko ntigusha.mbega iyi misi yose iheze niho acibuka ko yari yagiye mu Rwanda.

  • NDEMEYE KO MU BURUNDI BWACU HARI IMIHIMBIRI Y’ABATEGETSI BATAZI IVYO BAVUGA .BATI IBIDODO NTITUBIZI ,KUKO BABONYE KO UKURI KUBONETSE KUBISHE ABABIKILA BATI TWAKORESHEJE I BIDODO VYAKERA YEWE PF IGIZWE NI IMIHIMBIRI YA BA POLISI None niwe yasotse wenyene hakoreshejwe ibidodo vya kera ? Igihe cose yari amaze ataco avuga niho yaracibuka ko yagiye mu Rwanda ? abavuze ko ari ibidodo vya kera ibindi vyari vyakwamye cank vyari vyagiye he ? nuko nyene abantu batakimaramara aba polisi bakwiye umudari w’ikimaramare kwivuguruza. narengutswe abazwe igituma akoresha ibidodo bitari vyo !ndetse nabo ba PF bafatwe ningoga biraboneka ko nabo bari bazi iryo bara ryo kwica abo babikila.Nakamaramaza kugira umu President nka nkurunziza pierre,pu

  • Emwe Imararubanza ziragwira! mbega ngaho PAF ivuga ngo ni cachets za kera zishasha ni zakera sibo bazikoresheje?kubera iki bavuze ubwa mbere ngo ntazo bazi ?non quand meme nimugire un minimum de respect naho mwosuzugura abarundi muri iki gihugu hariho abanyamahanga muzogeza ryari kudusiga iceyi?

  • Kobitangaje! Karaciyingani umuntu arenganuwe bicebibonekanako duhomvye ibarariguye!? None iyatarenganurwa bikemezwako yarimu Burundi kandiyarimurwanda twariguca twugukiki bamuhaniye icaha atakoze. Jewe ivyayo mashashi ntavyonitayeho gukurikirana ngomenye kubitandukanya nivyobita magendu, ariko ndagombakubafasha ndababwireko nomu Rwanda ahoyariri mwayomatariki bavuze harazwi nonegayemwe uwomuntu ntitwokwishira ko yarenganuwe?.

  • Minani at: IMBUNUZA ntiyari bwabone!!!!

  • Ncutizanje nimureka kurenza urugero mugutukana. Jew mbona icokogwa nuko bogenda kuwomupaka yinjiriyeho bakaza kiryagitabo bandikamwo abinjiye nabasohotse cane cane baze baje kumupaka wurwanda murabeko ikinyoma kidakubitigwa ahashashe

  • Jw ndifuza ko bodusigurira neeeeza ko uyo munsi le 6/09/2014 ko abantu boooose basohotse uyo munsi baronse ikidodo ca kera ? Bikaba aruko azoba akize , mugabo niyaba ari wenyene yakironse aho akabazo ! Nayo ahandi nibareke kwitoza utunyoni nta numwe atazi koari abicanyi ! Mbe bibagiye ko n’umwana avutse ejo bundi atabizi ! harya ingwara irakira ariko ingeso ntamuti uraboneka !

  • huhuhuhu wewiyise iyumenya reka kubwira abantubko ari mihimbiri ahubwo weho urimusi yimihimbiri!!!!!!!!urimbwa yumukoma kuko wewe ntuzi nubwoko bwawe!!!!ntuzi nigihugu cawe!!!!!!ukooo fuuuu expsant

  • Il y a beaucoup a dire sur ce dossier; mais abregeons.
    Difficile a avaler que la PAFE utilise de vieux et nouveaux cachets. Mais, soit! Question: Et le Rwanda? Observons les cachets Rwandais dans ce passeport.
    1) Coin superieur droit: Entree le 16 oct 2014 (Entry/15A3 OSBP).
    2) Coin superieur gauche: Sortie (EXIT: ce mot n,y est pas) le 17 oct 2014.
    3) Observez ensuite la circonference de ces deux cachets: celle du 17 oct a gauche est plus ovale que celle de droite. En outre les polices de caracteres pour le lieu d,entree ne sont pas les mêmes.Observez les mots NEMBA-GASENYI.
    4) Enfin, dimensions des cachets: aucun de ces cachets n,a le meme diametre que l’autre: les cachets d,entree (ENTRY) ont 3.2cm, ceux de sortie (EXIT) ont 3.5cm (26 Aout?), 3.3cm (8 Sept: voir cachet au milieu), et 3.8cm (17 octobre 2014). Invraisemblable! Tout est FAUX.

