IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon : Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa avuga nk’umunywanyi wa CNDD (...)

Rwasa Agathon : Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa avuga nk’umunywanyi wa CNDD FDD

jeudi 21 Myandagaro 2014

Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL abona ko imvugo ya Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa ataho itandukaniye n’iy’umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Ivyo abishikije inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa ivugiye ko Rwasa Agathon atazohabwa urupapuro rwerekana ko adafise ibimukurikirana mu butungane, urwo narwo rukaba ruri mu bisabwa ku muntu ashaka kwitoza.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnès Bangiricenge, yamenyesheje kuri uwu wa gatatu ko abanyeporitike babiri, aribo Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, hamwe na Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, batazohabwa impapuro zemeza ko badafise ibibakurikirana mu butungane (attestation de non poursuite judiciaire), kuko ku bwiwe bakurikiranwa mu butungane. Agnès Bangiricenge amenyesha ko urwo rupapuro ruhabwa abadafise ibibakurikirana mu butungane, akavuga ariko ko Rwasa Agathon na Ferederiko Bamvuginyumvira bafise amadosiye y’imanza zabo akiriko aratohozwa n’ubutungane.

Rwasa Agathon, umwe muri abo banyeporitike babwiwe ko batazohabwa urwo rupapuro, amenyesha ko iyo mvugo ya Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, idatandukanye n’iy’umunywanyi wa CNDD FDD, mbere Rwasa Agathon akabonamwo ubwoba bwo gutinya guhiganwa nawe. N’aho mu bisabwa kugira umuntu yitoze hajamwo urwo rupapuro yabwiwe ko atazoronswa, Rwasa Agathon amenyesha ko uko bigenda kwose azokwitaba amatora yo mu 2015, akavuga ko azobicishije mu nzira zose zishoboka.

JPEG - 69.9 ko
Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL

Mu gihe asanzwe afise ubudahangarwa vy’agateganyo, Rwasa Agathon yibutsa ingingo y’8 y’itegeko rigenga amatora, ivuga ko uwahawe ubwo budahangarwa abugumana gushika hashizweho sentare idasanzwe izocira urubanza canke ikeza uwo aba yagirizwa icaha. Rwasa Agathon agatangazwa n’ingene mu 2010 bamuretse akitoza ubu akaba ariho bariko bashaka kumwankira mu kwitwaza ko akurikiranwa n’ubutungane. Ku bwiwe rero, imvugo ya Agnès bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa igaragaza ubwoba bwa CNDD FDD bwo guhiganwa nawe, kuko nk’uko abishikiriza atumva ingene batoye we na Ferederiko Bamvugimvira kandi batari bwasabe n’urwo ruparuro bavuga ko batazohabwa. Rwasa Agathon ati : « Nzotegerezwa kwitaba amatora mu 2015, inzira zose zishoboka zizofatwa. »


Egide Nduwimana

Messages

  • Mutama, ivyo bagira vyose turinyuma yawe natwege turino mumakungu turagushigkiye utegerezwa kwitoza tuguhunde amajwi ubogore uburundi. Aho bukera ino mukarere ka afrika y,ubumanuko yose buca twerekana ko tugushigikiye komera

  • jewe mbona bomureka akitoza ntampamvu yotuma bamukumira

  • Ikibabaje n,uwo muvugizi wiyo sentare ariko yiteranya ariko naba DD barabe neza uwo muvugizi ntabakwegere kuko Rwasa azotwara uburundi kandi bibuke ijambo Ndadaye yavuga abwira abaporona.Muzokwica Ndadaye nti muzokwica ba Ndadaye.None siko vyagenze ubwo rero baribesha Mutama igihugu urakibogora.Ntibareke muhiganwe,erega uratinyitse mutama.

  • Pour les DD, tous les moyens sont bons y compris ceux illégaux pour que leur "en haut" continue àrègner sans partage sur le Burundi. Que ce dernier s´appauvrisse, que la population souffre, ce n´est pas son problème. "Amatora azogenda neza cane".

