IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa :’’Ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ifuta ibwirizwa (...)

Rwasa :’’Ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ifuta ibwirizwa nshingiro’’

mercredi 6 Rusama 2015

Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga amizero y’abarundi, avuga ko ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yo kwemeza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza afise uburenganzira bwo kwitoza ku kiringo ca gatatu, ari gutembagaza ibwirizwa nshingiro.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC, Rwasa Agathon yavuze ko ivyo sentare yakoze yafuse amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi vyabonetse inyuma y’igihe kirekire.

Ku bijanye n’uko abakenguzamateka 14 bayituye batoba bari babifitiye uburenganzira, Rwasa Agathon yavuze ko ubwo burenganzira bari babufise ariko ko babikoze ukutarikwo, kuko bari kuyitura umurwi ujejwe gutegura amatora CENI umaze kuvuga ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu kurenze ibwirizwa nshingiro.

Rwasa Agathon akavuga ko bamwe mu bagize iyo sentare bemeje iyo ngingo batewe ubwoba, kuko ikivyemeza ari ihunga ry’uwahora ari icegera c’umukuru w’iyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro Charles Ndagijimana, asigura ko bisunze ingingo ya 96 y’ibwirizwa nshingiro, umukuru w’igihugu ashobora kwitoza kuko iyo ngingo yerekana ko umukuru w’igihugu atorwa n’abanyagihugu ijwi ku muntu.

Charles Ndagijimana avuga ko ibiri mu ngingo ya 96 y’ibwirizwa nshingiro bitandukanye n’ibiri mu ngingo ya 302.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nanje Ndashigikiye Pita Kuko Nanje Namutoye Rimwe Nshigaje Rindi Rimwe

  • None Ibwirizwashingiro Koritorwa Nabarundi Bose Kuki Batotubaza Uko Tuvyakira Aho Gusubiza Inyuma Igihugu. Twedusaba Amatora Ari Uwuvyemerewe Namategeko Canke Uwobavugako Atavyemerewe Nuko Bose Boja Mumatora Twe Tukabatatura. Utsinze Agatwarira Bose Uwutsinzwe Akihangana Nayo Ahandi Numva Impande Zose Zidaditse Ivyonavyo Bigakwegera Akarambaraye Twebanyaruncari Turya Duciye Ingero. Kuko Bobo Bafise Nuburyo Bwoguhunga. None Ho Mwokumvikanye Tukaja Mumatora Mugira Mutume Turyana Nkamarima Nimiswa. Twebwe Ubu Tuzoraba Ukwihangana Kwanyu.Uwanka Umurundi Amukwegera Kwanka Mwenewabo Hamwe Numubanyi Tubasabe Muhuze Umwewese Ataravye Inyungu Ziwe Ahubwo Kurukundo Akunda Abarundi.

  • UKURIKIRA UBWIJE KWELI. ARAHAVA VYANKA BIKUNDA KUKO NUMUNYAKUZIMU AKWIYE

  • Mbe ndakubaze ga Melchiade Pita yakoze iki depuis 10 ans?
    Ngomba umbarire ibintu aumoins bibiri.

  • ntibitanaje kuko niwe yayishizeho ntiyariku mucira rubi.

  • @Joe
    Ivyo yakoze vyo ni vyinshi. Bibiri tuzomwibukirako ni ibi:
    1. Ubunyonyezi butari bwaboneke.
    2. Guhonyanga ibwirizwa nshingiro

  • Ukuri Kwarahez Rwagasore Na Ndadaye Nibo bagutwaye Mugihe Bozuts Bokugarukana Nuwundi Yakuvukany Ni Mkombozi Naw baciy bamwomora!

  • Nykubahwa Rwasa wihenze cane.Ingingo ya cours constittionnelle yadusobanuriye twebwe banyarucari twumva kandi tutarwanira intebe ya president de la republique.Nshimwe DA ivyo avuze tutrabishigikiye gose.
    kandi mubandanije iyo bras de fer tuzobacamwo.Nawe wishe izuba ryaka ntaco tukubujije uraja kwitoza .Le peuple niyo izoca urubanza.Kurwana amatora ataranaba bitwereka ko muzi popularite yiwe..None mwumva mutarwanya les accords et la constitution dans une hypocrisie notoire...

  • None ibwirizwa shingiro sibo baryandits bongera bararyemeza?kuki haboneka ingingo ivuguruza iyindi?kuki umunyagihugu atazi nugusoma ariwe ahasiga ubuzima?yemwe biracagorany kuko impand zose zadaditse,turindireeee!

  • aho nanje ndamushigikiye azotware nabi kurusha uko yatwaye muri 10 ans ziheze. haraho wosanga abahutu n’abatutsi inyuma ya mandate ya 3 basigaye bangana.

  • Umukuru w,igihugu yokwito
    za mugihmubona koyoba atarenze amategek mubona ayarenz yohagarikwa.

  • Umvuriza mugira mutume dusubira mwishamba kugwana abahutu mwese mugire ubwenge nkubwinzoka murabeneza ibiriko biraba.kuko peter nku.... Bavuga ngo numuhutu ariko ???? Gusa twisengere Imana.KOMERA MUTAMA WANJE RWASA tuko chonjo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.