Reta y’uburundi imenyesha ko idashobora kuganira n’abagirizwa gutembagaza ubutegetsi, n’abafashe inzira yo kurwana no gutera ingorane mu gihugu,igasaba kandi ko hoba umwumvikano hagati yyayo n’umuhuza ku matariki mashasha yoberako ibiganiro.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Joseph Bangurambona yavuze ko ata rindi sango ry’ibiganiro rirashingwa kuko ivyo Reta yasavye bitararonka inyishu.
Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hari abavuga ko ata butumire bararonka hamwe n’Uburyo bwo gushika no kubabeshaho I Arusha, ahari hasanzwe hategekanijwe kubera ivyo biganiro kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016.Bavuga kandi ko abaganira bose batazitaba ivyo biganiro.
Gilbert Beco Njangwa arongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike ONELOPE avuga ko iyo hari uruhande ruvuze ko rutaja mu biganiro,iyo ugiye ataco uba ugiye gukora kuko utavuga wenyene.
Amakuru ava mu biro vy’umuhuza umukuru w’igihugu Yoweri Museveni amenyesha ko hari inama y’abaserukira ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) kugira bavugane ku kibazo c’Uburundi.
Inyuma y’ibiganiro vyabereye i Entebbe kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,umushikiranganji w’imigenderanire Aime Nyamitwe yari yavuze ko itariki ya 6 Nzero 2016 batayumvikanyeko.
mbega none iyo leta ikunda abanyagihugu bize canke banyarucari igihugu nicabose ariko nacanecane abize guko nibo bamenya ingene abanyagihugu bakwiye kubaho apa abo bahabwa urwarwa bakavuga ivyo batazi mbega igihe haba ibiganiro vyi arusha harumunya gihugu muto yagiyeyo yaba umutusti canke umuhutu ntanumwe yaguye CNDD bagiye bose abasoda ntihagiye minstre wabo gusa none ko yasinye kwigisoda gicangwa nticacanzwe kandi bakabana uwagiye mwishamba yahora arumukozi wumusirikare akagaruka amutwara none ntibabana eeh nuko kwumva muvuga ntimwoja arusha jewe mbona ko mwohanuza neza guko nimwaba muzi icabashize ngaho mwikwitonda mwosanga havyishi vyokwononekara muri kazoza kanyu nayo gukunda abanyagihugu wapi kabisa umuntu wese yanka arusha acabonekako adakunda abanyagihugu guko arusha irya file isomwe gusa ikibazo kizoba giheze ntanukwumvikana ibindi kuzoba ugusabana imbabazi hama twibandanirize ubuzima guko turiko twimaramaza mumahanga twebwe nitwishoboye nditse nabatari twebwe ntibishoboye uvugako twishoboye ntuba ukunda abanyagihugu sawa bamwe barishoboye ariko sileta basi iyoshetani yatwinjiye dusengimana idufashe tubivemwo ikabira zibiri zinanirwe kwumvikana nahandi amakabira arenga amajana yumvikana bo president wuburundi siwe ikibazo kiri mumugambwe wiwe ivyoyakoze yari yagerageje ariko ntibamworoheje bon turabe imbere kuri kazoza kibibondo vyacu