Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon ariyamiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon ariyamiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu

Rwasa Agathon ariyamiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu

dimanche 26 Mukakaro 2015

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi Rwasa Agathon,amenyesha ko ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro bidafise ishingiro.

Inyuma yaho umurwi utegura amatora CENI utangarije ivyavuye mu matora,aho Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rurongowe na Rwasa Agathon na Karori Nditije rwatangajwe ko ruri mu kibanza ca kabiri Rwasa Agathon aravyiyamiriza.

Rwasa Agathon yavuze ko ashobora kuja muri Reta y’Ubumwe yoshingwa n’umukuru w’igihugu ariko iyo Reta ikaba itorenza ikiringo c’umwaka kugira itegure amatora meza yizewe na bose kandi abaye mu muco.

Mu begereye umukuru w’igihugu bavuga ko bipfuza ko Rwasa Agathon n’abanywanyi biwe boja mu nama nshingamateka na Reta y’Ubumwe nk’uko vyasabwe n’abakuru b’igihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Naho biri ukwo,ku rundi ruhande abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko Rwasa akoze ivyo yoba akoze ikosa rikomeye.Bakavuga ko bizeye ko atokora ikosa nk’iryo rya politike.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Vyukuri RWASA n’intwari.kimwe gusa tumusabe ntajuragirike.ntamatora yabaye yomuha ikibanza kimukwiye.kuja muri leta yunze ubumwe ni vyiza ariko itarenza umwaka kuko ntakibanza ibwirizwashingiro risanzwe ryarajanywe mu karuhuko na cndd fdd ifatanije na konsiriya riha reta bene izo.abasoma nabo ni bamenye ko Nyakubahwa RWASA ataco yoba agiye gukora mu nama nshingamateka kuko ntategeko bohagarika nayo cndd fdd amategeko yose itora asanzwe ari umutego kubanyagihugu.vyanka vyakunda nibaganire batange amahoro kuko amahoro niyo soko ry’iterambere.mbibutse gusa ko mwoza muririnda kubesha mwebwe mwandika kuko benshi uza wumva bivugisha ngo amagaburanyama n’ibindi.Abatanga inkuru muze mudutohoreza ukuri kuko nk’ejo NGAYIMPENDA baramubesheye ngo yiyunze na leta atware amizero muriyo ariko usomye sivyo.nico kimwe no kuri rwasa bavuga ko yemeye gukorana na nkurunziza muri sens atabivuzemwo.murakoze.

  • mutama ntuduhemukire niwe twizeyeko uburundi bushasha kumera kumuheto

  • Emwe,Barundi ! Ubwo bugeni bwa Rwasa(extremiste hutu) na Nditije(hutu représentant des extremistes tutsi),nta rugo rworama,NTIBISHOBOKA,naho ubwoya bwomera mu kiganza NTIVYOSHOBOKA!
    Rwasa bazoguhenda abo bamayeri,kuko ntabo uzi kandi ndabishingira intahe ko utabazi.Nguhanure,emera uje muri LETA bagombe mucanemwo,kuko nubundi bidakundako mugumana.Mwahukanye,umgeni mwiza kandi w’intore ni Frodebu yiyunze nawe uhejeje kwiyunga.Hanurwa wumve rWaSa!

  • MUTAMA IYO RETA WOZAMWO YOBA IRONGOWE NANDE?URACUNGA NEZA KUKO UMUSWA URYA UMUHINI USOTERA ISUKA(WIBUKE KO ABANYWANYI BAWE BISHWE NUBU BAKOMEZA KWICWA,...).

  • NAREKE KUNWA ICUPA RYIGICE ASIGARIJWE NABA DD TWEBWE ABANYAGIHUGU TUZOMUHA IRYUZUYE NIYIHANGANE NTAGOKE NGO UBUCAFU ABA DD BISIZE NAWE NGO BABUMUSIGE VYO MUGORA KUBWOGA.

  • ko amatora yabay leta yubtmw isigura iki? ahubwo nihashingwe leta irimwo abazokwizigirwa bazomara IMYAK ITANU.

