Accueil > Amakuru > Poritike > Pascal NYABENDA yoba agira asubirizwe ikiringo ciwe kidaheze
Pascal NYABENDA yoba agira asubirizwe ikiringo ciwe kidaheze
vendredi 17 Ruheshi 2016, par
Aho bukera kuri uwu wa gatandatu, umugambwe CNDD FDD watumyeko ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe rizobera i Buye mu ntara ya Ngozi. Muri iryo koraniro kaminuza, uwo mugambwe uzohindura inzego ziwutwara, amazina icenda akaba ariyo avugwa ko ashobora gutorwamwo umusubirizi wa Pascal NYABENDA. Kw’isonga haza izina rya Petro NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise avuga ko ayo mazina icenda agizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore babiri.
Ubwa mbere haza Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba n’umukuru w’inama y’inararibonye z’umugambwe CNDD FDD.
Réverien NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Yahoze mu muhari urwana wa CNDD FDD, akaba yasubijwe mu buzima busanzwe kw’ipete rya Colonel.
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD akaba n’umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Kayanza. Nawe nyene yahoze mu muhari urwana wa CNDD FDD akaba yasubijwe mu buzima busanzwe, kw’ipete rya Colonel.
Victor Burikukiye asanzwe ariwe cegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, nawe nyene akaba yahoze ku rugamba.
Bénigne Rurahinda, umupfasoni w’umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA.
Évariste NDAYISHIMIYE, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Général.Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Makamba.
Emmanuel SINZOHAGERA, asanzwe ariwe komiseri ajejwe intwaro mu mugambwe CNDD FDD, akaba n’umwe mu bajejwe kwegeranya imfashanyo zihabwa uwo mugambwe.
Alexis BAREKEBAVUGE avuka mu ntara ya Cibitoke, akaba ariwe arongoye umurwi w’abaririmvyi « Chorale KOMEZA GUSENGA », umurwi n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe aririmbamwo.
Mo-Mamo KARERWA avuka mu ntara ya Gitega, akaba yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, ku ntwaro y’umushingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA yahunze igihugu.
Muri ayo mazina yose ariko aravugwa, abahabwa amahirwe akaba ari Petero NKURUNZIZA, Reveriyano NDIKURIYO hamwe na Daniel Gelase NDABIRABE.
Iryo koraniro kaminuza ridasanzwe rizoba kw’igenekerezo rya 18 hamwe n’irya 19 Ruheshi 2016, rikazobera i Buye mu ntara ya Ngozi.
Abatumiwe kuzoba bari muri iryo koraniro ni abari mu nzego z’umugambwe, abari mu buserukizi bw’umugambwe, abakora mu buzi bahawe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu (nommé par décret) canke bahawe akazi ku ngingo y’umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka (nommé par décision du président du Senat et de l’Assemblée nationale) ariko bakaba bafise amabanga bajejwe mu mugambwe, ba Musitanteri b’amakomine yose agize Uburundi hamwe n’abakuru b’amanama mpanuzwajambo, ariko bakaba ari abanywanyi ba CNDD FDD.
Mu gihe Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD yosubirizwa, yoba agiye adahejeje ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.
IGIHE
Messages
17 Ruheshi 2016, 15:55, par Kagabo
Mutama Peter Gifate Maze Abarwayi Ba Manda Bazoruhuke Bapfuye Kuko Manda Zozo Ntizizohera Utageze Muzabukuru. Komera Ramba
17 Ruheshi 2016, 16:24, par Abohanze
Abobagabobose nabobagore nuwo Nyabenda arimwo barashiririye turabemera uwobazoshiraho wese tuzomushima nubwobogumizaho uwuhari vyose ntagipfa nibene mugabo umwe,
Ariko kubera iyagombaje gukorera bitokworoha kwakomeza kuba umukuru wumugambwe ntakundi reka tumushimire urakoze ibikorinka yarishiririye nkabobandi bagenzibiwe.
Jewe rero mbaye ndabahaye Gelase Ndabirabe.
17 Ruheshi 2016, 16:27, par newlife
niba babobona bakeneye amaraso masha ntanakimwe, nubundi abo bose mudondaguye barabishoboye.
17 Ruheshi 2016, 18:42, par Bacemwo
Naveho uwo munya Bubanza
17 Ruheshi 2016, 19:37, par R V N T
REKANABO HABEMWOKUTUMVIKANA ICOKIGAMBWECABOGISAMBUK
17 Ruheshi 2016, 20:07, par MBONIMPA
KOMERA MUTAMA IMANA IBAJIMBERE MUSHISHIKERE MUHATUBERE MUTUYOBORE GUSHIKA YESU AGARUTSE UWUBANKA AZOPFE YANGARA NAKA GAHINI TURABASHIGIKIYE NDABARAGIJE IMANA
17 Ruheshi 2016, 20:10, par Kobe
Vyose turavyemera kand mwibuke gusenga Imana kko niyo ibikora!guma.