  • L’analyse de Lead est correcte : Les faits parlent d’eux mêmes. Inutile de tenir un langage injurieux.
    "Il y a beaucoup a dire sur ce dossier ; mais abregeons.
    Difficile a avaler que la PAFE utilise de vieux et nouveaux cachets. Mais, soit ! Question : Et le Rwanda ? Observons les cachets Rwandais dans ce passeport.
    1) Coin superieur droit : Entree le 16 oct 2014 (Entry/15A3 OSBP).
    2) Coin superieur gauche : Sortie (EXIT : ce mot n,y est pas) le 17 oct 2014.
    3) Observez ensuite la circonference de ces deux cachets : celle du 17 oct a gauche est plus ovale que celle de droite. En outre les polices de caracteres pour le lieu d,entree ne sont pas les mêmes.Observez les mots NEMBA-GASENYI.
    4) Enfin, dimensions des cachets : aucun de ces cachets n,a le meme diametre que l’autre : les cachets d,entree (ENTRY) ont 3.2cm, ceux de sortie (EXIT) ont 3.5cm (26 Aout ?), 3.3cm (8 Sept : voir cachet au milieu), et 3.8cm (17 octobre 2014). Invraisemblable ! Tout est FAUX."

  • REKA TUBATSINDE NKA MBERE NI BASARA NAHO TURWANE KUKO AKA NYARO KA BATUTSI NIVYITSO NGO NAMASHIRAHAMWO BARADUTOBEYE IGIHUGU

  • Hahahaa ntakundi bari kugira kuko nabonyane bakorera mukwaha kwa DD kuko nacagipolice nyene muzi twari tuvyiteze ko bashobora kwivuguruza nyene kuko ntibari kwemera kwabababo bafatwa harya nubu baracarondera ayandi marementanya kumvugakuri

  • Mana Garukira Uburundi Kukoburimwo Abanyonyezibenshi!!

  • Bobo Rugurika nta cobuza ko afata umugenzi wiwe akamusaba kuvuga ivyo yipfuza hama akabishira kw’iradiyo akavyita uko ashaka. None uwo muntu k yiyemerera ko ariwe yishe Bob abuzwa n’iki kumutanga? Canke kugera ubu icotwemeza ko iryo atari irementanya Bob yagize ni igiki? Nta n’umwe akwiye kurekurirwa kunyegezwa umwicanyi yitwaje umwuga akora.

  • jew ntaco mvuze igihe nicageera ukuri kuzoja ahabona

  • Ndibaza neza ko imana yaduhaye amaso ku gira tubone ibiriko biraba,,, iduha atwi n’ubwenge ku gira tubikoreshe,,none ko uyo muntu yabajijwe ubwambere ntihagira ico ashikiriza hanyuma agahengera bimaze kuja ahabona akaca y’inamura ngo yari mu Rwanda,,,akongera agafashwamwo n’ubutegetsi ku gira ukuri ntikuje ahabona,,,Rwanda n’igihugu tuzi neza ko bubahiriza amategeko ni mubabaze mu Rwanda ko uyo muntu ko yigeze kw’injira muri ico gihugu cane cane kuri izo tariki abo babikira. Biciwe,,,,aho ntiho muzomenya ukuri nyakuri,,,CNDD FDD ivyo igira vyose bamenye ko ubwatsi bukura bukabisa ubundi,,,Bob yakoze ibishimishije cane ntaho abo bikorako baguma bazimangana ukuri mugabo bamenye ko IRIRENZE UMUNWA RIBA RIRENZE ISI. YOSE,,,,,