  • Reka guhendwa ubwa kabiri RWASA bahebere iyo ntwaro abo ba DD ataraho bazokumena umutwe,uribuka ko ubwa mbere bagukinye bakaguha ANSS,chunga mzee.

  • Reka guhendwa ubwa kabiri RWASA bahebere iyo ntwaro abo ba DD ataraho bazokumena umutwe,uribuka ko ubwa mbere bagukinye bakaguha ANSS,chunga mzee.

  • Reka guhendwa ubwa kabiri RWASA bahebere iyo ntwaro abo ba DD ataraho bazokumena umutwe,uribuka ko ubwa mbere bagukinye bakaguha ANSS,chunga mzee.

  • emma
    gwasa ubundabonye igituma wama wikura mumatora ngo yibwe, kumbe hariho abagutegeka nkabo bakoheje ngowemeye ivyavuye mumatora uzobukoze ikosa hewe nibakugire igikoresho cabo nkirobo, umusi uzovyonga uzoce ubwira abanywanyi bawe bakwimbire ikigukwiye

  • WARUNDI WOTE WANGESHUKURU YALIYOTOKA KATIKA UCHAGUZI ILI WOTE WAFURAHIE KUTUMIKIA NCHI YAO.BWANA AGATHON ASIDANGANYWE NA WATU WASIOPENDA BURUNDI.TAFADHALI KUBALI KUINGIA KATIKA SERIKALI!

  • rwasa abavyeyi ngira baramuvumye mbe misiyose kobamuhenda?mbe atagiye muri reta azoteba agifatishe intoke?abanye politike barihenda mbe kobashira imbere intambara mbe kombona ninkoho zinjira zigaca zifatwa bazogera kuki?barigire kuri nyakwigendera pitasi bayaganakandi we yariyatanguje siteviya kugira abenegihugu bamukunde kubera imigambi ya siteviya. abandi namajambo gusa.

  • nizer ko gwasa atokora idyo kosa azi ningen harabamuguyinyuma nabandi bakiriko!

  • ARIKO RWASA URANTANGAZA PE !! AMATORA URAYANSE NTUBONAKURIKUMARAMAZA ABAGUTOYE??URINTAHOMFATA NONE BAGUHE IGIHUGUTATSINZE USHAKAWOJAMURI RETA ABOWISHINGABARAGUENDA NCUTI.40 ANS IRENGABATWARA BARAKOZE NKANKURUNZA

  • MUTAMA AGATO MBAYE NDAKUNGURUKA KUKUNTU UDUHUMURIJE MUKWEMERA KUJA MURI RETA NABANYWANYI BAWE! KORESHA UBWENGE WAMANYE UREKANE NA NDITIJE NTASUBIRE KUGUHENDA NKAMBERE KUKO ATAKINTU KIZIMA YITEGURIYE GUKORERA UBURUNDI IGIRE MUFADIKANYE NUWO MWAHORANYE MWISHAMBA MUKURONGORA IGIHUGU TURI INYUMA YANYU HARYA UWAMBERE NUWAKABIRI BBRANGANA NDAGUKEJE : NDUNURUNDI KEYISHA NADEL DSM TANZANIA

  • Mutama twubaha tukubahiriz nukuri twebw abaw hamwe wokwemera kuja muriyo leta woba uduteterj amatora yabay siyo!kwumv ngo warons 18% nakamaramaz ryumeko turacakurinyim

  • Mutama twubaha tukubahiriz nukuri twebw abaw hamwe wokwemera kuja muriyo leta woba uduteterj amatora yabay siyo!kwumv ngo warons 18% nakamaramaz ryumeko turacakurinyim

  • Mutama twubaha tukubahiriz nukuri twebw abaw hamwe wokwemera kuja muriyo leta woba uduteterj amatora yabay siyo!kwumv ngo warons 18% nakamaramaz ryumeko turacakurinyim

  • Rwasa Ataravye Neza Aragwa Mumutego Kuko Arikumwe N, Abakunzi B, Inda. Abaporona Barakunda Ibiti. Turibuka Ivyo Baknye Nuri 2010, Arikumwe Kandi N, Umuhemu Akomeye Benhsi Batazi Bamuzi Gusa Ariko Aravuga Yitwa Bizimana François. Muri 2010 Niwe Yagiye Gutora Abakenguzamateka Umugambwe Yarimwo Icogihe Wabibujije. Nkfbure Kandi Abo Birikumwe Ubu, Ntihagire Uwihenda Ngo Amuhe Uduhera Ngo Azomusubiza!

