IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa: Ikibazo c’ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza ntikiraba amoko

Rwasa: Ikibazo c’ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza ntikiraba amoko

mardi 28 Ndamukiza 2015

"Ikibazo c’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ni ikibazo kiraba abarundi bose, ntihagira uwushaka kukizanamwo ikibazo c’amoko", bivugwa na Rwasa Agathon, avuga ko arongoye umugambwe FNL utemewe n’amategeko.

Mu gihe haciye iminsi igera kuri ibiri yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu gisagara ca Bujumbura, Rwasa Agathon amenyesha ko ikibazo c’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kiraba abarundi bose. Amenyeshako ata murundi numwe yokwemera ko amategeko ahonyangwa arorera. Arongera akamenyesha ko atanumwe yohirahira ngo akizanemwo ikibazo ca moko, kuko umuhutu, umututsi n’umutwa ntanumwe yipfuza kubona hari umuntu ahonyanze amategeko y’igihugu ciwe cane cane ibwirizwa Nshingiro.

Rwasa Agathon, arongoye urunani’’Amizero y’Abarundi’’ avuga kandi ko hamwe Petero Nkurunziza atokwisubirako ngo ahebe kwitoza mu matora twimirije, ayo matora ashobora kutaba kuko kuyajamwo ataco vyoba bimaze, kuko ku bwiwe, Petero Nkurunziza aramutse yitoza azoba ahonyanze Ibwirizwa shingiro ndetse n’amasezerano y’i Arusha.

Tubibutse ko inyuma y’uko umugambwe CNDD-FDD itangiye Petero Nkurunziza ngo azobaserukire mu matora twimirije, imigambwe itandukanye ndetse n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike baciye bahamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara biyamiriza ico ikiringo ca gatatu. Ivyo ni kuva mu gatondo ko kuri uwu w’imana 26 Ndamukiza.


Alida S.

Messages

  • Abanyepolitike bacu barantangaza cane. Mbega baribazako bose tubazi nivyiyumviro(ideology)vyabo?bararondera gukwepa ibintu bakibagirako uja mwishamba utazi ukahaca inkoni utazi. Nibemere bavuge ibintu uko biri niho ninyishu yoba eficient. Habimana yavuze gute samedi apres yo kwemezwa kwa Nyakwubahwa Nkurunziza?

  • Yoo!!Mana Tabara Uburundi Kuko Abarundi Barashe Urwaruka Rwo Turagowe

  • Mr Rwasa, c’est maintenant ou jamais!

  • RWASA BUREKA GUFATA IBINTU MINENERWE WANA BA MUVUGISHA UKURI KUKO ABARUNDI TWARACIYE UBWENGE

  • Rwasa azi kuvuga discours ntakindi.

  • NONEKOBITARABA UBWOKO ABARUNDITUKABA TUKABATURIKOTURAHONA NDETSENABANYAMAHANGA BIVAKUKI

  • Ikibazo ni kimwe: "ikiriko kirakorwa kugira ngo ibi ntibijemwo ubwo ko ni igiki?" Mbega twibagiye ko mu Burundi ibintu tubibona en termes HUTU ou TUTSI.

  • Twese turangana imbere y’amategeko,uyo muperezida ni umunyagihugu nk’abandi, arenga amategeko yitwaje iki? tuvire hasi rimwe tumwiyamirize

  • Gwasa, urateye ikigongwe, mbe burya uhora wicara ukibaza aho wavuye , imbere n inyuma yamatora ya 2010, urya muntu yakubeshe ngo uve mumatora ntawe ubona impande yawe? Kanura ubone kure ,abo ntarukundo bagufitiye, nturabe ako karimi bagusasako uzokwicuza munyuma. Sanga umugambwe wawe hama witoze bareke kuza baraguhenda.

  • NIBAZA KO NYAKUBAHWA RWASA;WE YOGIFATA ATOREKURA YIBUTSE UKO YATWAWE N’ABAMUHENZE 2010!MUGIHUGU C’UBURUNDI NTAMOKO Y’ABATUTSI CANKE Y’ABAHUTU NDETSE NAY’ABATWA AKWIYE KUVUGWA,KUKO TWESE TWONSE URURIMI RUMWE.BARABAZE AHAVUGWA AMOKO NYAMOKO INGENE BIMEZE.MURI MAKE IBI BIRIKO BIRABA VYATEWE NA CNDD-FDD,KUKO NIYO YEMEYE UTUDUMBIDUMBI TWIMIGAMBWE ITAGIRA IFATIRO.NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU AZITOZA NIMBA IBWIRIZWA SHINGIRO RIBIMUREKURIRA NTATINYE ABAGUMUKA ATAFATIRO.NKAHAMWE YOREKURA KUBERA UBWOBA;BAZOBA BARONSE IKIGWANISHWA GIKOMEYE KANDI BOCA BABONA KO VYOSE VYOSHOBOKA BAGIYE MUBARABARA KANDI BATISUNZE AMATEGEKO.MURAKOZE.

  • GUTANGA ICIYUMVIRO CAWE NI VYIZA!ARIKO RERO MWIRINDI KUVUGA MU KIBANZA C ABARUNDI TWESE!DU MOINS JEWE MU NKUREMWO!HAMA NDASABA INZEGO Z IGIHUGU KO ZOMERA MAGABO MAZE ZIBURIZE MWO ABO BAGUMUTSI!KIMWE GUSA AMATEGEKO YUBAHIBIRIZWE!ARIKO KANDI N UKUBICISHO MU NZIRA YEMWEWE N AMATEGEKO!NO A LA VIOLENCE!NON AUX MANIFESTATIONS! OUI AUX GUTANGA ICIYUMVIRO CAWE NI VYIZA!ARIKO RERO MWIRINDI KUVUGA MU KIBANZA C ABARUNDI TWESE!DU MOINS JEWE MU NKUREMWO!HAMA NDASABA INZEGO Z IGIHUGU KO ZOMERA MAGABO MAZE ZIBURIZE MWO ABO BAGUMUTSI!KIMWE GUSA AMATEGEKO YUBAHIBIRIZWE!ARIKO KANDI N UKUBICISHO MU NZIRA YEMWEWE N AMATEGEKO!NO A LA VIOLENCE!NON AUX MANIFESTATIONS! OUI AUX DIALOGUES!

  • rwase we vamuri ubwo bwoba mbega ko umera nkatwebwe tutagiye kurugamba bary amafaranga naw ubona kand waragwanye ishamba urizi ahubw komeza kugira bihinduke nkuko wabisha kuko ga ncut bansumirinda nibenshi ariko uzorye ugaba kuko nawe numera nkabandi mawe tuzokwiyamiriza murakoze

  • mutama rwasa baraguhenze ukiri muto muri 2010 urdmera kandi ivyo waciyemwo ari vyinsh kanura ubone kure ntibakwongere nakare ngo:<<igiti ngo ntikigukora mujisho kabiri.>>

  • Mutama rwasa komeza mutanga umuco kurivyo vyose twebw abarundi tutazi.komera kwibanga mwahaw.irambire murivyos nahose.

  • Mutama rwasa komeza mutanga umuco kurivyo vyose twebw abarundi tutazi.komera kwibanga mwahaw.irambire murivyos nahose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.