  • Emwe basha bavuga ngo uwabaye nyambwa ntaba nyanka ndamaramaye uwo mugabo twaraye twambitse umudali w’umwakaka none yaravyitegereje ati mukama ntibinkwiye nsanze undoka ndawiyambuye, ako na ka maramaza kanatsinda kari kaduciyemwo ariko twari twibaza ko yoba ari muri bamwe bariko barikubita agashi, pu puu naraye numiwe, mbe yemwe aracaca mu bantu ? ngo ikidodo ca kera? pu jewe ko banshirirako gishasha minsi yose ko nkunda kujayo kenshi. yyyyyoooooooo

  • IMANA IKUTURABIRE IGUHE IMPERA UBEREYE KUKO NIMBA URI MWO ADOPHE NA PETER KUKO NIBO BISHE ABO BAKAMAKARE NAWE NTIBAZOGUSIGA ...RABA ABISHE MANIRUMVA AHO BAGEZE ?????URAPFA NTIBUKUKA MUNTU WE WAKUNZE IFARANGA UZIYICUZA URIKO URASAMBA..YEMWE NDAHA...

  • amaraso yabatamakazi bihevyi baraaho azosaza benshi.Tekereza musabe imbabazi imana banyaku!

  • Mbega ko ivyo bidodo bishirwamwo nabo ba polisi bene kwica, boreka gute guca babishiramwo, kanatsinda urabona ko aribo biraje ishinga mukuja kuvugira Guillaume kandi officiellement atari umu polisi ariko bobo barazi ko bakoranye. Aho mwihendra bapolisi, RPA si umwana , nimwakoresha mu Buyenzi ikidodo co mu Rwanda, bizobatekurukana. Chaque fois que la police veut se justifier, elle se tend des pièges. Uko inguge iduga hejuru ku giti, niko yerekana inyo yayo. (Muguma mwiyambura agahuzu murondera des justifications). twovuga ko ubwenge canke ubujuju bwanyu ariho bugera, muzopfa mumaramaje urwo rwego.

  • ivyo biroroshe basha ntimuvunike. sinabonye yajabukukiye kumupaka wa Nemba Gasenyi (mu kirundo). abakozi buburundi bakorera mu bureau bimwe nabo mu Rwanda. kandi mu rwanda kubera technology iyo umuntu yinjiye canke asohotse bamushira mumashini. Nimurabe muri données zo mu Rwanda muca mumenya ukuri kubera hoho ntamanyanga abayo. murakagira Imana. icyo niciyumviro canje kandi mushaka turabibafashamwo kubitohoza. ico nikintu coroshe cane.

  • Harigitangaje ariko barakenyeye babeshe riva?Mbega ubutungane bwuburundi bwagiye?Mana garukira uburundi nagire nse nuwukebura ubucamanza bw’uburundi ni bwifuke mumaso bukore ico bwagenewe ahandiho arya maraso abarya batamakazi azobahumira bitebe bitebike nimtabona uwagize uruhara muriburya bwicanyi muzobona bihereza ibarabara.Kandi noneho nivyo mwiboneye vyaratanguye Guillome yarihamvye akiri muzima .Kimw gusa nsaba ubutungane buhamagaze barya bose bavuzwemwo bitebe bitebuke ukukuri kuzoja ahabon.Murakoze

  • imana ntwibuke!!kuko igihugu cacu kigezehabi kubera abasi baco imana niyonkuru bafundikanya ibishambara vyaheze bareka izogaragaza abishe abasavyi bayo!!!turikumavi tuyisaba ngo yiyerekane kumwe yiyereka abanyisrael ikerekana ububasha bwayo.ntihishe Guillaume wenyenyene oyaaa!!!abicanyi bambere nubwobutungane bwu BURUNDI.bukingira abacanyi. imana ikomeze umugambi wayo!!!!

  • Bonjour je voudrais savoir comma faire pour obtenir une autorisation d’entre dans votre pay. Je sui burkinabe dans mon pay ils ya pas dambassade ni de consulat ou de representan donc ils mai difficile d’avoir un visa a mon niveau. Donc je vous an supli de maidé pour avoir un merci de me repondre
    Je compte venir le 14 de se moi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.