Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > T-Max na Franck bahanura uwitwa KABURENTE mu ruririmbo rushasha (...)
T-Max na Franck bahanura uwitwa KABURENTE mu ruririmbo rushasha bakoranye
vendredi 7 Munyonyo 2014
T-Max yasohoye ururirimbo ruri mu rurimi rw’ikirundi, ivyo akaba ari ibintu bitari bimenyerewe. Kumwe na Franck G80, bariko bahanura uwitwa KABURENTE yagiye mu mahanga none yanse gusubira iwabo.

Ururirimbo "KABURENTE" rwakozwe n’abaririmvyi T-Max na Franck G80. Ubutumwa burimwo n’uko uwo bise Kaburente yagiye mu mahanga none yahezeyo. Abavyeyi bamurungitse aje kwiga asiga akokoye umuryango, none amashuri yaheze ariko Kaburente yaranse kugaruka.
Tubibutse ko T Max atamenyerewe cane mu ndirimbo zikozwe mu Kirundi, uru rushasha ruje inyuma ya "Ndabaramutsa" aho yaririmba avuga ko ari mu mahanga ariko aramutsa ab’iwabo ababwira inkumbu abafitiye. Izo ndirimbo zirafitaniye isano narirya zivuga ibijanye n’amahanga kandi zishobora kuba zifise imvo kanaka.
Umviriza impanuro T Max na Franck 80 baha KABURENTE
Cherif Nkeshimana