IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pancrace Cimpaye asigura ingene iyindi migambwe yokwitegurira gutsinda CNDD (...)

Pancrace Cimpaye asigura ingene iyindi migambwe yokwitegurira gutsinda CNDD FDD

mercredi 17 Nyakanga 2014

Umunyeporitike Pancrace Cimpaye amenyesha abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’abandi banyeporitike b’abarundi batagira aho bavugira, ko bagiye hamwe bakarengera inyungu z’umwumwe, bakagira urunani, ariho bazoshobora gutsinda umugambwe CNDD FDD mu matora yo mu mwaka w’2015.

Abanyeporitike bandikiwe ni Ndayizeye Domisiyano, Nditije Karori, Nyangoma Léonard, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani, hamwe n’abanyeporitike bavuga ko batagira aho bavugira aribo Nzobonimpa Manassé na Radjabu Hussein apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Pancrace Cimpaye yabwiye abo banyeporitike, ko ico abarundi babarindiriyeko ari umwizero w’Uburundi bushasha burangwa n’iterambere, ivyo navyo bikazoshikwako inyuma yo gusezerera ubutegetsi bwa CNDD FDD mu mwaka w’2015.

Nk’uko Pancrace Cimpaye abivuga, indyane n’ukutumvikana bimaze iminsi vyibonekeza hagati ya bamwe mu banyeporitike, agatanga akarorero ka Ndayizeye-Ngendakumana-Minani, ntaco zizofasha mu kwitegurira amatora Uburundi bwimirije. Abo banyeporitike yabasavye guhagarika ingwano y’uburongozi, birengagize ukurwanira ibibanza, ahubwo babone ko uwo bahiganwa ari umwe, nabo baje hamwe bagire urunani, batange indongozi zobashikana kwihinduka mu mwaka w’2015. Ku mezi atandatu asigaye kugira Uburundi bwinjire mu matora, Pancrace Cimpaye abona ko hatararengerana, kuko urwo runani rushoboka, akavuga ko icihutirwa ari ugushiraho uwoserukira urwo runani mu matora, hama ibindi bikazokorwa mu nyuma.

Muri urwo rwandiko rwarungikiwe abo banyeporitike aribo Ndayizeye Domisiyano, Nditije Karori, Nyangoma Léonard, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani, hamwe n’abanyeporitike bavuga ko batagira aho bavugira aribo Nzobonimpa Manassé na Radjabu Hussein apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Pancrace Cimpaye yarangije avuga ati : "Ndizera ko nimwaja hamwe muzoshika ku ntsinzi. Muzoba mubaye abagabo b’ijunja, barokoye Uburundi."


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahubwo bohava banahagushira kuko ntanumwe yiyumviye ko uwo bahangana arumwe. Twizere ko akamo wabateye bazohava bagashira mungiro uburundi bukogoroka. Komera kumuheto

  • Ahubwo nibara ivyo domisiyano yakoze!atemera inzego yoziyamirije mugukwirikiza amategeko y’umugambwe, nkogutunganya inama kugira bahindure izo nzego!nimba amategeko atavyemera naho asabe ikigongwe!ko nzi arumuhinga mugukora( REPARATEUR),nuko akora!nibara!

  • Komera mutama hakwiye urunani rukomeye dukure isiha mubigega hamwe nuwumugwi wabo wihenda abarundi turimaso ni babaze uprona ivyabaye icenda na gatatu tuzokenyera turimaso nibihende turi mukubazezera ni mukomere kukivi mwunge urunani ntamenwa.

  • Je hamwe nyene CNDDFDD ize ibanywagire hamwe nuworya imbwa ngo yorya inzugu. Ico ciyumviro co kuja hamwe ni ciza mugabo naho mwostinda siniteze ibitangaza muzoza mukora mwese muronderera inda zanyu gusa. Nta migambi turumva aho ubukene bubagejeje icambere mwoshika mukora nukwiba guko atawukorana inzara mu nda.

  • Mukomere kumuheto icociyumviromukigize hageze ntawundi muti wokuraho ababanywamaraso,inyankaburundi atarukujahamwe maze natwe tukabashigikira hama tugatsindaamatora.

  • abo bagabo bakabona baravuy kubutgts bazojugujumir kuk abar mumpimba bazir ivyumvir vyabo tuzoca tubakurayo hama abo bdd duc tubinjiz mumpimba bumv ingn hamz nabi.

