Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon: Intwaro mfatakibanza ntakibanza ifise mu gihugu
Rwasa Agathon: Intwaro mfatakibanza ntakibanza ifise mu gihugu
lundi 8 Ruheshi 2015
Umukuru w’Urunani : Abigenga Amizero y’Abarundi Rwasa Agathon, avuga ko amatora ategerezwa kuba mu kwezi kw’umunani ariko akavuga ko ayo matora atoshoboka mu gihe ata mutekano woba uhari, kandi n’ibimenyeshamakuru bibe biriko birakora mu bwigenge.
Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru Reuters, Rwasa Agathon yamenyesheje ko gushika kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kw’umunani aho umukuru w’igihugu azoba arangije ikiringo, Uburundi butegerezwa kuba bufise indongozi zitorewe n’abanyagihugu.

Rwasa Agathon yavuze ko intwaro mfatakibanza atakibanza ifise mu gihugu,kandi ko uburundi butegerezwa kugendera kw’ibwirizwa nshingiro mu gutora umukuru w’igihugu mushasha atowe hamwe n’abashingamateka n’abandi bose batorwa.
Umukuru w’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi agasaba ko urwaruka rw’imbonerakure rwegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rwokwakwa ibirwanisho, ariko akavuga ko ico gikorwa kitoroshe mu minsi mikeya, no mu gihe cokorwa n’igipolisi c’igihugu canke igisirikare.
Rwasa Agathon avuga ko amakungu ariyo ashobora gufasha muri ico gikorwa co kwaka ibirwanisho ababifise batabifitiye uburenganzira, kandi akaba yizeye ko abafasha Uburundi bashobora guterera.
Rwasa Agathon amenyesha ko ibimenyeshamakuru bitegerezwa gusubira gukora kugira abantu bamenye ibibera mu gihugu,akamenyesha ko mu gihe umukuru w’igihugu yoreka gushira imbere inyungu ziwe agashira imbere inyugu za bose,ata nkeka amatora yigenga kandi yitabwe na bose, ashobora gutegurwa mu gihe gito.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Ruheshi 2015, 10:53, par RENOVAT
Agathon nagukunda ariko imbonerakure zikure mumutwe ivyuma vyindege Jacques YARABIGUTWAYE .IZONKOHO ZITAGIRA WEWE TWAZIKUYEHE .?NIZIMWE UTATANGA
? ZIZANE AHO WAZINYEGEJE
8 Ruheshi 2015, 11:31, par muco
Intwaro mfatakibanza ni anticonstitutionnel. Troisieme mandat, ni anticonstitutionnel. None kubwawe hagati yivyo bibiri, ubone hazohava haba iki? Wewe raba ubwawe ntushobora kwiyamamaza kuko bakubonye mw’ibarabara boca bakwica. Gouv. de transition nivyo ntanumwe ayishaka. None binaniranye gutegura amatora, wumva bizogenda gute none? Hamwe wosoma iyi message wotwishura kugirango tumenye la solution wotuzanira tukava muri aka kaga! Uwo Renovat nawe, nibaza ko atariweaserukira imbonerakure, nibaba batamuhaye abandi barabahaye!
8 Ruheshi 2015, 12:01, par KAMWEMWE
EREGA RWASA UWO MUTEKANO NIMWE MURIKO MURAWUHUNGABANYA.VUGANE NA PACIFIQUE MWIHANE MUKURE ABO BANTU MWIBARABARA MWONGERE MUBAKE N,IVYO BIGWANISHO MUGUMA MUBAHEREZA NGO BAGUME BATOBA KUGIRA BIBONEKANE KO ATAMUTEKANO URI MUBURUMDI.HANYUMA MWITOZE KANDI MUZOTORWA IMANA IBISHATSE.HA,YAMARA WEWE GWASA NTUMENYERWA NYOMBA UZOREKA GUHENDWA RYARI?NKA WEWE NTIWOVUZE BIREBIRE WOSHIGIKIYE MWENE WANYU KUKO HARYA WEWE UHAYE UGWANYA MUKUGWAYE MUVUKANA.NTASONI??
8 Ruheshi 2015, 12:58, par ndiho
waruvuze neza ariko uca urabitoba mukuvuga ngo imbonerakure zahawe ibirwanisho kuva imigumukp yabo bamenja bibinywamaraso itangura haraho wigeze kubona imbonerakure iza guhungabanya umutekano kobaduturije amapine amagrenade agaterwa hirya nohino musemerara ngo nimbonnerakure bafashwe ntimwiboneye neza kwaraba MSD none muracahoha ngo imbonerakure ico mbonaco urikuravayo kuko utandukanije nabatagomba ko haba amatora
8 Ruheshi 2015, 13:09, par James
kamwemwe na renovat sinzi ko batoba ari inyoni zitorera kumunwa?ariko rwasa nyamutekano muke awuteje gute ko mbona edouard nduwimana na nkuru bamuburagije mukuguma bamwaka umugambwe bashaka no kumwicana numugore wiwe?ngo ni mwene wabo?urazi icari catumye ahunga ubwambere?si nkurunziz yategerezwa gufata iryanyuma kumutekano wa rwasa?ubwenge bwanyu niho bugera ntawobarengana kuko ntimuzi uko bamuhize.iyakabunvye niyo izokamena,kirakurira mu babaji.rwasa wahirwa nuko Imana igukunda.
