Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa :’’Ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ifuta ibwirizwa (...)
Rwasa :’’Ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ifuta ibwirizwa nshingiro’’
mercredi 6 Rusama 2015
Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga amizero y’abarundi, avuga ko ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yo kwemeza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afise uburenganzira bwo kwitoza ku kiringo ca gatatu, ari gutembagaza ibwirizwa nshingiro.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC, Rwasa Agathon yavuze ko ivyo sentare yakoze yafuse amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi vyabonetse inyuma y’igihe kirekire.
Ku bijanye n’uko abakenguzamateka 14 bayituye batoba bari babifitiye uburenganzira, Rwasa Agathon yavuze ko ubwo burenganzira bari babufise ariko ko babikoze ukutarikwo, kuko bari kuyitura umurwi ujejwe gutegura amatora CENI umaze kuvuga ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu kurenze ibwirizwa nshingiro.
Rwasa Agathon akavuga ko bamwe mu bagize iyo sentare bemeje iyo ngingo batewe ubwoba, kuko ikivyemeza ari ihunga ry’uwahora ari icegera c’umukuru w’iyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro Charles Ndagijimana, asigura ko bisunze ingingo ya 96 y’ibwirizwa nshingiro, umukuru w’igihugu ashobora kwitoza kuko iyo ngingo yerekana ko umukuru w’igihugu atorwa n’abanyagihugu ijwi ku muntu.
Charles Ndagijimana avuga ko ibiri mu ngingo ya 96 y’ibwirizwa nshingiro bitandukanye n’ibiri mu ngingo ya 302.
Van Naris Mugisha
Messages
6 Rusama 2015, 10:50, par Mélchiade
Nanje Ndashigikiye Pita Kuko Nanje Namutoye Rimwe Nshigaje Rindi Rimwe
6 Rusama 2015, 11:39, par Nishimwe Désiré
None Ibwirizwashingiro Koritorwa Nabarundi Bose Kuki Batotubaza Uko Tuvyakira Aho Gusubiza Inyuma Igihugu. Twedusaba Amatora Ari Uwuvyemerewe Namategeko Canke Uwobavugako Atavyemerewe Nuko Bose Boja Mumatora Twe Tukabatatura. Utsinze Agatwarira Bose Uwutsinzwe Akihangana Nayo Ahandi Numva Impande Zose Zidaditse Ivyonavyo Bigakwegera Akarambaraye Twebanyaruncari Turya Duciye Ingero. Kuko Bobo Bafise Nuburyo Bwoguhunga. None Ho Mwokumvikanye Tukaja Mumatora Mugira Mutume Turyana Nkamarima Nimiswa. Twebwe Ubu Tuzoraba Ukwihangana Kwanyu.Uwanka Umurundi Amukwegera Kwanka Mwenewabo Hamwe Numubanyi Tubasabe Muhuze Umwewese Ataravye Inyungu Ziwe Ahubwo Kurukundo Akunda Abarundi.
6 Rusama 2015, 12:10, par KAZIRI
UKURIKIRA UBWIJE KWELI. ARAHAVA VYANKA BIKUNDA KUKO NUMUNYAKUZIMU AKWIYE
6 Rusama 2015, 12:24, par joe
Mbe ndakubaze ga Melchiade Pita yakoze iki depuis 10 ans?
Ngomba umbarire ibintu aumoins bibiri.
6 Rusama 2015, 12:28, par JUVENAL B
ntibitanaje kuko niwe yayishizeho ntiyariku mucira rubi.
6 Rusama 2015, 14:36, par Ni agatukisha
@Joe
Ivyo yakoze vyo ni vyinshi. Bibiri tuzomwibukirako ni ibi:
1. Ubunyonyezi butari bwaboneke.
2. Guhonyanga ibwirizwa nshingiro
6 Rusama 2015, 16:41, par Justin
Ukuri Kwarahez Rwagasore Na Ndadaye Nibo bagutwaye Mugihe Bozuts Bokugarukana Nuwundi Yakuvukany Ni Mkombozi Naw baciy bamwomora!
6 Rusama 2015, 19:15, par manirakiza
Nykubahwa Rwasa wihenze cane.Ingingo ya cours constittionnelle yadusobanuriye twebwe banyarucari twumva kandi tutarwanira intebe ya president de la republique.Nshimwe DA ivyo avuze tutrabishigikiye gose.
kandi mubandanije iyo bras de fer tuzobacamwo.Nawe wishe izuba ryaka ntaco tukubujije uraja kwitoza .Le peuple niyo izoca urubanza.Kurwana amatora ataranaba bitwereka ko muzi popularite yiwe..None mwumva mutarwanya les accords et la constitution dans une hypocrisie notoire...
6 Rusama 2015, 21:12, par Rufuku Djuma
None ibwirizwa shingiro sibo baryandits bongera bararyemeza?kuki haboneka ingingo ivuguruza iyindi?kuki umunyagihugu atazi nugusoma ariwe ahasiga ubuzima?yemwe biracagorany kuko impand zose zadaditse,turindireeee!
7 Rusama 2015, 13:22, par cuma c’indarayi
aho nanje ndamushigikiye azotware nabi kurusha uko yatwaye muri 10 ans ziheze. haraho wosanga abahutu n’abatutsi inyuma ya mandate ya 3 basigaye bangana.
7 Rusama 2015, 19:16, par Moïse
Umukuru w,igihugu yokwito
za mugihmubona koyoba atarenze amategek mubona ayarenz yohagarikwa.
24 Rusama 2015, 21:31, par Pascal chiza
Umvuriza mugira mutume dusubira mwishamba kugwana abahutu mwese mugire ubwenge nkubwinzoka murabeneza ibiriko biraba.kuko peter nku.... Bavuga ngo numuhutu ariko ???? Gusa twisengere Imana.KOMERA MUTAMA WANJE RWASA tuko chonjo.