  • sumurenga ako karimi turagahaze. Mbega aho frodebu yatwara twahungukiye iki Atari guhunga kwicigwa n’amarira, urahenda abataribwo bavuke nabo nyene kubera ata kahise kandikwa ku Burundi. Atari ubusambanyi mwirirwa mukorera abaphakazi, kwiba no gusambura igihugu ntabindi tuzi, urazi ko na kazu ariho wagakuye. noneho ntanumwe woha icigwa wahungiye ku munywarumogi nka sinduhije atagira umugambi numwe ku Gihugu. ushaka ko musubira gufungira inzoya, abavyeyi n’ibiziga mu mavuriro dans l’entre temps mwibereye gukeca icupa! Mbwira ibarabara, ishure, ivuriro, ikambi .....umugambi numwe vyasanuwe canke vyubatwe kuri frodebu canke mporana ya buyoya?
    sonza neza twrabahinyuye hanyuma uphe uyerera!!!!!!!!!!!!

  • PANCRASSE IYONINZARA NAGASHOMERI KAKUREMBEJE!!!!!!!!! UBUHOHO BUCA WAMBARA URWAGA KO NINZU WARUFISE WAYIGURISHIJE!!!!!!!!!! WIFUZA KWONGERA KUBA UMUVUGIZI WUMUKURU WIGIHUGU????????? UWAHE????????????? UZOSUBIRA KURONKA IGITI NKAKIRYA IGIHUGU GITWARWA NABASHINGANTAHE HAHAHAHAHAHAAA

  • GERAGEZA MUTARATAZE, HAMWE IVYO MWOBISHIKAKO NONEZEREZA CANE UKUNTU INKONA IZOBADOMORERA RIMWE, ITIRIWE IRADOMORA UMWUMWE!!!!!!!!!!!!!!!! HAMA NATWE TUZE TUBAKANDE AHO INKONA YABATEYE IBIFUFURI!!!!!!!!!

  • Umugabo,arafatwa ngo besha twumve,Cimpaye ntayivugije ayiciye umurya.n’ukuri abarashe mucico kandi bari bakwiye kubikora kare ataririrwa abishira kukarubanda,bagabo muvuniwe akagohe sidukane niyonka mufatane munda mwereke abarundi n’amakungu ko murushije abandi muzira umutima wokwikunda nogukumirana,kk urwo Runani rwogira inguvu zivuye impande zose,maze abakubise impaga y’ubusuma,murabe ko mutabasusurutsa,mwiteka ntangere.

  • Umugabo,arafatwa ngo besha twumve,Cimpaye ntayivugije ayiciye umurya.n’ukuri abarashe mucico kandi bari bakwiye kubikora kare ataririrwa abishira kukarubanda,bagabo muvuniwe akagohe sidukane niyonka mufatane munda mwereke abarundi n’amakungu ko murushije abandi muzira umutima wokwikunda nogukumirana,kk urwo Runani rwogira inguvu zivuye impande zose,maze abakubise impaga y’ubusuma,murabe ko mutabasusurutsa,mwiteka ntangere.

  • nivyo fatana munda twikureko abo ba DD AHANDI HO TUZOHERA TWESE ABARUNDI .

  • Uwokwumva yogira ngo ufise ivyiyumviro bikomeye ariko urinsumirinda.ivyanyu turamaze kubibona ba batutsi mwatubwira ko ari babi bishe Ndadaye ubu bimeze gute?wewe manza utusigurire icatumye uva muri frodebu.nta politique ya bahutu gende kurima nivyo mushoboye.je nd,umuhutu ariko ndavye ibihushane mukora mbabazwa n,abashiki bacu,benewacu,abavyeyi,abavyara bacu,incuti n,abagenzi bapfuye bazira ubusa.

  • Yosefu ari muri EGIPUTA Niwe yashoboye gusobanura INZOZI za FARAWO,Nawe ati:"TWOKURA HEHE UMUNTU AMEZE NKUYU,.."Nyakubahwa(Pancrace CIMPAYE) URABIBEREYE abandi BO ni UGUSHIHANA Gusa!