  • RWASA NTIBAGUSUKE,EMERUJEMURI LETA,AHANDIHOWOBUHEMUKIYABARUNDI BAKWIZEYE.

  • Ariko baravuze ko uwuhetswe neza asokorora ukuboko,ntaduteshe umwanya,araja muri gouvernement canke ntajayo,ntadukange adukoroze tuzomugwanya nkuko twamye kandi tuzomutsinda,aho abesha ntituziko yagize porte àporte mu kwiyamamaza ,naze canke areke ,ariko areke kuduha ama programmes menshi,ayo matora nta mwanya wayo dufise,qoui encore?Kumwe kw’aba biligi bamana ivyo bashira ku ma tables,za oranges bleus nizo bashaka kutuzanira?

  • Agathon Rab’igikwiye Ntuzomere Nkababandi Ngw’amatora Yagenze Neza Kubera Batez’ibiganza Kuri CNDD Kugir’ibuzurize,mbe Kobashir’imbere Amatora Batavug’inzirakarengane Zirigwa Ziricwa?

  • ngirambaze none komwanka ivyavuyemumatora binzogendagute?

  • Yihangana tahemukire bagezibe muri politique babandanye guharanira ITEGEKO SHINGA na masezerano ya ARUSA.

  • UMWANA YANKA IKIMANYU AGATAHIRINTETE

  • Mutama Agathon Niwikomerere Umwami Akuzigame Abarundi Tukurinyuma Ntituzigera Tuguhemukira.

  • Rwasa ico noguhanura nuko umugabo agaya arya!abo baguhanura nabo ngo ntiwokora ikosa nkiryo wibuke imyaka umaze utarya igihugu none ugomba ko uzorya urumutama?wibaza abo bo ko harico bokumarira kazi kawe.

  • Ndasavye Mumbwire Agaton Rwasa Ategekany Iki Hamwe Amatora Atosubirwamwo Nkuko Avyipfuza?

  • Nimwunvikane amahoro aboneke turashe mugisagara

  • Ka Rwasa Agathon karimubahutu boroshe guhenda ntikazoja mwiyi reta rindira murebe kwamatora yomuri 2020 atagera acanaga nkuko mwabibonye mumatora 2010 kishinze abavugango Nkurunziza ntazobamarana imyaka 5 ngo ageze 2015 akirikubutegetsi.

  • Ntakuj Muri Leta Yamanyanga Narindire Ivyiwe Ntibirashika

  • Ntakuj Muri Leta Yamanyanga Narindire Ivyiwe Ntibirashika Ha Ko Yoja Muri Leta Ya Nkuru Yopfuma Aheba Politique Kuko Yoba Ahemukiye Abanamarimw Bishwe Nab dd Bazira Ivyiyumviro Vyiwe.

  • Muvyukuri hamwe uyo mutama wacu yo kwanka kuja muri reta yoba ashaka kutuhemukira narirya twagize akigoro ko kuja gutora tumwizigiye kugira nawe aducungure mukuturonsa umutekano.kubwaje nku munywanyi wiwe nosaba mutama kuhagabira ntibahave bamuhenda nkubwambere.bavuga bati,igiti ntigikukora mujisho kabiri kiba gishaka kurimena.

  • Emera ivyayavuyemwo kuko yagenze neza.Adelard SHIRAHISHIZE urongoye KAZE-FDD na COPA i Ngozi,wihangane kuko washigikiye umugabo w’ijunja n’ijambo kandi azokwibuka.Kuba warashigikiye mandat ya gatatu kuri RPA Ngozi twese tuvyiyumvira nibaza ko n’Umukuru w’Igihugu yavyumvise.

  • gwasa niyemere abe uwa kabiri mur 2010 abatutsi baramuhenze arakurayo nabo basubirayo.none nubu nditije agira amuhende adekone,mbega ko rwasa batigeze bahuza n’abatutsi ubu bahuje gute na Nditije?

  • Rwasa arajuragurika! Yoba ahanugwa nande gayemwe?

  • ntiwemere bwana! dushaka reta yubumwe

  • Rwasa ndamusaba kuja muri leta, kugura atere iteka abamutoye,yongere amanyerane nabandi bayobizi ndetse namakungu,noneho 2020 azoba afite inguvu zikomeye cane gose, areke kumva abamushuka bahora bagendera kwizina rye kugira baronke inguvu.

  • NIBAZAKO MUTAMA ATARI UMWANA ATODUTA MURUDUBI KND TWEMEYE KUMURWA INYUMA IKIND NACO NIBAZEKO ATOKWEMERA GUTWARANA NABO BAHEMU IMISI YIHANGANYE NIMYISHI NABANDANYE YIHANGANYE UMWANYA NUMWANYA IGIHUGU TURAKIMUSHIKIRIZA AGIKURE MUBUJA.

  • ivyo ni ibisanzwe muri africa sihenshi abarwanya reta bemera ivyavuye mumatora kandi ntibubuza leta kubandanya kugeza ikiringo cayo giheze.

  • ivyo ni ibisanzwe muri africa sihenshi abarwanya reta bemera ivyavuye mumatora kandi ntibibuza leta kubandanya kugeza ikiringo cayo giheze.

  • wwegwasa rekagukorera kumitweyabomurikumw kuKo mwasekujamurireta muzobamuhemukiye Abarundi Non Mutarimurireta inyumayimyaka 5 Abarundi bazotora murinyuma yigihugu?

  • iciyumviro cumwakumwe Turagusavye Mukuremumutwe.nimyakitanu.5ntimunabirot

  • Bihoze di mutama wewe tura kwemera 5 nimikenyi na we uzo twara 2020

  • ivyo muri politike y’abarundi ni akayobera bahinga kweli

  • Bwana Agathon Rwasa turamwemera mugufata ingingo abanza kwitonda

  • RWASA YAHENZWE KERA NA PORONA NUBU NAREKE BOBO BARAMUGIRA NKA 2010.NACE AKENGE AHANDI HO ABANYWANYI TUZOMUHEBA

  • ntiyopfa avyemeye gwasa turamwizeye

  • MUTAMA NTUROTE UHINDURA KUVYO WAVUZ KO AMATORA ATEGEREZWA GUSUBIRWAMWO ABARUNDI NATWE TURI INYUMA YAWE.

  • niyemere aje murireta inyuma yimywaka itanu tuzomutora ntiyongere guhendwa nabanyeporitike

  • Rwasa Ntiyoreka Kugira Ingorane, Yamana Achanuzi Babahemu Ubuho Yahanuwe Na Kizigenza Mubaahemu. François Bizimana, Muri 2010 Niwe Wenyene Yagiye Gutora Aabakenguzamateka Umugambwe Yarimwo Wabujije. Benshi Bakangwa N, Ivyo Avuga Ntibazi Uwo Ariwe. Mpanure Abo Agezemwo Ubu, Haragira Uwihenda Ngo Araronse Umugenzi, Amugurane Ufaranga, Ntazombaze

  • Rwasa Agathon le criminel? Amaraso y’Abanyamurenge wamenye azagukurikirana niyo ushaka immunite winjizwa muri reta benizo nazo zitubahiriza agateka ka muntu. Icaha wakoze mu Gatumba wica inzirakarengane z’Abanyamurenge ubazizako ar’abatutsi ntigisaza " c’est crime imprescriptible". Ahubwo nakugirinama wo kwishikiriza Justice hakirikare, naho abo baguhenda nguje muri reta ntibazaguherekeza.

  • Gwasa kowamaz gutonda munama nshingamateka ntakamaro kuko woguma wiyamiriza ivyavuy mumatora ngurondera reta yotwara umwakumw emeribeyi. gusa sinibaza kugisenga imana nyakuri nimba naho ariyo ugisenga warayihemukiye!

