Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Shazi na Vumera Band bagiye kwitaba “Bahimba International Festival of (...)
Shazi na Vumera Band bagiye kwitaba “Bahimba International Festival of Arts”
mercredi 21 Myandagaro 2013
Umuririmvyi Shazi Harera n’umurwi wiwe wa Vumera Band bariko biritegurira kwitaba isabukuru y’umuziki mu gihugu ca Uganda. Iyo sabukuru « Bayimba International Festival of Arts » ikazobera i Kampara ku kigo k’imico n’akaranga hakazoba ari kw’igenekerezo rya 20 gushika 22 Nyakanga 2013.

- Shazi Harera
Umuririmvyi Shazi Harera hamwe n’umurwi wiwe Vumera Band bazokwitaba isabukuru “Bayimba International Festival of Arts” igira 6. Iyo sabukuru ikaba iba ukwo umwaka utashe i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Ukuja muri iyo sabukuru, Shazi Harera avugako yabaye ivyo yirondereye. Yabinye itangazo ryo guhamagara abazitabira iryo higanwa asanga arakwije ibisabwa hama ararungika ubutumwa bwo gusaba. Inyuma y’iminsi, abategura iryo sabukuru baraheza baramurungikira ikete rimuha uburenganzira bwo kuja muri iryo sabukuru.

- Shazi Harera
Kumwe n’umurwi wiwe wa Vumera Band, Shazi yemezako biteguriye guserukira neza Uburundi muri iryo sabukuru. Amenesha yuko bazokwerekana imico n’akaranga kirundi. Bakazoba ngo ndetse banazoshimikira mu kurata umurisho w’ingoma hamwe n’umurya w’inanga. Imyiteguro barayirembeje nkugutegura indirimbo basanganywe no kwiga uturirimbo dushasha kuko bazoba bafise iminota 45 yo kurata umuco n’akaranga kirundi imbere yabazoba bitavye iryo sabukuru.
Shazi Harera avugako iyo yitavye isabukuru ziri ku rwego mpuzamakungu aba aronse umwanya mwiza wo kumenyana n’abaririmvyi mbere n’abacuraranzi bahandi. Ivyo ngo vyongereza ubumenyi kandi ashobora no kuharonkera abashigikira ibikorwa vyiwe mu gihe baba babishimye
SENGUREBE Joël