  • Isenyuka rya CNDD-FDD rizoba riteye ikigongwe pe. Erega ivyo bakora bibaza ko bene Burundi tutabibona? Tuzobakenyura nkuko twakenyuye UPRONA muri1993. N’ubu bakaba batarabisobanukirwa.

  • Yohooo!CA GIHE CAGEZE Pe!!!Kandi AMATORA AZOGENDA NEZA Caaane,BAKINDA BAGARAMYE,BICARA Azogenda NEZA cane ICABONA n’IMANA Yo mw’IJURU.

  • Abo ba DD nkuko bakunze kuwicira,bakindisha inyo,bakindisha amazuru,mutama agatto RWASA izokwitoza,haba mungumi c’anke imigere.

  • Biratangaje gose kuko rwasa afise ubudahangarwa nka burya aba DD bafise rero nibareke kugira ubwoba kuko vyanka vyakunda araja mu matora kuko amategeko arabimurekurira.nayo uwo Agnes yitwa ngo arongoye sentare ntahinyuzwa baramuhenda kuko je mbona kugeza ubu atazi ico ajejwe.komera mutama rwasa ntibaguce intege 2015 ni rwawe.

  • Ibuye risohotse ntiriba ricica isuka aho rero ntibateshwe bate komera mutama abayayata nabo bubaretse.

  • kuvake narindi ikumirana ryamye rivyara ingorane rindira bamubuze kwitoza uzorabe,uwokoramatohoza kubibi vyabaye muburundi ntanumwe yokwitoza mbaye nka petero mukinda mugaramye mukikamye ukomusha azitoza iryoterabwoba nimureke.

  • Komera bwana,ubabwiye neza kuko abo bantu basigaye bagayana vya danger.Urabona bagafata ubutungane qui est cense d’etre un instrument de la nation bakabuhindura ubw’akarwi k’abantu.Kuko jewe n’iyo bibintera murushinge sinshobora kwemera ko bariko babikora pour l’interet du parti cndd-fdd mais d’un petit groupe mafieux.Ariko nibatihanura bizobahindukirire abo ubwabo.

  • Intsinzi irarara kwa Rwasa

  • Turavyemeye ko atazitoza.sentare nishire mungiro urwobaciriye uwutwara ubu kowumva ishigikira amategeko.murihenda mutanga karangamuntu ku nzoya mutanga yeboyebo n,umuceri mwareka bayiiiii murabizi na 2010 ko yariwe.ubu rero mwobaza uko Buyoya vyagenze mu cibitoke yabona stade yuzuye akibaza ngo afise benshi kumbe naba frodebu gusa namwe mwaribagiye ko umurundi umwereka ko umwanka akaguhisha ko abizi uwundi nawe ngo uwurinda neza umurima awuhagararamwo mwirukanye abo mwasangiye urugamba mwinjiza ba Nduwimana muzi ngo n,urukundo babafitiye.

  • Mbega iyongesowereka Burundi bwejontasoni,gumahamwe umureke mutamanawe abogore uburundi nabenebwo.ntutinye uwonumuvyeyintazogusubirizamunkoko kubibiwamukoreye.

  • niwirekere mutama kwimena umutwe uburundi subwa ba dd nubwacu twse aho barihenda ukuyibako barabiz nabonyene ko ari bidashoboka .nkuko atamitima bagifise bamwe muribo baracizey ubusuma nibateshw bate birabire ubu tigu burageze babanze barire biyuhe amosozi ni vyuya. FNL itegure gutwarira bose

  • hahhah Abarundi natwe naho dufise amambo menshi jewe mbona ataco bitwaye kukwitoza kuko ntacobuza umuntu kwitoza kuko nihiganwa muyandi jewe nta numwe shigikiye murabo bose bahiganwa ariko RWASA izina ryiwe borishira mu bihangange bizohiganwa Nkuko avyipfuza natsidwa akitahira .