  • Umunyepolitike wese ari mukibiri ntagahendwe namahera yubutegetsi ahubwo nimushire hamwe mureke kuryanira ibibanza musenyure ubutegetsi abarundi twaseserejwe nubwo butegetsi. Ngashimira numushingantahe pancrace cimpaye kumpanuro yahaye abo mukibiri hoboneka babiri bameze nkawe twosezeraubutegetsi bwa cndd fdd murakoze

  • uwo mugabo pancrasi nimba Atari isashi nka leonce ahiga uwomuruhura kubera siiiiiidaaaaaaaaaa600000000volt ntanumwe yoha icigwa turamuzi neza. iyo ntozo nigende irye ibijumbu kwa sinduhiiiije nkuko yavyivugiye en 2010 ngo uwukurushije ibijumbu agutwara intozo. ntanakimwe ahinduye avuye ku kijuju cibagira ningoga nka leonce . abo batutsi b’i bururi bashaka ko mufatanya kubera babonye muri ikiraro coroshe gucako, niyanzoka yagurukanwa ninkware kugira iyikize umuriro munyuma ngo ndashonje ngira nkurye............hehehehehehe bandanya uribwe kijuju wibagira vuba nkintozo yagiye kurya amayezi bayigabishije igatwagwa ningwe. ok

  • Ahubwo wariwatevye kubivuga mbega konumvisengo watashe mukugenda wagiye gute mbehoho nugaruka kugwanira ubwobutegetsi uzohita witwa umupangayi? Icokicnza rero muze mugihe nditije abariwe abayobora abaserukire nkuko mwabikoze muri 2010

  • uwo yiyita #imena ayo mabarabara mwiyitiiira mwagize uruvyino nivyo mwakuye mwishamba ?komwafata abagore kunguvu mukica yoooo ndagutwenze mwarahinyutse NTAWABAYE NYAMBWA ABA NYANKA

  • Coments zose zatanzwe,n’Abashigikiye,Cndd fdd ntakintu kizima bavuze uretse gutukana,gusa ntibitangaje biribonekeza ko bamaze gutsindwa mubitekerezo kuko Cndd fdd ifise umukenyuro karyanisha Migambwe n’Abarundi iyo bumvise abandi bageze kuntambwe yogushirahamwe nogufatana munda,bategerezwa kwihebura kuko aba abakomye munkokora.gsa nubwo nshimye uyu mukenyuro wa Cimpaye mbabajwe nuko batabibonye kare bikarinda gushirwa kuka rubanda.ariko rero ntakundi agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona,nibagikorereko bikure akagaye.

  • Muragaswerana ni bwa!!nimwe mutuma ndara mpagaze!

  • uwo mugabo pancrasi nimba Atari isashi nka leonce ahiga uwomuruhura kubera siiiiiidaaaaaaaaaa600000000volt ntanumwe yoha icigwa turamuzi neza. iyo ntozo nigende irye ibijumbu kwa sinduhiiiije nkuko yavyivugiye en 2010 ngo uwukurushije ibijumbu agutwara intozo. ntanakimwe ahinduye avuye ku kijuju cibagira ningoga nka leonce . abo batutsi b’i bururi bashaka ko mufatanya kubera babonye muri ikiraro coroshe gucako, niyanzoka yagurukanwa ninkware kugira iyikize umuriro munyuma ngo ndashonje ngira nkurye............hehehehehehe bandanya uribwe kijuju wibagira vuba nkintozo yagiye kurya amayezi bayigabishije igatwagwa ningwe. ok

  • Mbanje Gushimira Pancrace Cimpaye Kuciyumviro Nkico Kandi Aterereye Ikintu Gikomeye Cane,ico Mbona Cihutirwa N,uko Abo Batavuga Rumwe N,ubutegetsi Bihuta Gukwirikiza Ico Ciyumviro Gitanzwe Nakare Ubugirigiri Bugira Babiri.Abakuru Biyo Migambwe Ivuzwe Yose Jana Iyo Nzira Muhawe Igihugu Cacu Kive Mu Ndyane Imaze Gusesema Ibihugu Bidufasha Kandi Murabona Biriko Biratuvako.Banyakubahwa Bakuru B,imigambwe Itavuga Rumwe N,ubutegetsi Muri Ngaho Mu Burundi Eka Namwe Muri Hanze Nka Nyakubahwa Sinduhije Nabandi Nimwige Ico Ciyumvira Ca Cimpaye,murakoze

  • URAKOZE CIMPAYE JEWE NDI UMUTUTSI ,mu ga abatutsi nibo benshi bariko bakora ikibi muri DD NKA NDUWIMANA,Ba gaston,Ba joris (kumusaga )Ba domboro, DD ikorana na batutsi na bahutu BABASUMA ,BABICANYI,

  • Imvugo zo gutyoza no gushikuza ntaho zizoshikana abarundi n’uburundi ntitwandikishe amate ikaramu zihari, aho bukera2, abarundi bazoruca!!!

