IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta ntiyemera igenekerezo rya 6 Nzero 2016 rizoberako ibiganiro i (...)

Reta ntiyemera igenekerezo rya 6 Nzero 2016 rizoberako ibiganiro i Arusha

mardi 29 Kigarama 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko itemera itariki ya 6 Nzero 2015,yashikirijwe n’umuhuza izoberako ibiganiro mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe yagiye arongoye intumwa z’Uburundi mu biganiro yavuze ko kw’igenekerezo rya 6 Nzero batazoba bari mu Buganda canke ahandi mu kindi gihugu.

Alain Nyamitwe yavuze ko atari ukwanka umuhuza kandi ko badahagaritse ibiganiro,ariko yavuze ko batemeye iryo sango ryashinzwe kandi batabagishije inama.Yavuze ko Reta yateye intambwe kwitaba ibiganiro,ko rero bakwiye kugishwa inama imbere yo gufata ingingo kandi kugira ibiganiro bibandanye neza.

Umushikiranganji w’imigenderanire Aime Nyamitwe yibutsa ko Reta y’Uburundi idashobora kuganira n’urunani CNARED ruhurikiyemwo abiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,kuko arwagiriza kugira uruhara mu gikorwa co gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Naho biri ukwo, umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza w’abarundi Yoweri Museveni yasavye abegwa n’ibibazo vya politike bose kuja mu biganiro ataco basavye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbega reta ushaka gukori kwivuga kwiringo arigito mbega kobareyeho gukora abanyagihugu kugira baronke amahoro babaza kudada arico gisubi kibibazo bafite ndabona amahere bazohava. Bakugwaho kungufu

  • Harigihe niba nimba reta yumvira abanyagihugu kuko ukuntu usubiza ibibazo bayibaza biteye agahinda nkubona bavuga kobadakeneye kuganira ngo bakeneye kuganira nabo bashatse ukamenga abatashigikiye sabarundi kuba umuntu atavuga rumwe nareta sukuvuga kadakuda igihu nukugira reta ikosore amakosa ifite

  • Arikorero abarundimwibagiraningogape!peter igihugu kiraryoshe,sivyo?mbe igihe warimwishamba buyoya uwariyaguciriye uwoguherayo,iyoyanka komuganira,amufe ntaba amaze kukumena inda?mbepeter abo wica ubagirizako batakwemera uwokubwira ubasubizebazima wobishobora?mbe kubashira kuri dossier yindi itarahera,uriteguye kwishura kuvyakera nivyavuba?mbe peter ukwijije imyaka ingahe?usigaje ingahe?haricowiyobagiza.

  • Jew Mbona Leta Yokwemera Ikaganira Na Bos Idacaguy,ikazobigaya Yumvis Ikivuyemwo,kumbure Twohava Tunamenya Abatera Mugisagara Ca Buja,abarundi Barushe Hasigaye Ah’imana.

  • Bamaramazwanikikujamubiganiro?Amakungu,arahay,arabona,iyo,amakosa,ari,cnrd,niyo,idukungra None,bayankakuberik?Ash,boyankira,nurubaragasagokwicwa,nibayirekebaharire,kugirabato,inyishu,izohumurizatwes

  • NTA CIZA CITZWE KWA NYAMITW,J NAGIRA BOGANIRA NABO BOSE BAFISE ICO BAPFA.

  • Mukirundi bavuga ngo zishahugwa zirira ako kagwi ka nkurumbi ntaciza kifuriza u Burundi nabarundi

  • Ngiririnyatsi Rénovat

  • Ibiganiro nivyiza mugihe bose bavyunva kumwe .kandi bakabibonamwo intambwe nziza tutitwaje amakungu .kandi nibazako amahoro muburundi arahari.ntabwo azova inyuma yigihugu azova muritwebwenyene.abarundi.abashingantahe.bari ngaho iwacu ntamunyahanga azodufasha tutifashije. Kandi tumenye ko twikwije.abarundi dufatane munda tugarure iteka ryigihugu cacu.akimuhana kaza invura ihise.murakoze.

