Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon avuga ko bidatangaje Reta yiyamirije ivyo yagirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon avuga ko bidatangaje Reta yiyamirije ivyo yagirizwa

Rwasa Agathon avuga ko bidatangaje Reta yiyamirije ivyo yagirizwa

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubutegetsi avuga ko bidatangaje kwumva Reta yiyamirije ivyashikirijwe ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho. Kubwa Rwasa Agathon, ntiribaye irya mbere ubutegetsi bwihakana ivyo bwagirizwa, kandi buterekanye ivyemeza.

Kuva aho urwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rugiriye ahabona, rukagiriza ubutegetsi bw’i Bujumbura ko buriko butanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, abarongoye Reta y’Uburundi babandanya kubeshuza ayo makuru, bakavuga ko ari ibinyoma bishingiye ku bihuha. Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko iyo urwandiko canke icegeranyo bigiye ahabona, igikenewe atari ukwihutira kuciyamiriza, ahubwo ko haba hakenewe amatohoza.

Mu kiganiro Kabizi kuri RPA kuri uwu wa gatatu, Rwasa Agathon yamenyesheje ko bitotangaza Reta ivuze ko yiyamirije ivyo yagirizwa. Ariko rero, Rwasa Agathon agatangazwa ko abo babeshuza bariko bakoresha ijambo ihonyabwoko, kandi mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU batanze amakuru y’itangwa z’ibirwanisho gusa.

Nk’uko Rwasa Agathon yandanije abisigura, ntivyari bikwiye ko Reta y’Uburundi yomera nk’iyikarira uwatanze urwo rwandiko ariwe Parfait Onanga Anyanga, kandi yabikoze kw’izina ry’urwego arongoye (ishirahamwe mpuzamakungu ONU). Ababeshuza bari gukora amatohoza bakerekana ishingiro ry’uguhakana ivyo bagirizwa.

JPEG - 33.1 ko
Rwasa Agathon, avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL

Rwasa Agathon amenyesha ko n’abashikiranganji batatu aribo Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano hamwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane batunganije ikiganiro c’ukubeshuza batakoze akazi kabo, kuko bari kwikora ku buhinga bafise, bakagira amatohoza akwiye, umuvugizi wa Reta akaba ariwe abibeshuza afatiye ku vyegeranyo yahawe n’abo bashikiranganji bishikiye ku rubuga mu matohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • ewe rwasa uriko urabahigira ubutetsi ariko uzobanze uhanuze twagiramungu na bizimungu ,kanyarengwe we yarahise abo nibo bagiye kuba zana baba kuye ibuganda bazo gucira umugani

  • Abanyepolitiki bose bakwiye kumenyako igihugu atari icibare ushobora kuragwa n’umuvyeyi wawe bakamenyako ugutwatwara igihugu arink’umuvyeyi arungitse umwana wiwe mumahanga mur’icogihe hariho impanuro umuvyeyi atekerera umwana rero iy’uwomwana azirenzeko aragira ingorane nyinshi cane rero niyo utowe ati urongore igihugu ubwambere nabenegihugu bagutora nabo n’Imana ibayabagiyemwo rero iyo urenze kurakigoro ugacawibazako watsinze kubw’inguvu zawe ugatangura gukora ivyo ushaka Imana nayo iraheza igashavura gushik’aho atamwenegihugun’umwe asigara akwiyumvamwo, rero guca utangura guhiga ury’ubona ko ahavahabwa iryamigisha wariwahawe n’ugutoteza ab’iwe wibazango nikwokugarukana yamigigisha siyonzira ahubw’ubuhaye uriyimbira icobo abakera barayamazengo :<<intabarigwa ibwigwanuko amaso atukuye>> na <UN> yadukaravye kubera amanyanga bakora WHO SHALL HELp OUR COUNTRY (BURUNDI) IS GOD ONLY.

  • Nyakubahwa Agathon Rwasa wamye urumushingantahe avugisha ukuri kuva kera ukuvuga ko reta y’Uburundi itigera yemera ikosa bobo babona ko wabivuze kubwinyungu zawe ariko twebwe abenegihugu turagushimiye kuko kuvanakera yamye urimvugakuri kandi imvugakinyoma ntizigera itsinda Imvugakuri komera turi inyumayawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.