Reta y’Uburundi na CNARED ntibahuriza ku vyoganirwako

Yanditswe na IGIHE
Kuya 9 janvier 2016 saa 09:45
Yasomwe : 91791
0 0

Umuvugizi w’inama y’igihugu yishinze gukingira ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha CNARED Jeremie Minani na Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibahuza ku vyoganirwako mu biganiro hagati y’abarundi.
Mu kiganiro imvo n’imvano co kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Nzero 2016,umuvugizi wa CNARED Jeremie Minani yavuze ko kuba Reta ititavye ibiganiro vyari kubera i Arusha yitwaje ko batumvikanye kw’isango vyari kuberako ari urwitwazo. (...)

Umuvugizi w’inama y’igihugu yishinze gukingira ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha CNARED Jeremie Minani na Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibahuza ku vyoganirwako mu biganiro hagati y’abarundi.

Mu kiganiro imvo n’imvano co kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Nzero 2016,umuvugizi wa CNARED Jeremie Minani yavuze ko kuba Reta ititavye ibiganiro vyari kubera i Arusha yitwaje ko batumvikanye kw’isango vyari kuberako ari urwitwazo.

Yavuze ko ku ruhande rwa CNARED bamye biteguye ko mbere inyuma y’ibiganiro vyabereye i Entebbe bari gutera baja i Arusha kuko bari biteguye.Avuga ko umuti w’ibibazo vya politike biri mu Burundi ari ibiganiro.

Jeremie Minani avuga ko avuga ko ivyo boganirako ari icerekeye uko intmbara yohagarara abantu bakareka gupfa, irekurwa ry’abantu bapfunzwe bagiriwa kugira imyiyerekano,irungikwa ry’abasirikare mva makungu,ishingwa rya Reta mfata kibanza,hamwe no gusubiza agaciro amasezerano ya Arusha.

Hategerezwa kuganirwa ku bibazo vyose bihanze abarundi

Ku ruhande rwa Reta,umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe yavuze ko ibiganiro bitegerezwa gushingira ku bintu vyose bihanze abarundi,ariko na cane cane ibijanye no gutorera burundu ikibazo c’intwaro rusangi.

Willy Nyamitwe yavuze kandi ko hategrezwa kwumvirizwa abarundi bose,harimwo n’abari hanze.

Ibiganiro vyari bitegekanijwe kubera i Arusha kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 ntivyabaye kuko Reta y’Uburundi itavyitavye imenyesheje ko isango ryavyo ritumvikanyweko n’impande zose.


Kumenyekanisha

1
Cédric 23-01-2016 à 12:03

bose nibaje mubiganiro

2
Bacemwo 13-01-2016 à 12:30

Bega reta yigora irondera iki ? Niyirorerere amasabuni aruzuye tuzobamesa tubagorore ntawundi muti wintunva ubu ntitukiri mwihamba aho wasanga inkoho imwe ikoresha babiri umu kiramutu nasiraha yake waone kama siyo zamani igipimo nagahanga

3
Patrice 12-01-2016 à 21:34

None Se Ko Reta Yank Kwitab Ibiganir Kand Ariy Abarund Dutez Amas Umuti W’ibibaz Vy’uburund Uzotorw Nand ? Ahubw N’ibemer Bicar Hamw Abarund Basubir Mu Mahor N’amahond.

4
BANGIRINAMA Elias 11-01-2016 à 12:22

Turetse n’ivyo kuganirako, Leta y’Uburundi itegerezwa kuganira n’umuntu afise uruhara mu bibera Mutakura, Ngagara, Musaga,.... Bitabaye ivyo ibiganiro bizoba , bihere abarasa bagume barasa.

5
Emanweri 11-01-2016 à 07:58

Nimureke Kuburabuza Umukuruwacuw Igihugu Mbona Atwabose. Ukomwido Domba Namwe Niko Bobido Dombera.

6
ndi ciza jerard ndi tanzanie 10-01-2016 à 22:14

Icambere hobaho amahoro akwiye

7
Onesphor 10-01-2016 à 09:58

Icombona Ntamuntu Yagovye Gutembagaza Ubutegetsi Yoja Mubiganiro Mbega Yoganira Ibiki ? Nande ?

8
didy 9-01-2016 à 23:56

Je mbona abarongoye ibiganiro bohindurwa canecane museven kk nawe yanse gusangira nabandi raba kagame nawe vyanse na nkurunziza bamureke kandi nyanyungu abanyagihugu turonka yaba umuhutu canke umututsi Bose ntakigenda ibintu ibintu kumusikumusi Inda zabo ntizihoma nibarekere Tanzania yiterere imbere

9
###### 9-01-2016 à 21:38

retantishakaibiganiroigumayicaamatwi

10
ndarushe 9-01-2016 à 18:28

none uwo M7 wananiwe kumvikana na Joseph koni kugeza inyeshyamba ze zihereye mu mashamba ya congo na centrafrique,akaba amaze 26 ans kubutegetsi niwe uzohuza abatavuga rumwe muburundi. aho ntakizovamo kabisa ahubwo leta nibe itegura inkoho neza.

11
Intwari Zarugwanye 9-01-2016 à 17:00

Nukuri Abarundi Tnuraciye Ubwenge.Muzemurareka Gucafuza Abenegihugu Ngonibo Muserukira Abanyepolitique Ntanyungu Zabenegihugu Murondera Atarizondazanyu.Mbega Iyontwaro Mfatakibanza Isiguriki ?Urumva Ivyabenegihugu Batoye Mwibazako Bihenze ?Vyumvikana Mwateyimigumuko Muhiga Amagaburanyama ?Mwaturiye Abantu Mumapine.None Ngo Mujiyarusha ?Mbe Komutovuga Kuganira Kubagomvye Guhirika Ubutegetsi Bafatwe.Nukuri Reta Ihari Nimbavyukuri Iziko Yatowe Nabenegihugu.Ntiyemere Amagaburanyama.Izongbo Mvamakungu Twebwe Abenegihugu Amaho Turinayo Icanyuma Mumasezerano Ya Arusha.Twe Ubuntakidtwara Ashimikiye Kumuko Ivyamoko Navyo Ubu Vyaratayighe Ntamutsi Ntamuhutu Turibawe.

12
kajabure.com 9-01-2016 à 14:52

uko niguhema ni muyage twumve

13
kuri 9-01-2016 à 13:28

ubu nihongiyentahura minani nabobarikumwe bose Kwa atabwenke bafise

14
LCB 9-01-2016 à 12:56

IBIHE ISI igezemwo ni IBIHE UMUKOZI W’IMANA PAUL Yahanuye SITEFANO Aho ABANTU bikunda gusa inkunzi z’amafaranga Abanka ukuri mbere banka Nababo igikenye murabo Bagabo nukuri umwe ashira Ukuri kuruhande ariko uwundi gutyo burya rero uwutagira ubwenge ashima ubwiwe REKA izo MPARI

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha