Accueil > Amakuru > U Bufaransa bukomeza gufasha u Burundi mubijanye n’indero
U Bufaransa bukomeza gufasha u Burundi mubijanye n’indero
lundi 28 Nzero 2013
Kuri uyu wa 29 Nzero 2013, igihugu c’U Bufaransa na Reta y’u Burundi niho baja gutera igikumu ku mfashanyo y’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’abanyaburaya bazoduha muntumbero yogushigikira ishirwa mu ngiro ya poritike y’igihugu yo kwigisha.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’u Burundi, Tabu Abdallah Manirakiza, uwujejwe amashure mato mato, ayisumbuye, ay’imyuga no kwigisha gusoma no kwandika, Sévérin Buzingo, nibo bazoserukira igihugu cacu. Ku ruhande rw’U Bufaransa akaba ari Jean Lamy aserukira ico gihugu m’u Burundi hamwe na Yves Terracol, umuyobozi wa AFD, Agence française de sécurité.
Itangazo ry’ubuserukizi bw’U Bufaransa mu Burundi rimenyesha ko ayo mahera azofasha cane cane ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye mugushiraho poritike yo guteza imbere ibijanye no guha inyigisho z’akanovera abanyeshure bose.
Kuva mu mwaka 2008, abagiraneza bagomba guteza imbere indero mu Burundi bacisha amahera muri ico kigega rusangi (Fonds commun de l’éducation). Hariho nka UNICEF, AFD, Belgique na Norvège. Ikoreshwa ryamahera abonetse rikaba rikwirikiranirwa hamwe n’ubwo bushikiranganji be n’ababa batanze amahera.
Muri uwu mwaka ico kigega kikaba gitegekanya amahera angana n’imiriyoni cumi na zitanu n’igice z’abanyaburaya, zingana n’imiriyaridi mirongo 31 z’amarundi. Ayo mahera akazonafasha no mu mugambi wo guhereza amashure mato mato mu mwaka w’icenda.
René Dieudonné Kamaro