Tatien Sibomana:"Ntiturota tuja mu nzego zavuye mu matora atabaye mu muco"

Yanditswe na
Kuya 3 Gitugutu 2015 saa 12:18
Yasomwe : 56511
0 0

Umugambwe UPRONA ishami ritemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rirongowe na Karori Nditije, urabeshuza amakuru avuga ko abanywanyi bawo boba biteguriye kuja mu nzego zirongoye igihugu.
Uwo mugambwe wari wagiye hamwe n’umugambwe FNL urongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka Rwasa Agathon,bagira urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.
Inyuma yaho Rwasa Agathon afatiye ingingo yo kuja mu nama nshingamateka abayoboke biwe nabo bakaja muri Reta,amakuru (...)

Umugambwe UPRONA ishami ritemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rirongowe na Karori Nditije, urabeshuza amakuru avuga ko abanywanyi bawo boba biteguriye kuja mu nzego zirongoye igihugu.

Uwo mugambwe wari wagiye hamwe n’umugambwe FNL urongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka Rwasa Agathon,bagira urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Inyuma yaho Rwasa Agathon afatiye ingingo yo kuja mu nama nshingamateka abayoboke biwe nabo bakaja muri Reta,amakuru atandukanye yamenyesha ko abanywanyi ba Karori Nditije nabo boba bagiye kuja mu nzego z’igihugu harimwo n’inama nshingamateka.

Kubwa TatienSibomana umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami rirongowe na Karori Nditije,ayo makuru ni ikinyoma,avuga mbere ko ari ibihuha.

Tatien Sibomana avuga ko abadasigana bayoboka Karori Nditije batazokwigera baja mu nzego zitemewe n’amategeko,kuko zavuye mu matora atabaye mu muco.

Mwomenya ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rufise abashikiranganji batanu mu bashikiranganji 20 bagize Reta y’Uburundi.


Kumenyekanisha

1
J.Baptiste 7-10-2015 à 15:28

kubera abobagabo bamenyerey kurya bonyene kandi ibitabagoye niyompamvu inzigo ibamunga babonye abiherewe n’abenegihugu

2
fidelite 5-10-2015 à 23:27

Bazozijamwo nyene abatutsi mukunda ivyagusa,hari abaza bamaze gushika muri assemblée,mukunda inda mwa batutsi mwe ,mutanguye guhinyuka.

3
Desire 4-10-2015 à 14:00

Uko nukwibesha kwanyu naho mutoja mur’izo nzego abatsinze bazogitwara atacamira

4
Desire 4-10-2015 à 13:58

Uko nukwibesha kwanyu naho mutoja mur’izo nzego abatsinze bazogitwara atacamira

5
Desire 4-10-2015 à 13:57

Uko nukwibesha kwanyu naho mutoja mur’izo nzego abatsinze bazogitwara atacamira

6
Desire 4-10-2015 à 13:55

Uko nukwibesha kwanyu naho mutoja mur’izo nzego abatsinze bazogitwara atacamira

7
Desire 4-10-2015 à 13:48

uko nukwibesha kwanyu kuko naho mutoja mur’izo nzego abatsinze baragitwara atacamira

8
NsaBOs 4-10-2015 à 12:49

Nindeyarizibahaye arikotwebwe abarundi twarerekanye uwodushaka ko aturongora abobandi na bo bojamunzego gute badafise ibibanza

9
NsaBOs 4-10-2015 à 12:47

Nindeyarizibahaye arikotwebwe abarundi twarerekanye uwodushaka ko aturongora abobandi na bo bojamunzego gute badafise ibibanza

10
ndayisaba 4-10-2015 à 11:04

wewe nukwo bukene mbona ufise mwako ga kiosque urimwo ntiwari kwemera ugatuma uza urarya namakeya .

11
simeon hatungimana 4-10-2015 à 07:52

icoba kijanye aba uprona muri l’ETA bwoba arubukunzi bwinda hamwe nukugaya aba rundi.

12
None? 3-10-2015 à 23:04

Rekakwidoga uhisemwo kudashima gukorera mugihugu cawe ahontamuntu azogushira murubanza kukohariho abandibenewanyu bazokorera igihugucanyu nubwondabizi mwikundanda kugezanaho iyo atariwewe uhawe ayomahirwe ucubonako ni’Isi yopfumayiyubika. Ariko numvahariho naka reta kashinzwe na Babiligi karongowe na Nyangoma wogenda ukaraba ko bokwikorako mugakorana ubonako u Bubiligi nibifranga vyishicane yahora iha Uburundi yabihagaritse ubu akabariyo u Bubiligi bugiye kuzoza buraha ya reta yanyangoma yiyegertanirijemwo bamwebose baturira abarundi nabateye kudeta, nabagiye bagaba ibitero mu Burundi. Nyabuneka birya bifranga ababiligi bahorabaha uburundi nivyishicane gendamubirye ntimubirekere Nyangomawenyene.

13
junja. 3-10-2015 à 16:38

mwebwemurabarwayi.myabobanzaninde.sbibahayekonyaheze.nimurinditemyangoma.

14
Dodo 3-10-2015 à 16:07

MWIHAGARAREKO BATAMA.AGASHITSI KA KERA KAVUMBIKA UMURIRO.NTAMVURIDAHITA KANDI NTAJORO RIDACA.

15
Avec 3-10-2015 à 15:29

Akajambo kanditse mwuyumitwe wiyinkuru kvugango’ BURUNDU harihuwumbwiyeko mukirundi bakita’ AGAHERIHERI . Kubijanye nabo Biligi novugako uwugumije utwiwe nubwoyoba yariyarakubwiye kwazotuguha hanyuma akisubirako uvyontitwobipfa ! Abandinango tugiye kuzaturaryabike dutahekare ariko ntikizobiza Ku Burundi buzokuma bwitwa u Burundi bwabarundi. Tugiramahoro.

16
chomeur 3-10-2015 à 13:14

none ivyobibanza bavyihereye aba chomeur ko abo nubundi bariye kuva cera bamaze kuba abagwizatunga.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha