IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rimwe mu mashami ya FNL risaba umukuru w’igihugu gushikiriza ijambo (...)

Rimwe mu mashami ya FNL risaba umukuru w’igihugu gushikiriza ijambo ry’ihumure

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Umugambwe FNL ibaba rya Yakobo Bigirimana, usaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryokwerekana ivyemezo ku birwanisho bivugwa ko vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD

Ku bwa Yakobo Bigirimana, avuga ko ashigikiye yuko hajaho umurwi wotohoza ivyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uyo murwi ukajamwo bamwe mu bakozi b’amashirahamwe ataho yegamiye muri poritike, abari mu mashengero, abarundi batandukanye hamwe ndetse n’abo muri ONU. Ikindi Yakoba Bigirimana avuga, ni uko umukuru w’igihugu yovuga ijambo ryo guhumuriza abarundi, muri ibi bihe hariko havugwa vyinshi mu bijanye n’umutekano w’igihugu.

Mukamenya ko n’aho bamwe bariko basaba amatohoza ahuriyemwo bose, bamwe mu bari muri Reta y’Uburundi ndetse no mu mugambwe CNDD FDD habonekamwo indimi zibiri kuri ico kibazo co gushiramwo umurwi uhurikiwemwo bose. Bamwe mu bashikiranganji n’abashingamateka ba CNDD FDD bati, Uburundi burikwiye kugira amatohoza nyayo, abandi nabo bati umurwi urimwo bose urakenewe niwo woshira ibintu mu ngiro, ugakura n’ivyo bamwe bavuga ko ari insaku za ONU.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko igihugu cacu carapfuye kivugigwa nibigugu vyose.

  • Twibuke ko ivyo tuvugira kuma radio ko bitatabwa ariko bibikwa ejo canke hirya y,ejo ntihazogire uwuvugako bamusubiyemwo amajwi.ndakebura uwumva akumva

  • uwo mubeshi yakobo atunze nukubesha nawe arafisi cavuga ninjaho bihiye.sinzi nkabamwitumu fnl jew ndamwita njahobihiye

  • Uwo ariko avuga ibiki?yoja mubuganda bomwereka ntamuntu yabigwa inyuma akina politique

  • Uyumugabo ivyoyarayuvuze kuri RPA le17/04 nakamaramaza ntamuntuyomenya kwabantu nkaba bakibaho muburundi wocawibaza utinkumuntunkuyu yoja imbereyabandi gute kurongora abandi atakuri afise ahonyene akavuga umengo ntamutima agira yeebabawee

  • jewe ndanegura ikinyamakuru cacu igihe kubrako harabo mushirirako ivyiyunviro vybo nabandi mudashirirako!!!!kandi benshi bira tubabaza.

  • ahaaa!!!!! Imana data watwese itwifashirize abarundi kuko ndabona ari danger!!

  • None umuvyeyi yibarutse uy’umugabo ngo nibibigirimana araja mubandi ngo arafise umwana?mukirundi bavugango :<urun’urubuto rwapfuye ubusa> mbega kugirango yemerekwendwa inyumaya arumugabo kandi aziko itegeko ry’umugabo kuwundi ibihugu vyose vyaryiyamirije ntanisoni yumva iy’ariko aravugira kwiradiyo kandi yabiwekumugabo nkawe? Ssha umenyeko hasigaye umwaka umwegusa nawewe uraba uratekera utwawe twose utegureniyo uzoja muguhunga amahoro murikumwe n’umugabo wawe nkurunziza, mbega RPA wagize ngo ni RTNB? Ewesha cirahasi birarura ugire ijoro rirerire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.