8 Ruheshi 2015, 13:24, par John
Mutama Wacu Muragiz Neza,natw Turagushigkiye,komera
8 Ruheshi 2015, 13:56, par PETIT
MBEGA IYUNGURUZWA RY’AMATORA RIZOSHIKA KUKI?TWIBUKE KO IBOMBORA BOMBORA MU IHUGU C’UBURUNDI RYATEW N’UMUGABO UMW AVUGAKO IMANA ARIYO CABONA.
8 Ruheshi 2015, 14:22, par ongeya
Akamo ngira ntere aburundi..murabona ko mumaze 10 ans babatwara bata ku biti no ku mabuye..mukaba mwaragaragaje imbaraga zanyu mukwiyamira iyo ntwaro y’agahotoro za Peter Nkurmbi nako karwi k’ingurube ziwe ba Adolphe,Nyamitwe Ndakugaririka,Rwembe na Kazungu hamwe n’ivyo vyana vy’ingurube vyitwa ngo ni Imbonerakure,,,nobasaba ko mutocika intege nagato,kuko hamwe mwomureka akitoza murazi ko instinzi yiwe y’amatora ari y’ubusuma ivyo murabizi,,,,nimuce mwihweza kandi aciye atwara iyindi 5 ans???ubu nukuvuga ko azobatwara abanya mukanwa ntabwo muzoba mukibaye abaja ba Peter Nkurumbi ahubwo muzoba mubaye abamaraya biwe...kuko azoba yamaze kubona faiblesse zanyu,,,bisigura ko azoca yipanga neza kuburyo azokwiyegereza igisirikare n’igipolici maze na 4e mandat azoyiha na 5e azoyiha maze uwanka yangare canke yicwe,,,,mumenyeko azoba yipanze neza kumwe kwa Habyarimana mu rwanda igihe hategurwa genocide yi 1994,kuko igisirikare n’igipolici kizoba gifise uruhara nkurwa FDLR hama imbonerakure nazo zizoba zifise uruhara nk’interahamwe nakare barikumwe nubu,hama abatutsi basoba ari abo bose bari muri opposition badasangiye ibitekerezo na Peter Nkurumbi....duce twiyumvirero rero,ko abatutsi bo mu rwanda batabawe na FPR Inkotanyi,abri muri opposition y’ubutegtsi bwa Peter Nkurumbi se bobo bazotarwa nabande ???????
8 Ruheshi 2015, 15:15, par Jambo
Rwasa, mu ncamake Nkurunziza agomba gusokorora candidature yiwe mu matora Uburundi bwimirije kugira ibisigaye vyose bigende neza d’ici le 26 Aout.
8 Ruheshi 2015, 15:38, par miburo
Niwishinga abo murikumwe amatora aragusiga kandi abarundi twari twitezeko uzohindura vyishi kufise abagukunda uwariwewese nimuhiganwe uzomutsi
8 Ruheshi 2015, 16:11, par Nestor
Ndumva uvugukuri
8 Ruheshi 2015, 16:50, par Lead
Une question a mon vieux copain Rwasa: que choisirais-tu entre une transition concertee d,un an et une fraude electorale certifiee? Je connais deja ta reponse.
8 Ruheshi 2015, 16:58, par ongeya
Ahiganwe nivyo bisuma vyamaze amahera y’igihugu bonanirwa kw’iba amajwi y’amatora???
8 Ruheshi 2015, 17:50, par ERIC I GITEGA
KOMERA KU MUHETO MUTAMA AGATHON RWASA UBURUNDI NTAWUNDI BURINDIRIYE ATARI WEWE
8 Ruheshi 2015, 19:04, par Elie Niyomukunzi
Intwaro mfatakibanza si nziza,ariko amatora y’ihutihuti ntayo dukeneye.Bibaye ngombwa amatora azoguma yunguruzwa gushika leta ibonye ko twese dutegerezwa gutora
8 Ruheshi 2015, 22:23, par burundi
mbenone mubona amatora yoshoboka gte ama radio yigenga atariko arakora ?amashirahomwe adaharanira ivyicaro vya polotice atariko arakora ?
9 Ruheshi 2015, 06:27, par SABUSHIMIKE JAPHET
GWASA IVYIYUMVIRO VYAWO NIVYIZA UBONA YABA ABANDI BANYEPORITIKE BAFISIVYIYUMVIRO NKIVYAWE IKIBAZO KIBACARAHEZE ARIKO UHANURE ABAYOBOKE BAWE BAREKE GUSEVYA INZEGO ZIGIHUGU KUKO AHOBUKERA INTAHE NIYAFATIJAMBO BAZOZUGUMIRA PEREZIDA NAGIRAGUSABE NTUHENGESHANYE GUSENGA KUKO IMANA NIYO YAGUNSHIZEHO NUBU IRAKUBONA NTACUZOBA
9 Ruheshi 2015, 07:38, par DEMUS
AMARADIYO N,IBIMENYESHAMAKURU NIBIKORE KUGIRA AMATORA YABOSE ABE KUMUGARAGARO ,EQUILIBLE IBE MUNZEGO ZOSE KUGIRANGO IGIHUGU KIRONGOGWE BOSE BAVYUMVA KUMWE.
