Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Pasteur Habimana : ’’Ibizova mu biganiro ntibituraba’’
Yanditswe taliki ya 29-12-2015 - isaha 13:18' na Van Naris Mugisha

Umukuru w’umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy Pasteur Habimana amenyesha ko batatumiwe mu biganiro kandi ko ibizovamwo bitabaraba.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’igihugu,Pasteur Habimana yavuze ko umugambwe arongoye ufise abanywanyi bashika umuriyoni rero ko kutabatumira mu biganiro bihuza abarundi ari ukwihenda.

Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha,Pasteur Habimana yavuze ko amaseze ya Arusha naho yazanye amahoro n’umutekano mu gihugu arenganya kuko ashaka gukuraho intwaro rusangi n’ibwirizwa nshingiro.

Ku bijanye no kumenya nimba bokwitaba ibiganiro igihe botumirwa,Pasteur Habimana yavuze ko mu gihe bobona ko ivyo biganiro atari amagaburanyama bokwitaba.

Pasteur Habimana yahoze ari soma mbike na Agathon Rwasa arongoye urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi inyuma yo gutandukana nawe,akinjira mu mugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy.

Ivyiyumviro vyanyu

oya ntaba dd bazovaho !nind yokwisamburirak nkintungwa !naj ndagshkiriy tukabonan neza emw nohakugwa nabagabo !rka dutot ntakund tuzoza turanob utuvunguka mus ya tabl y dd.ab nab bashak ubutumir nibatur baruhuk.knd birabbaj kubna twigiy ubusa ukaburir hjuru ninzar munda, nikirr wotubika !nibibur batang akaz urab k bidahagarara.

8.01.2016 à 22:26
maganya

mbega mutama pasteur abanywanyi ko utugabanya dushika hafi 20 millions kuko izina muhutu wese yaba uwo murwanda cankwe muburundi twese turi iragi rya mutama, GAHUTU LEMY.

6.01.2016 à 09:37
jackson

Mana fasha uburundi

2.01.2016 à 05:17
Kezibi

Iragi rya gahutu, mbe gahutu yari umuntu ? Yakuraze iki ? Uyo mugambwe wawe irimo amahinyu.

31.12.2015 à 18:58
kaka

Mbega Abarundi bose boherera mu biganiro ni kuki tutokwizera abatumiwe
Turakenyeye kucike UBUSIMBIRAHAMWE Ahubwo nukusaba abatumiwe kushika
kw Ijambo rizana Amahoro arama

30.12.2015 à 23:45
Rose Hakizimana

J Sinibz K Ak Kagab Gakwij Nez.N Kar Gakeney Ko Ivy Biganir Bitumirwamw N’ibihem ?Ahaaa.Agathon Turabakund Can.

30.12.2015 à 23:28
J.Paul

Mbega wari hehe abandi biyandikisha muri CNARED ? Ubu hageze amagaburanyama naburya uyapinga urabonetse !

30.12.2015 à 13:35
Jimmy

Ariko umuntu ukigendera ku iragi rya gahutu, ubona hari umumaro kweli. Pasteur rwose wahinduye iryo shyaka ryawe basi FNL irage ry’Abarundi. Gahutu ? cg gatutsi ? ibyo byarashaje kandi nibyo bizatuma muhora mu ryane z’amoko mugende mutindahara.

30.12.2015 à 11:39
ukuri

Wewe ntabiganiro ukwiye kujamwo kuko wewe urigihemu ukunda inda yawe nuburundi bwacu wohava ubudandaza,kandi wewe uri umu DD baza nkurumbi igituma atagutumiye,ureke kubesha nabantu wewe ntabanywanyi ugira uwokwirikira wewe ntanubwo kunya yoba afise.

30.12.2015 à 08:54
Justin

Uyumugabo Pasteur Habimana Imana imuhezagire ivyavuga nivyo bikora mubihugu vyateye imbere, kuko mubihugu vyateyimbere baravuga akarikumutima vyanashaka bikamara imyakamyishi ariko ntawuja kuzana ibirwanisho ngokoyama yavuzekeshi ivyoyiyumvira ngontibibebija mungiro nkukowewe abishaka, ngoreka ntangure kwica abantu ngokugira ndabemeze nkakumwe ba Sinahead bamaze imisi babigenza bica abato nabakuze, bica abatware nabatari abatware, nayandimabi utovuga ngumare harimwo nogururira abantu.

30.12.2015 à 07:56
None ?

Ahubwo Kudatumira N’umwe Kizigenza Mu Mugambwe Wa Remmy Pasteur Habimana Vyerekana Ko Hariho Akarenganyo Muri Uyo Mugambwe Fnl Wa Pasteur Habimana.Na Bkndi Nkukabivuga, Ntibibaraba ikizovamwo Naho Yoba Amagaburanyama Umugani Wiwe,bo Mur’uyo Mugambwe Ntaco Bibavuzeko Kuko Bararenganijwe Ntibatumirwa.Emweeeee !!N’amahinyu !

30.12.2015 à 05:11
Innocenti Niyomuhoza

Oya Nyakubahwa Shima Ivyufise ! CNDD FDD ntiyakwomoreye CNTB ? amagaburanyama yo ni razma i burundi ntacijana. umuliyoni wabanywanyi je ntavyo nemeye,mwaronse angahe mumatora ? cank ushizemwo nabarengutse kuva murwana ? wahora utekereje none wumvise in tebé none urikanguye ? mbe RWASA mwosubira kwicarana ? sha abahutu wapi !! ICONGIRUMUHUZA, KUGIRA IBIGANIRO BINYARUKE NOBAZIMANA IBIJUMBU, IBIHARAGE, IMISOMA, NURWARWA KAND MUKAVA BJA ENTEBE MUMA FUSO. COMME ÇA NTIMWOZARIRA !! NA 2030 IZOSHIKA MUKIYAGA

29.12.2015 à 23:12
Bjma

Pasteur Ngira Wihenze ?Umuriyoni Wabanywanyi ! Ubwo Urazabantu Bari Muburundi ? Nicogituma Muburundi Amahoro Atazoboneka Bitavuye Kubugombe Bwimana Uti Kuki ? Kwawe Ugiye Mumatora Ugakena Nintebe Nimwe Wumva Wokwemera Ivyavuyemwo ? Wikuye Kuri Nyakubahwa Agaton Gwasa Ngoharicuzohanoba ?Sabikigongwe Abanamarimwe Hamugaruke Muruhongore.

29.12.2015 à 20:17
Mizero Y’ Abarundi.

Mutama wewe komera kuva kera wamye urumugabo pe

29.12.2015 à 19:35
William

Muzehe Ndakubonye Urigihutu Cinguvu

29.12.2015 à 17:41
Rwagore Ruai

wewe ntawuzogutumira kuk ntaco ukimaze, ahubwo baza igituma cndd-fdd itagushize kuri liste kuk ubu uri umu cdd-fdd.

29.12.2015 à 15:01
amahoro jean

Niba babona ico wokwunganira bategerezwa nawewe kukurya akara.ariko biracari muntango nibaza ko utazosigara inyuma.Abarundi bose bafise ico boterera barekurirwebkuvuga

29.12.2015 à 14:04
Frank

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.