IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Redemption Voice : Umurwi waronse ubushimwe 4 mu mezi 4

Redemption Voice : Umurwi waronse ubushimwe 4 mu mezi 4

mardi 1er Gitugutu 2013

Redemption Voice n’umurwi uririmba indirimbo zo gutazira Imana. Uwo murwi ukaba uteye imbere kuburyo butangaje mu kiringo kitari kinini utanguye. Mu kiringo c’amazi ane muri uyu mwaka wa 2013 bamaze guhabwa ubushimwe bune butandukanye. Aho hakaba harimwoharimwo 2 baronse bwo mu Burundi n’ubundi 2 mpuzamakungu.

Redemption Voice

Redemption Voice n’umurwi ugizwe n’abantu umunani. Harimwo abahungu indwi n’umwigeme umwe. Batanguye ibijanye no kuririmbira Imana mu mwaka w’i 2007 bahujwe n’indirimbo yo mu gitabo baririmbanye yitwa “Wogejwe”. Akuva aho baciye basabwa kubandanya baririmbana n’izindi. Bavyumvikanako umurwi uca uvuka gutyo.

Nk’uko Mugisha Eric arongoye uyu murwi yabitumenyesheje, mu mwaka wa 2010 niho umurwi Redemption Voice watanguye ibikorwa vyawo ku mugaragaro. Watoye izina rya Redemption Voice bisigura « Ijwi ryo gucungurwa». Intumbero nyamukuru y’uwo murwi akaba ari kuvuga ivyo Kristo yaje gukorera abantu. Nk’uko umukuru w’uwo murwi yandanije abivuga, batangaza agakiza, amahoro n’umunezero bibonekera mu Mana kubwo gucungurwa.

JPEG - 120.6 ko
Mugisha Eric

Redemption Voice kuva ibayeho ifise indirimbo zigera kuri 40. Muri izo, 6 baziririmvye imwe imwe ukwayo ico bita “Single”. Izindi 11 ziri kurukurikirane rwabo rwa mbere rwitwa “ Yuguruye ntawugara ”, mu gihe izindi zikiri mu nyandiko gusa.

Redemption Voice imaze gukora ibikorwa bitandukanye mu Burundi no mu gihugu c’Urwanda. Ubu bakaba bafise umugambi wo kugira ibiteramo mu ntara zose z’Uburundi. Banipfuza kugira ishami ry’umurwi wabo mu ntara zose z’Uburundi no mubindi bihugu aho bishoboka.

Redemption voice mu kiringo c’amazi ane akurikirana yararonkejwe ubushimwe 4 butandukanye. Aho nabo ubwabo bavuga ko vyabarengeye. Bagize bati: “Twagiye twasobanukirwa insiguro y’izina ry’urukurikirane rwacu Yuguruye Ntawugara”. Agashimwe ka Groove Awards baronkeye mu gihugu ca Kenya k’umuririmvyi w’umurundi yarushije abandi mugukora neza i ndirimbo zo guhimbaza Imana mu mwaka wa 2013, aka Afrika Gospel Awards baronkeye m’Ubwongereza. Ako gashimwe gahabwa umuririmvyi canke umurwi waririmvye neza muri Afrika yo hagati.

JPEG - 88.6 ko
Umurwi wa Redemption Voice

Udushimwe tundi 2 bakaba baraturonse mw’ihiganwa ryitwa TopTen Tube Awards ritegurwa n’insamirizi Bonesha FM, aho indirimbo yabo “Yuguruye ntawugara” ariyo yabaye iya mbere y’umwaka muri Gospel. Banaronse agashimwe k’umuririmvyi w’umwaka muri Gospel wo mu Burundi. Barashimira Imana ibashoboza ivyo vyose hamwe n’abantu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.