IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Pologne : Umwana yavukanye alcool mu maraso

Pologne : Umwana yavukanye alcool mu maraso

jeudi 16 Rusama 2013

Umwana yavukanye amagarama 4,5 ya alcool mu maraso.Uwamwibarutse ni umukenyezi w’imyaka 24, wo mu gihugu ca Pologne i Tomaszow Mazowieki.

Uwo mukenyezi yibarutse barinze kumubaga, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama 2013 mu bitaro vy’i Tomaszow Mazowieki. Akaba yari yatowe mu bunywero bw’inzoga yataye ubwenge.

Yarafise muriwe amagara 2,6 ya alcool mu maraso, ari naho yaciye atwarwa vyihuta ku bitaro kugira bakingire amagara yabo.

Ubuzima bw’umwana bukaba buri mu minwe y’abaganga kuko bivugwa ko bugeramiwe cane ubu kubw’iyo alcool yavukanye mu maraso, nk’uko tubikura mu makuru atangwa n’igipolisi co muri Tomaszow Mazowiecki.

Sentare nayo yaciye ifata mu minwe urwo rubanza, bikavugwa kandi ko uwo mukenyezi ashobora gucirwa urubanza rwo gufungwa imyaka itanu mu gasho, ace yakwa n’uburenganzira bwo kurera uwo mwana ahejeje kwibaruka kubw’ico caha. Yagirizwa kuba yashatse gusinzikaza ubuzima bw’umwana yibungenze.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.