Accueil > Amakuru > Amashuri > Roza Gahiru: Nta gisivya ikibazo kizokorwa mu ntara zose
Roza Gahiru: Nta gisivya ikibazo kizokorwa mu ntara zose
mercredi 6 Rusama 2015
Umushikiranganji w’amashuri y’intango n’ayisumbuye Roza Gahiru amenyesha ko ata gisivya ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashuri yisumbuye kizokorwa kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 rusama.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru,Roza Gahiru yavuze ko ata ngorane zo gutwara ibibazo hagati mu gihugu zihari kuko hasigaye ko gishika mu ntara zibiri gusa, aho naho nyene ngo kirara gishitseyo kuri uno wa gatatu.
Ku bijanye n’ikibazo c’umutekano c’abanyeshuri bazokora icokibazo,Roza Gahiru yavuze kobariko basba abari mu myiyerekano ko botanga agahengwe kuwa kane kugira ico kibazo gikorwe mu mutekano.
Roza Gahiru asaba abanyeshuri bahungiye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi hafi y’urubibe,hamwe n’abahungiye hagati mu gihugu bategereye ku mashuri yabo,ko boja aho ikibazo kizoba kiriko kirakorerwa kugira bakore nk’abandi kuko barateguye uko amanota azobashikira.
Messages
6 Rusama 2015, 21:18, par Samson Nduwayo
Nonekotwumva Bujumbura Namakomineayigize Bazokora?Ntiboshoborakubahungabanirizaumutekano
7 Rusama 2015, 06:05, par Banziziki
Imitima y’abana yarahahamutse kandi hari n’abajabutse badahari bategerezwa kugikorana n’abandi. Ivyo rero mugira sivyo. Murindire abanyeshuri bahunze babanze bahunguke hanyuma bakore examen n’abandi kuko nabo bari bize bikwiye.
7 Rusama 2015, 08:44, par Irankunda jonas
none nko kubana bahungiye mu rwanda bobo ni gute?
7 Rusama 2015, 13:16, par CHICHI
mbega mutubarizeko uwo mushikiranganji afise abana bbiw bazokora ikibazo
gut atamurimo numwe uriko urakorwa mugihugu hama abana ngo baje gukora ikibazo? mwataye abana nabavyeyi nigihugu muruhombo ngo hatanguye ecole fondammentale biranka none murasubiriye gukora ibintu mutiyumviriy ingaruka mbi! madame la ministre ntaburezi bwiza mumwo