  • ndaramukije abanyecubahiro bose bayobora reta. yabujumbura
    ndabashimira kuba bariko baragamburuka mukwitaba ibiganiro vyamahoro birongowe numutama twubaha Kaguta Yoweri.

    ariko naho biri uko, CNARED nitikubita agashi. ngo ice inkoni ngufi ihindure ivyo iriko irasaba reta. yabujumbura irongowe numukozi. wImana. nyakubahwa. NKURUNZIZA Petero nubundi ibiganiro bizoguma biba. impfagusa:
    1ngo hajeho reta mpfatakibanza
    2 ngohabe ngwayandi matora ngwadakumira.
    3 ngwe mama. imanza zirahe mubuhorandi.

    none umutegetsi aserukira reta yabujumbura azokwemera. ibibintugayemwe nuyuhe? biracagoye kabisa ivyuburundi.

    yamara naho biri uko ibibirikuba muburundi ibujumbura hari umukozi. wImana yitwa. GAHUTU. Remy. yari yaravyeretswe nimana imbereyuko asezera isi kobizoba mumwaka wa2010 ushira umwaka wa 2020. raba musi ivyoyeretswe nuwuhoraho:

    Gahutu. Remy ati:" hazobaho kutunvikana kwabahutu mumwanya muto, ariko munyuma hazobaho kwiyunga bace bagira urukuta rwamabuye gwubakishije beton. ":

    rero reka iryavuzwe ritahe kuko umugambi wimana ntakiwutangira, ngiranwe nivyo. mwibonera iyo ugiye mugihuguhagati. nuruhinja rutaramenyakuvuga wunva ruvugango:" zirye zose, ngo nikosawasawa, ngo inkona ntiyaruzwa.":

    rero kubifuza ko ibintu bihinduka bashobora kuzohangayikacane kuko reta yabujumbura.ya cdd- fdd abanyagihugu75% barayikunda vyongeye nibihugu vyinshivyokwisi. vyibihangange biramaze kugaragazako. biyikunda kandi vyiteguye. guteza imbere reta yabujumbura naho abatayekwa bariho.
    ntibitangaje kwisiyose reta yama ifise abayigwanya nabayigwanira.

    ntamuntu asenyura ico Imana yubatse ngoyorohegwe, uko azozakwose Imana izomwakirizayompi. hanyuma imwerekeko yihenze. muraloze.

    ibibihugu. vyibihangange kwisi bishigikiye reta yabujumbura ntimutangare nikubera umugambi wImana ntantambara izangira kuba muburundi ,kuko buri mumaboko yayo.

  • Finalement qu’est ce que l’etat Burundais veut? continuer les massacres? Nimureke kwitwara nk’ibitambambuga kuko ico n’igihugu muriko murashira mu kaga ntabwo ari itongo ry’umuntu, bivuga ngo mubishaka mutabishaka mugomba kugisangira n’abenegihugu bose hatitaweho ivyiyumviro ibi canke biriya! Alors essaie unpeu d’avoir une conscience nette tant il est encore possible.

  • ivyo biganiro ndasaba leta kuvyihoza kuko atampamvu yavyo ge mbona cereka niba ari ukunezereza abanyaburaya kandi baragumije amahera yabo. atampamvu yibiganiro kuko opposition ifise ingufu ni Rwasa kandi ari muri leta.

  • abarundi murekeibiganirobyamahobibe.Kuko inambarasenya ntiyubaka

  • None Abo Bantu Bagize Leta Y’uburundi Aribo Ba Alain Nyamitwe Na Aimé Nyamitwe Bankiriki Kuzoja Mus-iyo Nama Y-i Arusha?Harico Biyagiriza?Baragenda Nyabuna Uwuri N-ikosha Rimwagire Kandi Rimuhange Uwuzokwera Nawe Yigire Amahoro.Ntaco Batinya Rwakamvye. Imana Irishura.Kumbure Izishurira Bamwe Muri Twebwe Abarundi,kandi N-uburundi Nyene Ibwisurire.Erega Imana Ifitiye Umugambi Kubarundi N-abarundi Nyene.Emwee!Ico Mbona Co Intahe Izotinda Ibakore Mugahanga Pe.Egooooo!!

