Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pascal NYABENDA yoba agira asubirizwe ikiringo ciwe kidaheze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pascal NYABENDA yoba agira asubirizwe ikiringo ciwe kidaheze

Pascal NYABENDA yoba agira asubirizwe ikiringo ciwe kidaheze

vendredi 17 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Aho bukera kuri uwu wa gatandatu, umugambwe CNDD FDD watumyeko ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe rizobera i Buye mu ntara ya Ngozi. Muri iryo koraniro kaminuza, uwo mugambwe uzohindura inzego ziwutwara, amazina icenda akaba ariyo avugwa ko ashobora gutorwamwo umusubirizi wa Pascal NYABENDA. Kw’isonga haza izina rya Petro NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise avuga ko ayo mazina icenda agizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore babiri.

Ubwa mbere haza Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba n’umukuru w’inama y’inararibonye z’umugambwe CNDD FDD.

Réverien NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Yahoze mu muhari urwana wa CNDD FDD, akaba yasubijwe mu buzima busanzwe kw’ipete rya Colonel.

Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD akaba n’umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Kayanza. Nawe nyene yahoze mu muhari urwana wa CNDD FDD akaba yasubijwe mu buzima busanzwe, kw’ipete rya Colonel.

Victor Burikukiye asanzwe ariwe cegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, nawe nyene akaba yahoze ku rugamba.

Bénigne Rurahinda, umupfasoni w’umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA.

Évariste NDAYISHIMIYE, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Général.Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Makamba.

Emmanuel SINZOHAGERA, asanzwe ariwe komiseri ajejwe intwaro mu mugambwe CNDD FDD, akaba n’umwe mu bajejwe kwegeranya imfashanyo zihabwa uwo mugambwe.

Alexis BAREKEBAVUGE avuka mu ntara ya Cibitoke, akaba ariwe arongoye umurwi w’abaririmvyi « Chorale KOMEZA GUSENGA », umurwi n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe aririmbamwo.

Mo-Mamo KARERWA avuka mu ntara ya Gitega, akaba yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, ku ntwaro y’umushingamateka Piyo NTAVYOHANYUMA yahunze igihugu.

Muri ayo mazina yose ariko aravugwa, abahabwa amahirwe akaba ari Petero NKURUNZIZA, Reveriyano NDIKURIYO hamwe na Daniel Gelase NDABIRABE.

Iryo koraniro kaminuza ridasanzwe rizoba kw’igenekerezo rya 18 hamwe n’irya 19 Ruheshi 2016, rikazobera i Buye mu ntara ya Ngozi.

Abatumiwe kuzoba bari muri iryo koraniro ni abari mu nzego z’umugambwe, abari mu buserukizi bw’umugambwe, abakora mu buzi bahawe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu (nommé par décret) canke bahawe akazi ku ngingo y’umukuru w’inama nshingamateka na nkenguzamateka (nommé par décision du président du Senat et de l’Assemblée nationale) ariko bakaba bafise amabanga bajejwe mu mugambwe, ba Musitanteri b’amakomine yose agize Uburundi hamwe n’abakuru b’amanama mpanuzwajambo, ariko bakaba ari abanywanyi ba CNDD FDD.

Mu gihe Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe CNDD FDD yosubirizwa, yoba agiye adahejeje ikiringo ciwe, kuko coheze kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.