9 Ruheshi 2015, 07:42
AGATOWE IVYIWE VYARARANGIYE AHOYARINZE AREKAZIRYANTEBE.IVYIWEVYARANGI IGIHUGUCUBURUNDI NTIKIZIGERA GITWAGWA NUMUMUNTU AGIRA UBWOBA.REKA NKURRUNZIZAYITWARIRE UWONUMUGABO ATAGIRA UBWOBA%MUTAMANIBAKWIHOZE MUTAMA.
9 Ruheshi 2015, 07:43
AGATOWE IVYIWE VYARARANGIYE AHOYARINZE AREKAZIRYANTEBE.IVYIWEVYARANGI IGIHUGUCUBURUNDI NTIKIZIGERA GITWAGWA NUMUMUNTU AGIRA UBWOBA.REKA NKURRUNZIZAYITWARIRE UWONUMUGABO ATAGIRA UBWOBA%MUTAMANIBAKWIHOZE MUTAMA.
9 Ruheshi 2015, 07:59, par NDUWIMANA
NYAMURENGE BACU MWANIGAGUYE NTUGIRE NGO TWARAVYIBAGIYE RWASA......MBEGA WEWE KO UDAHUNGIRA MU RWANDA NKABANDI?WEWE UBONA KURE ARIKO NKUBU BAZOSUBIRA BAGUHENDE WIRUKE BABANDI...!
ARIKO RERO ABANYWANI BAWE BAMAZE IMISI BATOTEZA ABA DD NTUGIRE NGO NTITUBIBONA ARIKO NTAKIBAZO.
9 Ruheshi 2015, 08:24, par philbert
Hahhahaa Rwasa yonze kweli!! Agomba kwiyunga na Nditije bagire FNL PALIPE TUTSI? Waratumaramaje twebwe abanywanyi bawe
9 Ruheshi 2015, 09:22, par jadis uwimana
mutama rwasa nukuri yaco wishinga abo bantu baguhenda kuko babona urumushingantahe wijunja nijambo uyu mwaka niwewe uri president vyanka bikunda rer reka kujuragiza abanywanyi bawe guma mumatoro yose kuko wikuyemwo bazoca bagira ngo ntanguvu ugira komera mutama rwasa amajwi ufise nimeshi aho nciye hos numva ati uyumwaka ni rwasa tuzogiha tora rwasa numushingantahe
10 Ruheshi 2015, 10:52, par abdulli
Nkurunziza Nibamuveko Kandi Nibamureke Atekane Kuko Ntamuntuntu Atamukunda Kandi Ntamuntu Atomwibuka Kuvyo Adukorera Ahubwo Abo Batamukunda Nibo Bashaka Gushira Igihugu Mukangaratete,
21 Ruheshi 2015, 18:19, par Murundi
Fe’ricien
22 Ruheshi 2015, 21:26, par Mugisha
Amatora azingamitswe na mandat ya 3 hamw na cni mugabo iyaba vyoshoboka iyo cni igahindurwa ntankeka na president yoca asokora kuko niyo imutuma akongatara kuri iyo ntebe y’umukuru w’igihugu kuko azi ko itomutsindisha
22 Ruheshi 2015, 21:27, par Mugisha
Amatora azingamitswe na mandat ya 3 hamw na cni mugabo iyaba vyoshoboka iyo cni igahindurwa ntankeka na president yoca asokora kuko niyo imutuma akongatara kuri iyo ntebe y’umukuru w’igihugu kuko azi ko itomutsindisha
2 Mukakaro 2015, 20:44, par JOAS
KOMERA MUTAMA.ARIK NTUZOHEB AMATORA
2 Mukakaro 2015, 20:44, par JOAS
KOMERA MUTAMA.ARIK NTUZOHEB AMATORA
2 Mukakaro 2015, 20:45, par JOAS
KOMERA MUTAMA.ARIK NTUZOHEB AMATORA
12 Mukakaro 2015, 09:48, par NIYONKURU Jonathan.Marenga-karusi
Numva mandat ya3 Itoba ugwitwazo kubanyepolitique kuko birazwi nezako Petero NKurunziza abarundi twamutoye rimw reka amatora adukuremwo ayo macakuburi.abadashaka amatoro n’injavyi zigomba kuduta mukaga.
12 Mukakaro 2015, 09:49, par NIYONKURU Jonathan.
Numva mandat ya3 Itoba ugwitwazo kubanyepolitique kuko birazwi nezako Petero NKurunziza abarundi twamutoye rimw reka amatora adukuremwo ayo macakuburi.abadashaka amatoro n’injavyi zigomba kuduta mukaga.