  • Ati urucira mukaso rugahitana nyoko,umwana yankwa niwakura,Rwasa ntacobuza nakimwe koyitoza 2015 kuko agifisubudahangarwa,ukwogushakakumunigira mumeshi murikumufasha kwiyamamaza,mbenkurunziza ntabanyeshure babatutsi yahoneje Ibuta?aba DD murikwiyimbira icobo ntimurikubibona.

  • Ivyobavuga ngo Mutama Rwasa ngo ntazitoza,ukwo nugusamaza abarundi aho barimuvyokwibwa amatora ntabindi barimwo muragabe kuko turabamenyereye kuko nta DD ishoboye atari kwibamatora nubwicanyi butagirizina, aba DD twarabahinyuye.

  • ABATAZI ICO IMBWA YABONEYE KU MUGEZI
    AHO BAVUGA NGO NTAZITOZA BAMUCIRIYE URUBANZA RYARI?
    MBE NKURUNZIZA WEWE KO YARI YAKATIWE URWO GUPFA KO ATAKURIKIRANWA?
    TUREMERA NIBAKUZE KUMURONGO NTANUMWE ADAFISE ABAMWIDODOMBERA YAGIRIYE NABI

  • Komera mutama wacu barihenda kandi bafise ubwoba bwinshi abarundi turinyumayawe barihendaintsinzi nikashi kuri FNL ahubwo urya yavuze ngo nukubagirira ikigongwe nivyo kuko bazi amabi badukoreye barabona kwataho bokwigwa nubu baradutoteza tukabasengera gusa rero nibatembe neza bananye tuzobatembagarizamurusizi bose

  • Biratangaje cane kubona uyo mupfasoni yegamirikibingo burya ntabona ko abo ariko akorera basigaje imisi iharuriye kuntoke. Haha n’impumyiyobibona, hama mutama Rwasa nawe nibamureke akore politique we yayize abatayize basubire kw’ishure umwanya uracariho.CNDD-FDD n’agahwane.

  • Kugihugu cuburundi ntamunyepolitike numwe adafise i case yagirizwa kubwivyo rero Rwasa na Sinduhije nibicare bayage ingene bazotwara igihugu intsinzi ni cash banse koyitoza naho bazokwemera nabi bicishijwe munguvu abu harageze ko abanyagihugu twikura umwansi kwizosi aba DD nukubomora,twebwe abanyagihugu tuzobomoza amabuye nko muri Egypte.twebwe turi muri Kenya turarindiriye 2015 duce dutahuka komora izontazigusoma.

  • ICOKIJUJU RWASA CAGIYE KUVA MUMATORA 2010 NIWE YATUMYE ABA DD BATWARA NABI. NDI UMU DD ARIKO RWASA YATUGIRIYE NABI KUKO ABO BA DD BADUTWARA NABI CANE .NAKORE UKO ASHOBOYE AZITOZE NTITUZE TUBATSINDE KUMAJWI MENSHI.

  • Nagomba Mpanture Urwa Ruka NKanj IVya Politik Ntibavyitemwo Birirw Barimena UMutwe Aba D D Bashirimana IMbere Muvyo Bakora Vyose Wumva Yoreka Kubahezagira Gute? Nimutekana NTawovuma Uwimana Yahay UMugisha

  • Barumwete nukur ukomwabigenje 1993 namba ark muzobigenza muzobishobora ark ntimuze musese amaraso nkayasesetse muri 93 mwob mukoze

  • Aba FNL mwese nimukomere kumuheto kandi mwitegurire kwigina INTSINZI ya 2015,nzanabona ubwoba bwaba dd,sinababwiyko abdd batazi politique bazi kwica no kwiba,kobavgako batwariranezabene gihugu,nibareke bahiganwe na Nyenicubahiro AGATHON RWASA,bareke gutinya,murahumba ntaho mucika muja,ABANAMARIMWE twese dukomere,