17 Ruheshi 2016, 20:13, par MBONIMPA
AMATORA MEZA TURABASHIGIKIYE MUTAMA ATUJIMBERE ADUFATIRE IDARAPO NUWUNDI MWOTORA MURABO TUZOMUHA AMASHI IMANA IBAJE IMBERE
17 Ruheshi 2016, 21:04, par Mukurarinda
Bose Turabemera Barabishoboye. Ariko Nibahe Ndabirabe. Canke Mutama Awusubirane Babonako Bitokunda.
17 Ruheshi 2016, 21:06, par SEREMANI
ABOBOSE UWUZOTOGWA WESE TUZOMWEMERA KUKO BOSE KWARA BASHIRIRA NTARIBI
17 Ruheshi 2016, 21:09, par NDI ISSA MUSASE
TURAVYE UYONYAKUBAHWA UMUGAMBWE,YARAWUVUGIYE INTSI TWARAYIRONSE. IBIHE TWACIYEMWO YARAFASHIJE CANE NI WIRAMBIRE PRESIDENT DU CNDD.FDD GUMAKWIVORA. NABOBANYAKUBAHWA, REVERIE EN.NUYO MUVUGIZI WUMUGAMBWE,NUYO NYAKUBAHWA,PRESIDENT ABOBOSE NABAGABO,BABUSHITSE KANDI BINTWARI. MURATORA INGOZI IZOKORA BIGASHIMWA TUKARONKA,INTSINZI MURI 2O2O TUGIRE,CNDD.FDD NINTSINZI.
17 Ruheshi 2016, 21:12, par J PAUL
BOSE BARASHIRIRIYE UWUZOHAJA WESE TUZOMWEMERA NTANGORANE.
17 Ruheshi 2016, 21:21, par J PAUL
UWO BAZOHASHIRA WESE NTACO ABO BOSE NISAWA!
17 Ruheshi 2016, 21:30, par cobra
Nibabashireho natwe abahungu turipanze tubotse umuriro wasasu gushika aho bazibuka amagara
17 Ruheshi 2016, 21:35, par tari
Havuyemwo ppd girijambo ubuho hagiye kuvamwiki gayemwe ese basigaye bagabangana ivyo badafise kwabo twabasezereye baracata umwanya wiki ese nukugira bagende bose bagezeko inyo kurizontebe ivyo bavyita guta impamba
17 Ruheshi 2016, 22:26, par willynshimirimana
NKAJEWE NOTORA SEBARUNDI NKURUNZIZA NYAKUBAHWA SE BURUNDI BAMUJERI BAMARAMARE KORA
18 Ruheshi 2016, 01:26, par jean
Wapi kabisa aba bagabo bose ntakibazo ariko uwumbabaje cane ni nkurunziza ibintu vyose ashaka kuba president wavyo none amaherezo azigira nimana ngotumusenge nibara ahubwo kimwe gusa nuko twogaba akarinyuma karahinda murakoze nuko gusa abarundi benewacu babamaze aba banyamahanga batwinjiranye mugihugu ngo nabarundi kandi ivyobakora bigaragara kwatamuhwe bafitiye abarundi nuburundi ariko ico mwomenya mwese ababashigikiye nabo bacuditse nuko uburundi bugona bukanuye muvyo mukora vyose murakoze
18 Ruheshi 2016, 04:19, par emanwel sindayihebura
MUTAMA PETER NKURUNZIZA NIWE NSHIGIKIYE ATUJINBERE ABOBNDI NABONYENE BAJE MUBIBANZA BIMWEGEREYE HAMA TWIBANDANIRIZURUGANBARWADEMOCRATIEN DUTERINBER ABANSI BANBARAMAGUNIRA
18 Ruheshi 2016, 04:28, par Falcon
Abashaka gutera uburundi nibareke guta umwanya,izi mbunuza zaba DD zizomarana zonyene nkifu yimijira.
18 Ruheshi 2016, 13:03, par alexis
reka baduhe abagabo bijunja nijambo
18 Ruheshi 2016, 15:22
MUTAMA PITA ABOMURIKUMWE BOSE MURABAGABO BINDYAMUNYU UMWUMWE WESE AZEGUSHIMA IKIBANZA AZAGUHABWA GUKO MWESE MURINTWARI KURUGANBA ACGUMYABANGA TURINYUMA YANYU
18 Ruheshi 2016, 15:26, par emanwel sindayihebura
mwese murintwari kuruganba nimukomere
18 Ruheshi 2016, 19:30, par SABUSMK ANICET ARIS MPEBE-ZIRYE.
<<KOMERA MUBIKOGWA TWAHARANIYE KUVA KERA>>garukir,abakunda Demokarasi Usingimizi Mugihugu Kizima Mwizigir Uwibuka Cane Akarangamutima Bakagumyeko.
18 Ruheshi 2016, 19:32, par SABUSMK ANICET ARIS MPEBE-ZIRYE.
<<KOMERA MUBIKOGWA TWAHARANIYE KUVA KERA>>garukir,abakunda Demokarasi Usingimizi Mugihugu Kizima Mwizigir Uwibuka Cane Akarangamutima Bakagumyeko.