  • Yoo nabahanura kwitaba batarabasubizamwishamba

  • CARED IRI MUBASHATSE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI NONE YOTUMIREWA GUTE HARIMWO ABARONDERWA N’UBUTUNGANE?

  • IVYO MUZAYAGA VYOSE NTIMUZMBWIRE NGO nsubire gutora umusitari mumatora mbere ya 2020 kereka niba mushaka ko nage nugara ibarabara. muzarebe uko ivyanyu mubihinyanyura canke muzondonse amahera yurugendo.

  • Jewe hari ikintu gitangaje:" Mbega abo birigwa basaba ubiganiro na leta nibo bibaza ko bazozanira gishasha abarundi? Nibagende babe baririra amamilioni ngo bari mubiganiro! Baronderera inda zabo ngo bariko bagarukira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha. Ico nobona nuko boreka umukuru w’igihugu yitorewe n’abanyagihugu agatwara ikiringo yatorew kuko imyaka 40 uburundi bwatwawe ntaterambere twugeze tubona twagezeko kiretse amacakubiri, ihonyabwoko ryagiriwe abahutu, mpinga yanje, hamwe n’agacinyizo .Mbe izo nteko mva makungu ko zitaje mu 93 igihe Melchior Ndadaye yagandagugwa n’igisoda c’ubwoko bumwe, abahutu isinzi bagatikira baturizwa ama pine?Nubu abatembagaj intwaro yiwe bakaba aribo birigwa bahenda amakungu ngo ni 3eme mandat? Ubu abarundi turi maso: uzorukarisha ruzomumwa.

  • Jewe hari ikintu gitangaje:" Mbega abo birigwa basaba ubiganiro na leta nibo bibaza ko bazozanira gishasha abarundi? Nibagende babe baririra amamilioni ngo bari mubiganiro! Baronderera inda zabo ngo bariko bagarukira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha. Ico nobona nuko boreka umukuru w’igihugu yitorewe n’abanyagihugu agatwara ikiringo yatorew kuko imyaka 40 uburundi bwatwawe ntaterambere twugeze tubona twagezeko kiretse amacakubiri, ihonyabwoko ryagiriwe abahutu, mpinga yanje, hamwe n’agacinyizo .Mbe izo nteko mva makungu ko zitaje mu 93 igihe Melchior Ndadaye yagandagugwa n’igisoda c’ubwoko bumwe, abahutu isinzi bagatikira baturizwa ama pine?Nubu abatembagaj intwaro yiwe bakaba aribo birigwa bahenda amakungu ngo ni 3eme mandat? Ubu abarundi turi maso: uzorukarisha ruzomumwa.

  • NTAWUKUNDA IGIHUGU ARIHANZE YACO, ARINYUMA YACO ,IBIKENEWE NYAKUBAHWA PEREZIDA ATWARE IMYAKA ITANU AYIMALE IBIGANIRO NAVYO, UMUNTU NTAWANKA CA ATUMVISE NTIBAHINDURE RETA IMANA IBANE NATAWE MLIYI MYAKA ITANU AMEN.

  • Ibiganiro bizobandanya neza ata ngorane.kuko bizomara imyaka itanu. hanyuma abashaka kwitoza baboneke bitoze.igihambaye nuko reta yotanga ikigogwe kubagirizwa amakosa.hanyuma yivyo awagumye kukibuga ikigirirako imyimenyerezo yi cindire amatorabarorera.kukouyo mutama Rwasa bariko bamukorera neza abatavuga rumwe na reta.bamuyoboke bazo taha neza mu mahoro. Ibiganiro komera ku muheto.Gakozi Emmanuel i Pretoria.

  • Ibiganiro bizobandanya neza ata ngorane.kuko bizomara imyaka itanu. hanyuma abashaka kwitoza baboneke bitoze.igihambaye nuko reta yotanga ikigogwe kubagirizwa amakosa.hanyuma yivyo awagumye kukibuga ikigirirako imyimenyerezo yi cindire amatorabarorera.kukouyo mutama Rwasa bariko bamukorera neza abatavuga rumwe na reta.bamuyoboke bazo taha neza mu mahoro. Ibiganiro komera ku muheto.Gakozi Emmanuel i Pretoria.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.