  • ARI KO NGO NTABURENGANZIRA BWO KWITOZO AFISE!!!!!!!!!!!!!!ni bareke bitoze mbega uwo bari baraciriye urwo gupfa ko mwari mwara muretse?????? reka abandi bitoze ababishako bose .MUTINYA IKI??? ko mwobazwa aba ntu mwamaze?ABA FNL ,ABA MSD,ABA FRODEBU ,BITEBE BITEBUKE ABAKOZE IKIBI BOSE BAZISHURA. UWUZORAMBA AZOBIBONA.
    ejo si kera ejo nubu.

  • Ntimurire musarare ntamvur’idahita ivyabaye 1993 ntawutabibonye abatabibonye nabo baravyumvise ntawarazi ko UPRONA yovuye kubutegetsi none rero bitebe bitebuke iyakoze biriya nibind’izobikora nkaba nashaka gukebura CNDD-FDD ko bogarukira ururirimbo ruharanira umugambwe wabo abarundin’abarundikazi bagire ukwishira nokwizana bakurikize iragi ryanyakwigendera umukuru wigihugu Merchiol NDADAYE

  • Ndazorewe sinarinzi ko mu Burundi hakiri abategetsi gito nka AGNES BANGIRICENGE,invugo nkizo naziheruka kubwa BUYOYA aho yirukana ABAHUTU aziko bazohera hanze none akabaribo baramutswa umukuru wi igihugu.Mbibutse invugo ya Nyakwigendera FILEMONI ari mukirundo ati :(( abo bana babahutu mwirukana bazogaruka ariki)) mbarira abunva...........Ugwego gwo gutohoza no kurekuriranira mwaretse kurushiraho kare kugirango nimwegereza amatora mubone kurushiraho rubabere inkinzo yo gukumira abandi? mwibuke ko Inyama mbisi ivyura iyumye.Abafise imanza zibarindiriye mu Burundi bangana gute mwibagiye ko na NKURUNZIZA PETERO nwe nyene kwarimwo none uyumusi siwe President? Nimureke gutinya ubusa amatora akogwe benumurango babona kandi uwariwe wese abishoboye yitoze maze turabe uwo abanyagihugu bazitorera.Nanje ndi munjira nja kwitoza naho ntaba mu Burundi kuko ndi umurundi abanyaguhugu nibanshima bakantora muzonyagiriza ko ntahora mu Burundi ? haracariho ubudahangagwa ,none abantu mutinya iki ? Rwasa atume muvuga ayamuhe ?Ntimubona ko muri kumumenyekanisha mu banyagihugu kandi igihe co kwiyamamaza kitaragera ? mumuhaye gutsinda amatora ataranaba.AGATHON RWASA uri umugabo.,tukuri inyuma.

  • Ewe Elie Ntungwanayo wahavuye utambaye ibara, mugabo jewe ntivyontangaza ngira na porte parole wa enseignement supérieur ntivyamutangaza kuko waramuciye imbere. None uwagusubiriye ntaco aguhanuza?

  • Ahubwo aba DD nsanze ari abakehabwenge.Nikuki mutinya Rwasa umuntu atan’umugambwe afise? Biboneka rero ko Agathon akomeye azohava atsinda n’amatora.Rero nciye mbona ico iyi ntwaro itinya.Ntitinya gutsindwa amatora, ahubwo itinya ugukurikiranwa kwabo kuzokurikira inyuma y’amatora.Mumenye ko amabi yose mwakoze:ubwicanyi ndengera butungane, ubusuma, nibindi ko bizobakurikira.Nubwo mutinya,Nkurunziza,nagomba nkubwire ko Rwasa aragusubirira.

  • courage gerard muga ntaze asubire guha umugongo abo ariko arasoza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.