Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Strong Voice wabiciye biracika muri Instutit Francais du Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Strong Voice wabiciye biracika muri Instutit Francais du Burundi

Strong Voice wabiciye biracika muri Instutit Francais du Burundi

samedi 23 Munyonyo 2013

Strong voice yaraye ikoze igiteramo mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura (Instutit Francais du Burundi). Vyari bitegekanijwe ko gitangura isaha imwe z’ijoro (19h), ariko caracerewe gato kuko abarorerezi batari bwashike ku bwinshi.

N’igiteramo cari gifise ubutwa ku rwaruka rw’Afrika, aho ruhamagarirwa kwitwara neza mu gukura amaboko mu mpuzu bagakora, kwirinda kunywa ibiyayura mutwe n’izindi mpanuro. Bwari mu ndirimbo zitandukanye. Strong Voice n’umurwi ugizwe n’abaririmvyi umunani aribo: Heritier, Pacifique, Reco, Vanessa, Karim, Arnold, Vava, na Patrick. Uko bari, umwe wese afise ico ajejwe mu kuvuza ibicurarangisho bitandukanye bikoreshwa mu murwi, narirya baririmba mu mudiho wa Reggea. Uwo murwi w’imisore n’inkumi zigize Strong Voice bava mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri ico kigo c’abafaransa rero bahagiriye igiteramo c’umwihariko kuko ntahandi bari bwagire igisa naco. Ku rutonde rw’indirimbo zavuzwa harimwo” Raggae Prophet”, “ukuri”, “tabara”, eka n’izindi Kugira ivyo vyose bishoboke, habayemwo ukuboko kw’ico kigo c’Abafaransa c’i Bujumbura (Instutit Francais du Burundi). Nk’uko cama cabibakoreye iyo baje mu Burundi, kirabatangariza igiteramo baba bigiye gukora, kirabaha ikibanza mu nzu y’ico kigo yagenewe ibiteramo, kikabatiza ibikoresho vy’umuziki. Strong Voice yakiriwe n’abo mu murwi Lion Story bo mu Burundi ni nawo wabakiriye n’igihe c’ubwa mbere baje mu Burundi. Strong Voice na Lion Story bagiye gukorana ibitari bike vy’umudiho wa Raggae.

JPEG - 136.2 ko
Umwe mu baririmvyi ba Strong Voice

Strong Voice n’umuwi wabonye izuba mu mwaka wa 2006 warugizwe n’abaririmvyi babiri Patric na Heritier, uratera imbere maze wugurura imyango ukwiza abaririvmyi umunani. Abo rero baramaze gukora ibitari bike, bafise urukwirikirane rw’indirimbo cumi na zine 14 bise “Umwana wa Afrika”, hari n’izindi bataraheza gukora. Ku bijanye n’ibiteramo, mu gihugu iwabo, bakoze bibiri mu mwaka wa 2012 vyatumye bamenyekana cane. “Ukuri” bayiririmbanye n’uwundi ava mu gihugu ca Belgique azwi kw’izina rya Vagabond. Batahuka mu gihugu iwabo ku w’Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.