  • mbega uyo avuga ngo azakwambara urwaga ahubwo niwe azorwambara wenye aho ibintu buca bihindukira .so cimpaye komera kumuheto abarundi we are behind you our leaders

  • Ha!! Wa wundi ngo ndadaye, ndadamwe kweli. Ndabona imitwe ishushe kuko amagabura nyama arageze. Nimwihangane kuko CNDD FDD iracabatwara kuko nta politique muzi gukina. Guhera amatora agitanguzwa mu Burundi, oposition nta mikenyuro yigeze yerekana atari amajambo gusa, gusaaaaa. Ngo ibiturire, ngo intwaro itunganijwe nabi,....bakibagira ko ivyo umunyagihugu ataco bimubwiye. Reka CNDD FDD izi gukora politique ibicishije mu bikorwa ibatware gushika aho muzokwikosorera. Nta wibagiye ukuntu umuhutu yatotejwe 1972, 1993 gushika aho CNDD FDD ihagurukiye igatesha imigambi y’abasoda, aba gendarme, aba municipal ntibagiye aba sans echec batera ama grénade mw’isoko izuba ryaka, bakica, bakanyuruza abantu atacamira ahubwo bashigikiwe n’ubutegetsu bw’ico gihe. Ivyo vyose vyaba FRODEBU na FNL bitwa ngo bari ku rubuga rwa Politique. Mu nyuma CNDD FDD ati oya birakwiye ko abarundi bose (ubwoko bwose) bishira bakizana kandi barabishikako. None rero nimunyurwe muve hasi mukure amaboko mu mpuzu mukore ururi ntimurushire imbere ahubwo murusubize mu kibanza carwo niho mwogira ico mushitseko. Murakoze.

  • Basha, imitwe yatanguye gusha. Du respect quand même. Ivyo gutukana ntibirimwo.

  • Emwe abo batutsi n’abahutu bakunda inda bizodusiga habi.ntakamaro ko kuvugana nabi kubera inyungu.peter abrahams yavuze ati mugitabu citwa Mine Boy en anglais et en francais le rouge est le sang du noir.Muri mubitaro ko babatera amaraso yabatutsi n’ abahutu ko mutarayanka mutazi iyo yavuye.

  • au fait, abahutu bamw baracafise ingorane yo kubona kure!!! ubu bariko baba ibiraro byabatutsi ntibameny ko ejo bzshits kuco bagomba nabo bazobabaga nkimpene, nibarabire kurwanda, bige. guca ishami wicayeko vyovyo biroroshe ariko Cimpaye na Leonce naband ntavuze ntibaz kp arukugeragza gutwara abahutu bagenzi babo kwibagiro. mais mitende ko abatar bak bzmaze kubona kure abo nabo nibaje gutega ifuku ntakundi, wongorora womvuna!!!!!

  • au fait, abahutu bamw baracafise ingorane yo kubona kure!!! ubu bariko baba ibiraro byabatutsi ntibameny ko ejo bzshits kuco bagomba nabo bazobabaga nkimpene, nibarabire kurwanda, bige. guca ishami wicayeko vyovyo biroroshe ariko Cimpaye na Leonce naband ntavuze ntibaz kp arukugeragza gutwara abahutu bagenzi babo kwibagiro. mais mitende ko abatar bak bzmaze kubona kure abo nabo nibaje gutega ifuku ntakundi, wongorora womvuna!!!!!

  • Salut a tous

    mbega uwo imena Bwarinkindi ndifuza kumenya ivyiyunviro vyawe ...nigiki gituma ufise ivyiyunviro nkivyo?
    wavutse muri 72 kugira umenye unomusi ivyabaye muri iyo periode canke?
    kamanda nawe ntanyungu irimwo yo gutuka uwo mudasangiye ivyiyunviro naho yoba ata raison afise kubwiwawe please reka yuganire twunvirizanya? ibtutsi mubigumize munsi yururimi rwanyu pleaaase..
    inyuma ya ideeologie yose hariyo raison valable pour soie.
    nico gituma turiko turamarana uno musi kuko nta respect d’autrui dufise.

  • Komera mutama urimuri bake mu Burundi nanje ndagushigikiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.