IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Rumonge : Abanyeshure 16 bapfunzwe bagirizwa kwonona isanamu y’umukuru (...)

Rumonge : Abanyeshure 16 bapfunzwe bagirizwa kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu

dimanche 26 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure cumi na batandatu bo mu mwaka w’umunani mw’ishure shingiro kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge bari mu gasho k’igiporisi mu Rumonge. Bose bagirizwa kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu indwi muvyo basanzwe bigiramwo.

Abo banyeshure basanze mu gasho uwundi munyeshure wo muri komine Buyengero nawe nyene yagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu.

Abandi banyeshure batandatu bo mu mwaka w’umunani kw’ishure ryisumbuye ry’i Gihanga nabo nyene bari mu gasho bagirizwa kwonona amafoto y’umukuru w’igihugu ari mu bitabu bakoresha.

Abavyeyi b’abo banyeshure bapfunzwe bamenyesha ko abana babo bashobora kuba bararenganijwe, kuko bishoboka ko boba batanguye gukoresha ivyo bitabu iyo sanamu yaramaze gusibanganwa.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza ariko arakorwa

Tubamenyeshe ko mu murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu bavuga ko badashigikiye igihano c’ugupfunga abanyeshure bagirizwa kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu. Muri uwo murwi bavuga ko uwagiriwe n’icaha yobihanirwa, ariko ubutungane bugaca inkoni ngufi, ingingo zose zigafatwa hisunzwe ineza y’umwana hamwe na kazoza kiwe.


IGIHE

Messages

  • Abo banyeshure nibahanwe kuko abavyeyi babo bafashe abana aho kubatuma kwiga babashiramwo politike.Ahubwo bariko babagirira nabi cane.Uwagiwe nikosa ahanwe birakwiye cane.Ijambo ryi Mana rivuga twubahe abaganza.

  • Ariko se ifoto ifungisha abana? Nkurunziza byamunaniye kuko nawe ubwe ntakizere yifitiye, ntabwo yagafunze abana abaziza ifoto gusa

  • ABOBANA NOVUGA KOHARIMWO ABAGWA MUMPORERO UGASANGA IYO FOTO YASIBANGAJE ABANDI JEWE ICOMBONA NUKO ABAJEJWE INDERN YABANA ARIBO BOBIBAJWA KUKO MUVYO BAJEJWE NUGUKURIKINA IBIKORESO VYISURI NUGUHANA UWUBA YASIBANGANIJE IYOFOTO KUKO NIWE BAZI INGENE ABAYATANZE IBITABO MWISHURE NUWUBA YACONONYE ABAMUZI NACANE CANE AMATOHOZA YOTANGURIRA KUBIGISHA KUKO NIWABAKWIRI KIRANA IYO MPANURO NIMWAYI KWIRIKIZA NTAMUNTU AZOSUBIRA KUBAHUKA IFOTO YUMUKURU WIGIHUGU NAKARE BAGIRE ICOBATINYA

  • Ivyo vyogusibanganya ifoto yumukuru wigihugu mubitabo vyomumashure nicaha kibicane ekayemwe nubwo atoba arinifoto yumukuru wigihugu ifoto yariyoyose irimugita cishuri kuyifutanga nukugarariza kurenze ukwemera mbere nukudashaka iterambere, kuko hobahariho uyundimwanya/umunyeshure azokwongera kugikoresha. Ariko hagize umunyeshuri afutanganya ibirimwo icogitabo bacabagitacose kuko sikintu baheza ngobahanagure ngokugira uyundimunyeshure azosange gihanaguye, eka baragita bakaca bafata ayandimahera yokoze ibindi bakagura ikindigitabo. Muvyukuri jewe nabonye uwomunyeshure afuta ibiri mugitabo abana bu Burundi bifashisha mukwiga, nocandababwira ko arabasi biterambere ariko ivyonobibabwiraaruko nsanze ataburwayi bafise bubibatuma kuko fise amakenga ko ababikora bababafise uburwayi.
    Ndaragije nibariza abibavyeyi bomwishirahamwe rijejwe agateka kamuntu nti:
    Mbega komuvuze ko abobana badakwiye guhanishwa kubapfunga mwebwenamwe nkabavyeyi kandimushaka kwabana bakura bazikwubaha mubona igihano kibabereye bohanwa arinkikihe?
    Terera mureke kuvuga gusa ngo’ ivyobihano ntibibereye.