18 Ruheshi 2016, 20:15, par Keib
Bohashira ,Umukenyezi Wu Muhisi Adolphe Nshimirimana Generale. Kuko Yowurogora.Kuko Urabona Ko Numugab Wiwe Yari Imbonerakure Ibona Kure.Nawe Nyene Aca Bona Kure .Canke Muhashire ,Reverien Ndikuriyo.
18 Ruheshi 2016, 21:05, par Donatieu
Ese Pas cal Nyabenda
Yakoziki Gituma mumusubiriza
18 Ruheshi 2016, 21:06, par Donatieu
Ese Pas cal Nyabenda
Yakoziki Gituma mumusubiriza
18 Ruheshi 2016, 21:15, par Ntare
@tari (falcon). Ubwenge bwawe buri mugisusu nk’umusuzi unuka. Uradusebya twe abatutsi. Uri extremiste.
18 Ruheshi 2016, 22:54, par Nzirabwoba
No mw ijuru inama iriko iraba yo kurungika incungu mu burundi kudutabara
18 Ruheshi 2016, 23:11, par 50dollar
Nibamara kumusubiriza ndizere ko baca bamumesa kuko kuko biboneka ko yari intambamyi kumugambi Wa nkurunziza wo guhindura ibintu kugira azogume kubutegetsi mirere na mirere
19 Ruheshi 2016, 08:45, par ÇA Burugo.Travel.
Reka Turindire Bibiriya Ivuga Ko Iyakoze Biriya Izakora Nibindi Inkuta Za Yeriko Ntizonanirwa Ibibazo Vyabarundi S’il Vous Plaît .Turarushe .Banza Babakure Bace Bashira Harya Hussen Radjabu.Yari Hama Nabamuri Inyuma Yiwe Muroca Muca Akenge.Nuwusigaye.Conseil
19 Ruheshi 2016, 09:48, par John
Abarundi turi inyuma y’inyungu z’igihugu abavuga ayamuhe nibavuge kandi wa mugani wa MUTAMA Pierre intumva zizokwamako. ni mureke rero abarundi twiyubakire igihugu cacu kuko nta mu nyamahanga dushaka. abo bashaka ubutegetsi nibarindire 2020 amatora abe maze baje mu matora, kandi bamenye neza ko ubutegetsi butangwa n’abenegihugu. mbe ndababaze: NYABENDA avuye kuburongozi bwa CNDD-FDD mwokunguka iki mwantumva mwe? Ico nobabwira nimureke guta ururimi rwanyu muvuga ayamuhe kuko igihugu mwagisize mukibona ngo abarundi tugira tumarane. Nongere ndababaze: RURAHINDA Bénigne muvuga ngo nabe ariwe ayobora umugambwe ngo kuko umugabo wiwe yari imbonerakure ihabona, azoba abonye umucance wiwe ngo nuko atwaye umugambwe? none umugambwe uzosubirira Nyakwigendera? sha nimwivugire ivyo mushaka intwari ziragenda hagasigara imburakimazi. Nyakwigendera abarundi tuzohora tumwibuka kuko yari intwari idatinya urugamba, kandi nibi vyose biriko biraba mu gihugu nuko atakiriko kuko iyo aza kuhaba ntivyari kuba uku. abatamuzi baze babaze NIYOMBARE n’ingabo ziwe. YEWE BURUNDI WARAHOMVYE INTWARI.
22 Ruheshi 2016, 10:43, par ukuri
Nkurunziza amabanga yoba abaye menshi yorekera abandi nabo!
28 Myandagaro 2016, 19:12, par kabura elcade
Ndabifurije amahoro yimana
28 Myandagaro 2016, 19:13, par kabura elcade
Ndabifurije amahoro yimana
28 Myandagaro 2016, 19:14, par kabura elcade
Ndabifurije amahoro yimana mwiyo nama .
21 Nzero 2017, 19:29, par ndayiragije fidèle
Itwari Pascal Nyabenda Nintwari Arikokuberamugambwe CNDD FDD
Akurengananyadushangatwese Birakwiye Kotugirurumushimukuruwarevorision Twakuyigihugumukaga Nukwankirizwa nabobatugwanya;kubwivyo Dutegurushimukuruwokwibu Ukuntutwikuyeko Umwanshi Igihecakudeta
21 Nzero 2017, 19:29, par ndayiragije fidèle
Itwari Pascal Nyabenda Nintwari Arikokuberamugambwe CNDD FDD
Akurengananyadushangatwese Birakwiye Kotugirurumushimukuruwarevorision Twakuyigihugumukaga Nukwankirizwa nabobatugwanya;kubwivyo Dutegurushimukuruwokwibu Ukuntutwikuyeko Umwanshi Igihecakudeta
14 Nyakanga 2018, 22:23, par Serges Nkeshimana
None’gushikuyumus Pierre Nkurunziza N’umukuru Wumugambwe Cndd-fdd? Twagomb Inyish Yihuta.