IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > RDC : Umuririmvyi Tiken Jah Fakoly yirukanywe acururuka indege

RDC : Umuririmvyi Tiken Jah Fakoly yirukanywe acururuka indege

lundi 22 Ruheshi 2015

Umuririmvyi w’umunya Cote d’Iivoire Tiken Jah Fakoly yirukanywe ari kumwe n’abandi bagera kuri cumi na batanu bagize umurwi wiwe, aho bari bagishika i Kinshasa, mu gihe yari yitavye igiteramo.

Tiken Jah Fakoly yari kuba afise igiteremo ku mugoroba w’uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Ruheshi uwu mwaka, mu giteramo citiriwe Jazz Kiff 2015. Tiken Jah Fakoly, umuririmvyi w’umudiho wa reggae, cane cane aririmba ivya poritike n’umurwi wiwe, yabonye bagishika ku kibuga c’indege ca Ndjili bamusaka co kimwe n’abo bari kumwe

Lambert Mende umuvugizi akaba n’umushikiranganje wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, avuga ko uwo muririmvyi ataruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu afise. Ibiro bijejwe imbibe vyaho muri ico gihugu navyo, bimenyesha ko habaye kwivuguruza cane mu kurondera uruhusha rwo kwinjira aho muri ico gihugu, bamubaza ko aje nk’ingenzi canke ko aje nk’uwuje kwikorera ivyiwe, aho naho bakamubwira ko yategerezwa no kuriha amakori amwe amwe bakanamwagiriza ko yahatse kugira ubucuruzi bw’amagendo, ari naco catumye aca asubizwa inyuma n’umurwi wiwe.

Muri Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bakavuga ko bahagurukiye urwo rucuruzwa rwa magendo, kuko Congo ishaka kuronka amakori menshi ashoboka nk’uko bibandanya bivugwa na Lambert Mende hamwe n’ibro bijejwe imbibe vyaho muri Repuburika iharanira intwaro tusangi ya Congo.

Umviriza indirimbo yiwe:’’ Africain a Paris’’ - Tiken Jah Fakoly

Alain Kubwimana

Messages

  • Aba Prezida Bo Mu Karere Ni Hatari!Aho Banse Kw,aririmba Ibitagenda Neza Mu Ntwaro Za DRC N,ahandi!Yigumye Mr #Tiken

  • Aba Prezida Bo Mu Karere Ni Hatari!Aho Banse Kw,aririmba Ibitagenda Neza Mu Ntwaro Za DRC N,ahandi!Yigumye Mr #Tiken

  • BAPFUY KUMWANKIRA UWO NI UMURIRIMVYI AKOMEY CANE, ACIY UBWENG KAND ATAGUMURA ARIKO AHANURA SINKA BABANDI BIWACU BAMWEBAMW BAHONDAGURA IBIGOMA BAVUG IBITAGIRA MVURA NGO NI ABARIRIMVYI

  • Rimwe na rimwe ndiyumvira ukuntu abantu batwara aka karere kacu bashika kubutegetsi bikansiga. Kuko bose n’abantu batanezwe nagato abanyagihugu canke ibihugu vyabo. Iyo bakoze ikintu gisa nigishimwa n’abanyagihugu, nuko haba hari itegeko bariko barondera guhonyora. Rero bagaca batangura kwigira abera kugira ngo bazoronke ababaja inyuma. Wogira ngo Africa (cane cane East Africa) yaravumwe.

  • Birabaj trop non yari yaj atavyangombwa afit kuki igihuguc cari camurekuy. ukonikwankiriza umuntu nimitima mibi igihugu nicogenderwa kandi brkany umubano mubi nico kindi gihu.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.