  • Imbunuza canke imburakimazi,.
    Ayomajambo ndayakunda kuko na numuganwa atarumugani Rudoviko Rwagasore yarayakoresha kandi yayabwira abarundi.
    Nunomusi nkuko tutazopfa twibagiwe iyondanga Rwagasore, nayomajambo ntituzoreka kuyavuga muyakanda mutayakunda tuzokwama tuyavuga kandi tuyabwira abarundi, uwuzosanga amureba yikebuke canke yiruke, uwuzosanga atamureba azovuge ngo murarivuze atikoko hariho intumva,Imburakimazi, ni mbunuza.
    Umva woshavuzwa nikiringo ukacawahuka guturirabantu ukareka kwitwa Imburakimazi!?
    Woshavuzwa nuko ubona bikugoye gushika mukibaza runaka ukacutanguza umugambi wokugenda urementanya ngo jonucide yatanguye ukagenda udahawe izina yimburakimazi?
    Wogira ikigushavuza ukacawahuka mubavyeyi,abavukanyi,ababanyi , incuti nabagenzi ukabasanzamwo amasasu namagerenade ukazogenda udahawe izina ryi twa Imbunuza,Imburakimazi?
    Uzobona ivyowashaka mugihugu utabirose ucushigikira konabana barimumashure bohagarika mwitwararike kazoza kabo ukareka kwitwa Imburuza?
    Niyaba ayomazina atabereye abakora ivyonavuze mukirundi twocadukuraho ayomungane yitwa: Imburuza,Imburakimazi,injavyi, kukontahantu twozoronka kuyakoresha.

  • Bajye bafunga banyina na base nibo babatuma
    Bafite mumutwe nostalgie yo kumara abahutu nkuko babikoze 72

  • Yooh Bane Nimureme Nkuko Sokuru Yaremye Muzotsinda,abana Murabarenganya Ntawishira Kwisoko Ataribugurwe Mbega Piter Ashaka Tuze Tumwibuka Atarapfa?Napfe Hanyuma Twige HIstolique Yiwe.

  • Yooh Bane Nimureme Nkuko Sokuru Yaremye Muzotsinda,abana Murabarenganya Ntawishira Kwisoko Ataribugurwe Mbega Piter Ashaka Tuze Tumwibuka Atarapfa?Napfe Hanyuma Twige HIstolique Yiwe.

  • Abobana,babanyeshule Abavyeyi Babalihira ,amaherayokwiga Bakazakukora,ivyobatabatumye,rero Nibahanwunamategeko,kobona Bahaye,bingawuva Abo Baromaliliki,igihugu?

  • Izizaguhona zihera muruhongore,kandi imbuto itewe niyimera!!so akwankanawe akuraga ivyamunaniye.abobana iyonyifato ntibayivukanye barayose barayigaburirwa nonigiye kubagiriringaruka,ikibazo nikimwe iyobononye iyo foto bisobanurako ariwe bononye?nahoboyitabura aguma ari PETERO NKURUNZIZA perezida wuburundi.nibazako umubabaro barimwo nababavyaye utabasiga nibababakunda nibabagorore mundero babahaye kuko nibo burundibwejo,arikobakimezuko ntacobomarira igihugu .bagiyekwiga batazico bashaka ivyiza babasubize abavyeyibabo babigishe kwubaha ababaruta,uzobonakeneye gusubirakwiga azosabimbabazi hanyuma agaruke kwishuri kandizidasabwe nabavyeyibabo kukonibobabaroze.utazisavyenawe azigumire muhira yibanire nabobasangiye umugambi utarimwiza nkuwo ,bazosubire kwiga nyuma yimyaka uwobanka azoba atagitegeka ngiraniho bazorohegwa.arisinziko imitweyabobana itazoba yabayurutare!!!MWABAVYEYIMWE MUMEZE MUTYO MUTUBEREYE BABI KANDI MUDUSAZIYENABI NIMWIKEBUKE . Haracarivyizigiro igiti kigorogwa kikirigito kimazegukura kiravunika nisubize urukundo kubanabanyu kukoLeta numuvyeyi ateganya ibirimbere mumigambi nakazoza naho igitangura umengo irababaza arikwiyimaze kuguma ivyamwa vyayobirasosera ababirya.ntiyoceceka rero haruruhongore ruriko rurasha gutyo yobayibagiye igikogwa cayo..,mwibukuyu muganingo UWUTIGISHIJWE NABAVYEYI ISI IBIMURINDIRIYE NGWIMWIYEREKE bavyeyi mwikebuke ejoniheza

  • Abobose babapfunga ninde muribo yahejeje amashure atanditse mugitabo?canke ntibize?umukuru wigihugu niyubahwe ariko nukwibuka mbega mweho mukiri mumashure vyari gute!None ubu hahindutse iki cotuma abana bapfungwa?

  • nimba petero yananiwe navuge ababishoboye batware hakoyoguma yica aboyokijije.nkubu abobapeti baziriki?umuriro uramurindiriye.kazikiwe.

  • nibahanw hisunzwe amategeko

  • Kamikaze, ubwo wewe urabona uwo Pita aruwokunanirwa mugenzi ahatananiwe mugihegiheze ubusihoyonanirwa

  • Ariko Iphoto Niyituma abanyeshure bapfurwa?kobazingamanize iphoto bazimanganize nkurunziza ubu ntari kuntaro ariko bakera barayamaze uwanka agakura abaga umutavu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.