  • bari bamuhenze muri 2010 niyongere asinzire NDITIJE wewe ntiyaje gutura ingiga izontebe zose

  • Bwabundi abanye politike bacubongaha Burundi twebwe abenegihugu badufata nkutuntu tutagirubwenge! Mbengezahonibazako abenegihugu turingaha Burundi tungananka million abnye politike tubereye abanwanyi babonako dusubwa numurundi umwe yibera Bulaya! Ibintakindindabikuyeko nuko twebwe abarundi ibihumbi nibihumbagiza twasidukanyeniyonka tukajakubwiririra Mzeeh Rwasa mugasadugu kamatora tuti’ injiramuri reta abariho ukomereza kuturonderera amahoro. Ariko muriboneyeko bamwe bakeya bibereye bulaya nibo arikwaradusumbisha! Ndababwizukuri twebwe abanwanyibiwe turingaha Burundi batubwiyengo durengo Mzeeh ntaje mwiyi reta canke ajemwiyireta twotora ko yoyijamwo, ariko abanwanyi biwebagenzibacu bari Bulaya ndaziko botorango ntaje mwiyi reta ninabo arikwarakorerako. Yemwe uraturambiye mutama incurozibiri wiziraguza ninyishi tugiyeguheba natwetumere nkaba Yakobo kandi ntuzodushavurire kukobiragoye ivyawe kubitahura ntawumenyako wobufise umuvumo wobugutuma utakwemerera gushingwamabanga mugihugu cawe! Naweraba rikuregereza imyaka 60 yamavuka none uzoturagango waremeye urindawasaza udashinzwe amabanga mugihugu cawe ngokugira amahoro niterambere boboneke!?.

  • AGATHON NUMUNYABWOBA NAKINE POLITIQUE ARI MURI LETA

  • OH!! RWASA ICOKIBAZO NAKURE MUMUTWE YUKOYOJA MURI LETA IMARA UMWAKA UMWE. AHUBWO NAYIJEMWO BAKORANE KOVYAMAZEGUSHIKA NTATSINDE ,TUZOMUTORA MURI2020

  • ndashimiye gwasa ariko arabe ikibereye

  • GWASA KOMERA NTUSUBIRE GUHEDWA NKUBWAMBERE WARaVYIBONEYE Kowagiye Abandi Ntibatwaye Ikiringo Nticaheze None Wungutse Iki? Ahubwo Gumako Amaso Yibikere Ntabuza Abavoma Icara Nawe Uruwuke Urye Nkabandi Weho Kuki Akimuhana Kaza Ivura Ihise Aho Mwizera Abanyamahanga Mwibaza Komurikumwe Utiyubakiye Ntawuzokubakira.

  • turindire 2020 di rwasa

  • Nta kint combabaz mur politik y’uburund nko gusubir kwumv ko rwasa yongey ubugir kand kwidohor mu nzego zatow nabanyagihug ngo zibaserukir mu nam nshingamatek. abamutor bos yob abanganish n’aban bato can kand aravy nab yopf atac amariy abamwizer bos.

  • Ntamatora Atarimwo Abarundi Bose Mbe Nibarize Nabahunze Baratoye?Mbe Abavuye Ibujumbura Ko Batatoye?

  • Intahe ahishize naho uwutemera nsimwunva igihari kandinyamukuru novugaga kuriyo nkuru kore ibiberey gukorwa hama akajagari kaveho nkuko ubu biri nyakubahwa Peter nkurunziza komera kumuheto

  • Ahubwo rwasa ntahakri afse arngne nukntu abwe bbmuhreko hma ajegkrna nbo nrndre arbe ntbna ko yrafse amavage azsnga afse uruhra.

  • Rwasa yoba yemeye ariko babitunganye rwasa nawe akihenda abanywanyi barahona kuko la ou le diable regne la famme devient 1ere ministre attention adolphe est mechant

  • Gwasa niwibukeko. ubugabo bwihabwa !!

  • Gwasa.Wentakuntuwarikuduhemukirakandi,twaritwkwizeyeivyowariwadusavyetwaritwabikoze.Ntubonakowadutayemurudubi.Ububatanguyekudukuramwokamwakamwe

  • Ntimuvug mensh kuk politique ni politique ntimuz icatmy yemer kujay rindira muzobibona

  • je ndamushigikiye turikumw kabisa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.